
Kuri uyu wa
gatandatu igenekerezo rya 27 Ruheshi,2026 muri Paruwase Kamenge, mu Nkuka y’Imisa
yatanguye igihe c’isaha zine z’igitondo irongowe n’umukuru w’umuryango mu
Burundi, Patiri Emmanuel Bwalande Mushagalusa, imisore mirongo ibiri n’itandatu
yo mu muryango w’abamisiyonari b’abasaveriyano yarashikirije indagano zabo za
mbere.

Mu nsiguro
yatanze, Patiri Emmanuel Bwalande Mushagalusa ,yaragarutse cane ku
karangamutima k’uwo muryango yisunze ubuzima bw’umuvunyi wabo ari nawe yatanguje
uwo muryango,Umweranda Guido Maria Conforti, aho yatumiriye iyo misore kugira
umutima wo kumenyesha inkuru nziza kw’isi yose. Yababwiye kandi ko bahamagariwe
kugendera izo ndagano mu kwigenza neza no mu kugamburuka , ukwubaha, ubwenentegerwa
, ubworo n’izindi ngeso nziza ziranga umwana w’Imana.

Iyo nyigisho
irangiye iyo misore yaciye igira indagano yisunze imigirwa y’ingene bagira
indagano aho bazigira bashize amaboko mu biganza vyiwe.
Mu mwanya w’amashikanwa barashikanye ibimenyetso bitandukanye biranga umumisiyonari arivyo: Itara, Bibiliya nyeranda, Inkoni,Ibirato, Umubumbe w’isi n’ibindi...
Inkuka y’imisa irangiye ibirori vya bandanirije mu nyubakwa ya Paruwase mu ntumbero yo kwiginana.
Pièrre Nduwayezu,
Paruwase Kamenge
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.» Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»