
Abakristu
barenga 1000 ba Paruwase Bukeye, inyuma y'imisi 50 bariko bararonswa inyigisho
zo kunagurwa muri Mutima-Mweranda, haraherejwe inkuka y’imisa ku bwabo yo
gusozera izo nyisho, ku wa gatandatu igenekerezo rya 5 Nyakanga 2026, ku gihe
c'isaha zine n'igice zo mu gatondo (10h30), iherezwa n’umwibutsamana
w'umuryango w'abanaguwe muri Mutima-Mweranda muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura,
Patiri Venuste Niyontore.

Ivyo
birori vyari vyatewe iteka n'abakristu banaguwe muri Mutima-Mweranda bo mu maparuwase
agize igisagara ca Bujumbura. Patiri Venuste Niyontore ati: «Nta mukristu
yobaho adafise Mutima-Mweranda.» Arongera ati: «Aka ni akaganuke Imana iduhaye
mu myaka 100 Paruwase Bukeye imaze ibayeho.»
Uwo
mwibutsamana w'umuryango w'abanaguwe muri Mutima-Mweranda yaribukije abari aho
ko Mutima-Mweranda ari yo ngabirano ya mbere ya Mana-Data, kandi ko ari isoko
ry'ubuzima. Aha uwo musaserdoti yaribukije igihe Imana yaheza kubumba umuntu
mw'ibumba mu ntango y'irema, ikamuhuha
imushiramwo impwemu z'ubuzima. Eka ngo n’igihe Yezu yasanga
abatumwa biyugaranye, uwo Mutima nyene
ni we yabahushe agira ati «Nimuronke Mutima-Mweranda!»
Patiri
Venuste Niyontore araheza agira ati: «None rero namwe nimuronke Mutima-Mweranda,
ivyari vyarumye bironke ubuzima, ivyari vyaradadaraye bisubire guhagarara,
ivyari vyarakongataye bisubire kugororoka.»

Abafashije
mu gutanga inyigisho kuri abo banaguwe muri Mutima-Mweranda barashimiwe cane na
Patiri mukuru wa Paruwase Bukeye, Patiri Clovis Nduwimana, abo banaguwe muri Mutima-Mweranda
na bo akaba yarabatekereye impanuro yo kugenda bakaba umwambiro mu bandi bakristu
ba Paruwase Bukeye.
Bamwe
mu banaguwe muri Mutima mweranda bashikirije ubukengurutsi bwabo ku babafashije
gushikira iryo teka.
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»