Igiteramo «Uguruka ukire» c’umugwi «Regina Caeli» ni ubundi buryo bwo gutumirira abarundi kwimatura kuri kahise kabi kabazingamika
Itariki: 10/09/2026Ababisomye 467 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yarashimye ko igiteramo nk'ico, mu bisanzwe cobaye ic’ukuryoherwa, cabaye riho ic'ugufasha mu buryo bw'indirimbo mu mugambi «Uguruka ukire» w'igisata ca Diyoseze c'ubutungane n’amahoro (CDJP-Bujumbura), ngo abantu bashobore kurengana kahise kabi kama kabazingira aho bari, batambuke riho baja muri kazoza keza

Umugwi w’abaririmbiramana witiriwe «Regina Caeli» wo muri Paruwase Kanyosha, wifatikanije n’igisata ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kijejwe ubutungane n’amahoro (CDJP-Bujumbura), baratunganije igiteramo cagutse citiriwe «Uguruka ukire» (Festival Uguruka ukire) ku civugo kigira kiti: «Indirimbo z’Imana mu gikorwa co kunywanisha abantu». Ico giteramo kikaba caremeshejwe ku mugoroba wo ku musi w’Imana igenekerezo rya 6 Nyakanga 2026, mu kigo ca paruwase Katedrale Regina Mundi.

Umugwi «Regina Caeli» ntiwaremesheje ico giteramo wonyene, wari waratumiye n’iyindi migwi y’abaririmbiramana yo mu maparuwase atandukanye yo mu maparuwase yo mu gisagara ca Bujumbura, aha tukaba twovuga uwitiriwe umweranda Visenti wa Paulo (Saint Vincent de Paul) wo mu Nyakabiga, be n’abaririmbiramana b’izuka (Chœur de la résurrection) bo mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge (Centre jeunes Kamenge). Iyindi mugwi yafashije mu kuremesha ico giteramo ni umugwi ndangakaranga Abagenderabuntu be n’ishirahamwe Abasuku bagenzi ba Yezu (ASAJ).

Abo bose bakaba barateramishije abari aho mu ndirimbo, intambo n’ivyese birimwo ubutumwa bwerekeye amahoro, urukundo, ukuvugana ukuri, ugusubiza hamwe n’ukurekuriranira. Ibindi vyari muri ico giteramo wari umurisho w’ingoma nʼivyese. Eka vyose vyaranguka mu rweze, umuntu abona nyene ko bihimbaye ijisho nʼugutwi.


Ntibatamvye birorera, kuko ico giteramo cari citabwe n’abantu isinzi, harimwo n’abatumire b’iteka, guhera ku Mwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, kumwe n’Umwepiskopi Mukuru w’inararibonye w’i Bujumbura nyene, Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, n’icariho gikuru cUmwepiskopi Mukuru, Musenyeri Anatole Ruberinyange.

Abandi batumire bitabiriye ico giteramo ni Patiri mukuru w’iparuwase cabereyemwo, Patiri Félix Fupi, be n’Umunyamabanga w’igisata ca Diyoseze c’ubutungane n’amahoro cafatikanije n’abo baririmbiramana b’umugwi «Regina Caeli» wari ugorobeje uremesha ico giteramo, Patiri Anicet Shumbusho, n’abandi basaserdoti batari bake bagwiriyemwo abo muri paruwase Kanyosha, kumwe n’abihebeye Imana, n’abakristu balayike isinzi bari bahishikiye. Mu ntwaro hari haje uwaserukiye Musitanteri wa komine Mukaza, umupfasoni Sylvane Bavumiragiye, ajejwe igisata cʼintwaro muri komine.

Abaririmbiramana b’uwo mugwi «Regina Caeli», mu mwambaro mwiza, bashajije, ni bo buguruye ico giteramo, ku ndirimbo «Amahoro Umukama aduhaye». Uwo mugwi waragaragaje ubuhinga ufise mu kuririmba indirimbo zinywanisha abarundi. Aha twovuga nk’indirimbo «Dutsimbataze ubumwe», «Nk’uko twese turi bamwe», «Rwanya amacakubiri», «Funiculi», n’izindi.


Ugutunganya ico giteramo vyavuye ku mugambi wagutse «Uguruka ukire» wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura uriko uraranguka mu maparuwase yose agize Diyoseze, nk’uko vyashikirijwe n’uwuyoboye uwo mugwi «Regina Caeli» w’abaririmbiramana bo mu Kanyosha, Dr Moïse Habonimana.

