
kuri uyu w’Imana iginekerezo rya 5 Mukakaro 2026 kw’ishure
tabariro rya Gishingano ni muri Paruwase yitiriwe Umweranda Guido Maria
Conforti yo mu Kamenge, Umugwi w’abaririmbiramana witiriwe Mukiza Mweranda warahimbaje
Yubile y'imyaka 50 uwo mugwi umaze utanguye ubutumwa kuri iryo shure rya
Gishingano.

Mu nsiguro Patiri Rénovat yahamagariye abari aho kurangwa
n’ubwitonzi bakirinda kwigira abanyabwenge ahubwo bakicisha bugufi bivuye ku
mutima. Yatumiriye iyo Chorale yariko ihimbaza Yubile y’Imyaka 50 kwama
bagenzwa na Mutima Mweranda kanatsinda ngo Umukristu nyawe atangura umusi
abanje kuwuragiza Mutima Mweranda.

Yarongeye kandi abibutsa ubutumwa bafise aho yabasavye
gukora ubutumwa bwo kuririmba neza bakirinda kamere z’umubiri ahubwo imbere yo
kwumva ko ugiye kuririmbira Imana wobanza ukumva ko ugiye gusenga kwanza. Yaciye
ababwira ko kurya bambara bagashaza ku mubiri baje kuririmba bokwitwararika no
kuza bararirimba bashajije no ku mutima.
Mu mwanya w’amashikanwa iyo Chorale yarashikaniye Imana mu
ntumbero yo gusangira na bantahonikora, bongera barashikana n’itabernakuro
nshinsha nziza y’akaroruhure aho bayishikirije umusaserdoti w’Umukama.
Inkuka y’imisa irangiye baciye babandaniriza mu nyubakwa
y’imisi mikuru mu ntumbero yo kwiginana aho baronse n’akaryo ko kuyaga kahise
kuwo mugwi kuva utangura gushika ubu.
Mw’ijambo rya Patiri Renovat yari yaserukiye Patiri mukuru
wa Paruwase Kamenge eka nawe yarakeje cane uwo murwi cane kuri Yubile bahimbaje
aca abasaba kutabona ko bakwije imyaka myinshi ngo bace basubira inyuma mu
butumwa ahubwo ngo borushirizaho kwitanga.
Pièrre Nduwayezu,
Paruwase Kamenge
Aleluya, aleluya.
Ese Imana, Yo Muvyeyi w’Umukama wacu Yezu Kristu
yomurikira imishaha
yacu,
kugira ngo
turimbure ukwizigira kumwe rudende
yaduhamagariye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (18, 15-20)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe n’umwe: agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugirwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye naho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango, uramuraba nk’umupagani canke nk’umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye:
ico muzoboha kw’isi cose kizoba
kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba
kibohowe no mw’ijuru.
Ndabibabwiye kandi:
abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose Dawe wo
mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye ku bw’izina ryanje,
mba ndi hagati yabo.»