
Abihebeye Imana bo mu muryango w’Abadominikano, ku wa Gatandatu igenekerezo rya 08 Myandagaro 2026 biriwe mu musi mukuru wo guhimbaza umuvunyi wabo, umweranda Dominiko. Karabaye kandi n’akaryo ko guhimbaza amayubile y’ubusaserdoti busuku ku bafurera babiri bo muri uwo muryango, be n’abandi batatu batiwe mu busaserdoti busuku, be n’abandi bashasha binjiye muri uwo muryango bagize indagano.
Ibirori vyabereye mu kigo c’uwo muryango kiri mu Kinanira-IV, bihagarariwe na Nyenicubahiro Musenyeri Emmanuel Ntakarutimana, umufurera w’umudominikano akaba n’Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bubanza, yari yaserukiye Umwepiskopi w’i Bujumbura yari yafatiriwe n’ubundi butumwa.

Abatiwe mu busaserdoti ni Furera Silas Nizigiyimana wo muri Paruwase Munanira, Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, na Furera Emmanuel-Noel Nsanzerugeze-Nsanzurwimo wo muri Paruwase Cibitoke, Diyoseze Bubanza, na Furera Prime Nsavyimana wo muri Paruwase ya Rubungu, Diyoseze ya Ngozi. Abafurera bashasha binjiye muri uwo muryango ni Furera Audace Kwizera na Furera Frédéric Ndengeyingoma.
Abahimbaje amayuble y’ubusaserdoti busuku ni Furera Liboire Kagabo, umusaserdoti wa mbere muri uwo muryango mu ntara y’ubutumwa y’Uburundi n’Urwanda, yahimbaje yubile y’imyaka 50, na Furera Symphorien Ntibagirirwa, umukuru w’umubano w’i Bujumbura witiriwe umweranda Tomasi w’i Aquino
Ku bwa Musenyeri Emmanuel Ntakarutimana, ngo nko mu gihe ca Dominika mweranda, biraboneka ko inyota yo kumenya ukuri no kukugendera iri mu biranga isi y'ubu. Yagize ati: «Turabona mu bantu umwete mwinshi wo kurondera ukuri, wo gusenga, hamwe n'uwo gutunganya ingendo nyerand n'ibikorane».
Yongeye yibutsa ko amahindagu menshi muri ino myaka nko mu gihe ca Dominiko mweranda, be n'igwirirana ry'amashengero n'amadini menshi ritanga amasabamana menshi atandukanye atumbera inzira imwe; ugufashanya kwa kera kwahindutse, kutagisa n'ukwo ba sogokuru babayemwo; ubworo bw'ubwoko butandukanye bukagenda bufata benshi; igwirirana ry'ibisagara risaba ko abantu bitunganya bushasha ngo abantu biyungunganye mu mibereho; atibagiye ubuhinga bushasha bwo guhanahana amakuru, ubutumwa butandukanye n'amafaranga bigenda bikwegera abantu mu nyifato nshasha.

