
Ikigo citiriwe umweranda Kizito c’i Bujumbura citaho abana bagendana ubumuga carahimbaje umusi mukuru w’umuvunyi waco, ku w’Imana igenekerezo rya 21 Ruheshi 2026. Ivyo birori vyari vyatewe iteka na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura.
Imigirwa
ibiri nyamukuru ni yo yaranze ivyo birori: ihimbazwa ry'uwo muvunyi, be
n'itangwa ry'amasakramentu y'ibatisimu ku bakuze bo muri ico kigo bashimye
kwinjira mu muryango w'abemera, urusangi rwa mbere be n'ugukomezwa muri
Mutima-Mweranda.

Nyenicubahiro
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yarakengurutse ubutumire bwo kuza gusangira
akanyamuneza n’abana babungabungiwe muri ico kigo, avuga ko kugenda muri ico
kigo kubashigikira bimutera akanyamuneza, kuko ngo ukuntu berekana ubushobozi
mu bumuga bwabo vyongerereza abakomeye kugirira icizere ubuzima.
Yagize
ati: «Kuza ngaha, nk’uko intumwa ya Papa yabivuze, uca uharonka akanyamuneza
kadasanzwe.» Iyo ntumwa ya Papa yavuga ni iyiri aho yaheruka mu Burundi,
Nyenicubahiro cane Cardinal TAGLE Luis Antonio, arongoye igisata c’ukumenyesha
hose inkuru nziza mu bihe vya mbere hamwe n’amadiyoseze mashasha.

Umwepiskopi
mukuru w’i Bujumbura akaba yaboneyeho gusezeranira gukurikiranira hafi umuhango
abo bana bahawe n’intumwa idasanzwe ya Papa mu Burundi. Aha tukabibutsa ko hejuru
y'uwo muhango hariho n'imfashanyo iyo ntumwa ya Papa yasize agenye ko abo bana
bohabwa, bakaba baheruka kuyishikirizwa n'umuserukizi wa Papa mu Burundi,
Musenyeri Dieudonne Datonou, hari ku wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ruheshi
2026, ku musi mukuru w'umushaha utatyoye wa Bikira Mariya.
Musenyeri
Gerevazi Banshimiyubusa yasozereye asaba abo bana kwiga neza, kwitwararika
indero nziza baronkera muri ico kigo, anabaremesha ko mu misi iri imbere isi izoba
bibahanze amaso, kuko ngo ata nkeka ko Imana ifise ico iriko irabategurira
kandi kimeze neza kandi kizogirira akamaro Ekleziya igihugu n’isi.

Mwomenya
kandi ko mu guhimbaza uwo musi mukuru w'umuvunyi w'ikigo citiriwe umweranda
Kizito, hariho abashimiwe vy'umwihariko ku ruhara nta ngere bafise mu gufasha
abana bagendana ubumuga babungabungirwa muri ico kigo, abo na bo bakaba ari
ishirahamwe Aktion Bujumbura, vy'umwihariko umupfasoni Ursula Hartman, ayoboye
ibikorwa muri iryo shirahamwe.
Abandi
bashimiwe ni ivuriro Tanganyika Hospital Care (ku bikorwa vyaryo vyo kuvura mu
buryo bwo kubaga abana bagendana ubumuga baba baryituye), hatibagiwe n'urunani
rw'abagenzi n'abigeze gufashwa n'ikigo citiriwe umweranda Kizito ubu
bibeshejeho.
Michel
Nibitanga, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.» Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»