
Kw’igenekerezo rya 11/Ndamukiza/2026, Muri Paruwase yaragijwe kristu Mwami yo mu Gatabo kw’ishure Tabariro rya mubuga, Patiri Furera Marius NSAVYIMANA wo mu muryango w’abafurera b’abakalume, niho yahereza Imisa y’umukwanguroÂ

Kari  akanyamuneza kadasanzwe ku ba Kristu
ba Paruwase Gatabo Munanira no ku bashitsi bari bitavye ivyo birori,  murabo  twovuga nk’uwurongoye umuryango w’abacalume
muri Diyoseze Nkuru ya Gitega, ari na ho Patiri Marius asanzwe aranguriramwo
ubutumwa, Musitanteri wa Komine Kiganda, Abasaseredoti ba Paruwase ya Munanira
iheruka y’ibarutse Paruwase Gatabo, abasaseredoti b’imvukira za
Paruwase Gatabo, imvukira za Paruwase Gatabo,Â
n’abakristu isinzi ba Paruwase Gatabo na Munanira bari baje
kumushigikira.
Inkuka y’Imisa isohotse, kabaye akaryo ko gusangira amasaka no kwinovora ivyiza Umukama adahengeshanya ku bagabira mu kubaronsa abasukurira igihugu ceranda c’Imana.Â

Patiri Furera Marius yarakengurukiye abamureze n’abamufashije kugira
ashikire iryo banga, akabasaba ko bobandanya bamushigikiza igisabisho. Abafashe
amajambo bose n’abakristu, baramukeje na
rirya muri Paruwase Gatabo, ariwe musaseredoti wa mbere wo mw’uyo muryango
w’abacalume baronse.
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.»  Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»