Musenyeri Emmanuel Ntakarutimana yamenyesheje ko muri ivyo vyose, n'ubwo haba harimwo ivyiza bishobora gufasha mw'iterambere runtu, ariko hariho n'ibindi bimwe bimwe usanga bidahesha icubahiro Imana ngo bishingire ku karanga runtu gahuye n'ako abantu bahamagarirwa muri Bibiliya nyeranda.
Uwo Mwepiskopi abona ko mu gihe ca none, ugutahura umuntu n'akarangamutima kiwe bica bikenera insiguro nshasha, kandi ko n'ukuntu abantu batahura Imana n'ikibanza bayiha bica biba ivy'ugusubira kwitondera; inyifato y'abantu n'imigenzo yabo bigenda bigenda bifata intumbero itari imenyerewe canke ba sogokuru batari baratureresheje.
Rero ngo isi Yezu ariko ararungikamwo abatumwa b'ubu, n'izo ntore zari ziramutse zigira indagano, be n'abo bagira batirwe mu busaserdoti busuku, iyo abari baramutse bahimbaza amayubile babayemwo imyaka yose y'ubutumwa irenganye, iyi si abantu barimwo bose ariko iguma ihindura vyinshi igasaba kwama bariko bararaba ukundi ukuntu ijambo ry'Imana rimurikira abantu, igafasha ka gatima-mpanuzi Imana yabaremanye, ngo birakenewe ko baguma biyumvira ukundi ukuntu Ijambo ry'Imana ryoshikirizwa, rikaguma ari Inkuru Nziza no ku bantu bo muri kino gihe.
Ku musi mukuru nk'uwo rero wo guhimbaza ibanga ry'ubusaserdoti n'ubwiza bwo kugumya ibanga ry'ukwihebera Imana imyaka n'iyindi ngo abatowe bahamagarirwa gusubira kunagura muri bo isezerano Imana yagiriraniye na bo muri Yezu Kristu, bakarishira mu ngiro mu buzima bwabo no mu vyo babamwo.
Hejuru y'iyo nyigisho, uwo Mwepiskopi yongeyeko ko ukunagura iryo sezerano bituma bahinduka, bakaba abantu bagendera mu butungane no mu kuri, bategerezwa kwitanaho mu ngabirano zidasa umwe umwe afise, kandi zigenewe gufasha kwubaka umuryango w'abana b'Imana, gutyo bakaba bakiriye ibanga ryo gufasha ba magara make; kuvugira abatakigira aho bavugira; guhoza abaruhijwe, abarwaye n'abihebuye; guharanira ubutungane no kwubahiriza agateka ka zina muntu; kwitaho aboro ngo na bo bumve inkuru nziza mu buzima bwabo; kuremesha ababoshwe n'ingoyi z'ubwoko bwinshi ngo na bo bagarukane umutima mu nda kandi agateka kabo kubahirizwe; gufasha abafashwe n'uruhumyi rw'ubwoko butandukanye ngo na bo bagendere ahabona.
Ku bwa Furera Liboire Kagabo,
umukurambere mu basaserdoti b’abadominikano bo mu Burundi, yahimbaje yubile y’imyaka
50 amaze yatiwe mu busaserdoti busuku, ngo uwubonye akwije iyo myaka yose
ntiyobura gukengurukira Imana, yo yahamushikanye, kuko ngo ni yo yonyene ifasha
umuntu kugumya ibanga yamutoreye no kurangura ubutumwa Ekleziya imushinga.
Yagize ati: «N’ubwo nkuze, jewe mbandanya ndi ku butumwa bw’Imana, ico Imana
izontuma iciye ku bakuru b’umuryango na Ekleziya ni co nzokora».
Na ho ukurambira mu muhamagaro nk’uko
bisigurwa n’uwo mukurambere mu basaserdoti b’abadominikano bo mu Burundi, ngo
ahanini ni ku bw’inema y’Imana, n’ubwo hariho indero umuntu akura mu muryango
no mu mashure imufasha kumenya ingene atumbereza ibintu n’ibindi. Indero ngo ni
ikintu gihambaye ku muntu ngo ashobore kwigenza neza mu buzima.

Umuryango w’abadominikano, nk’uko
bivugwa na Furera Liboire Kagabo, ni umuryango wisunga umweranda Dominiko wa
Guzmán, umusaserdoti w’umunya Espanye, yashinze uwo muryango mu ntango z’ikinjana
ca XIII (mu mwaka w’1215). Akarangabutumwa k’abadominikano ni ukumenyekanisha
Inkuru Nziza no kwigisha ukwemera kwa Ekleziya Katolika, bisunze ukurondera
ukuri.
Ni mu gihe aho uwo muryango washingwa hariho abantu bari batanguye kwigisha ko umuntu ashobora kwigisha Inkuru Nziza
ya Kristu, ariko badakurikira Ekleziya, bakirengagiza ko iyo Ekleziya nyene ari
yo Yezu Kristu yasigaranye ijambo ryiwe. Ni ho Dominiko mweranda yaraba ingene
yobajijura, ariko kandi anabikuramwo iciyumviro ko hakwiye kubaho abantu
bazoguma bakurikirana ukuri kw’ijambo ry’Imana, ukwo kuri bakakurondeza uburyo n’ubuhinga
bwose, badaciye iruhande canke ngo babeshe abantu.
Ubuzima bw’abadominikano bushingiye ku
nkingi zine, ari zo ukwigisha ukwemera; ukurondera ubumenyi ndoramana ngo
batahure isi; ubuzima rusangi mu mibano; be n’igisabisho kigiriwe hamwe ca misi
yose. Ivyo bajejwe muri Ekleziya ni ukurondera gutahura ujambo ry’Imana,
ukwiyumvira, ukwandika, be n’ukwigisha.
Mu Burundi, abadominikano bahashitse nyezina
mu mwaka w’1974. Haje umudominikano avuye mu Rwanda, aza mu Burundi. Furera
Liboire Kagabo ni we murundi wa mbere yinjiye muri uwo muryango, yawinjiyemwo
mu mwaka w’1968 akiri umunyeshure mu Rwanda, aja kuza mu Burundi ahasanga uwo
munyarwanda. Gushika ubu, abasaserdoti b’abadominikano b’abarundi ni 11,
harimwo n’abo bari baramutse batirwa kuri uwo musi mukuru w’umuvunyi wabo. Uwo mukurambere
akaba ashima ko ubutumwa buriko burashima imizi.
Michel Nibitanga, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.» Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»