Uwo ayoboye uwo mugwi akaba yamenyesheje ko abo baririmbiramana, aho bumviye iciyumviro c’Umwepiskopi Mukuru, baciye bumva ko bogira ico bakoze mu guterera umuganda muri ubwo butumwa bwo kwubaka imitima yʼabakristu n’abene Burundi bose, ku bwiwe abona ko ari «ubutumwa ngirakamaro ngo abarundi bashobore gukira ibikomere bagiye baracamwo», ni kwo yavuze.

Dr Moïse Habonimana akaba ngo yiteze ko ubutumwa bwʼurukundo nʼamahoro, bw’ubumwe n’ikigongwe no gusubiza hamwe, bwoshika ku mitima y’abari ngaho. Akaba yasavye abari muri ico giteramo ko ubwo butumwa bobutahana, bugasasagara mu kibano iwabo. 

Yaravuze kandi ko ku kamaro ko kwumviriza ubutumwa nk’ubwo: ngo burashika ku mitima y’abantu rwose, bukayorosha, gutyo bakabona kwuguruka, bakayaga ivyo babitse kuva kera na rindi kandi bagendana imyaka myinshi, bigaheza bigatuma barekura, bagakira burundu.


Yarasavye ko amajambo bumvise boyagira rwabo, bakayajana aho babaye, kandi ngo bakayayaga aho baca hose. Erega ngo arashobora kubera ikiraro abatari bake.

Yarangije ashimira Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ko yemeye ko iciyumviro cabo kija mu ngiro, kandi ikabaterera ivyiyumviro ngo gikunde. Uwundi yakengurukiye ni Patiri mukuru wa Paruwase Kanyosha, kuko na we ngo yabahaye uruhusha rwo gutunganya neza ico giteramo, mbere akanabemerera ko bogikorera mu yindi paruwase.

Yarashimiye kandi na patiri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi ko yemeye ko igiteramo kibera muri paruwase arongoye. Abandi yakengurukiye ni ababafashije kuremesha ico giteramo, aho yamenyesheje ko mu kubatora bisunze ababaye aba mbere nʼaba kabiri mu giteramo «Tereza Mwiza» caheruka.


Uwaserukiye Musitanteri wa komine Mukaza, umupfasoni Sylvane Bavumiragiye, yasavye abitavye ico giteramo gutahana ubutumwa bwʼamahoro bumvise mu ndirimbo, ariko na cane cane bakayatsimbataza mu mitima yabo, bakayatwara mu rugo batahamwo, mu kibano, mbere no ku mirimo ya misi yose. Ngo bayatahanye, uburundi bwokira. Akaba yarateye intege uwo mugwi awusaba ko ico gikorwa bogikorera no mu yandi ma komine.

Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yarashimiye cane uwo mugwi wagize iciyumviro ciza, uraheza uragishira mu ngiro ubanje kumucako, aho na we yaheza akabarungika mu gisata c’ubutungane n’amahoro ca Diyoseze.

Yarabakengurukiye kandi ko barondeye abandi bofashanya kubateramisha. Ku bwiwe ngo bigaragaza ubumwe bafitaniye n’iyindi migwi. Yarakengurukiye kandi abari  mu gisata c’ubutungane n’amahoro ko baherekeje uwo mugwi ngo igiteramo mu bisanzwe cobaye ic’ukuryoherwa kibe riho igifasha gutanga mu bundi buryo inyigisho basanzwe batanga muri uno mwaka, inyigisho zibasaba kwuguruka kugira ngo bakire.

Yavuze ko ukwuguruka gutuma bakira ari ukwuguruka bugurukira uwundi mu kuri, biteguriye kumusaba imbabazi canke kumuha imbabazi, kugira ngo bashobore kurengana kahise kabi kama kariko karabazingira aho bari, gutyo bashobore gutambuka bashingura baja muri kazoza keza, kuko baba biganye Imana yama iriko irabarekurira, n’iyo bakoze ibikosa binini binini.

Mwomenyako igiteramo «Uguruka ukire» kije inyuma y’inyigisho nyinshi zatanzwe muri Diyoseze mu mugambi «Uguruka ukire». Patiri Anicet Shumbusho, ahagarariye igisata c’ubutumwa bw’ubutungane n’amahoro muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura akaba atumirira n’abandi bose bafise ingabirano zitandukanye bipfuza guterera muri uwo mugambi kugira ico bakoze. Mu gisata CDJP-Bujumbura ngo bakaba biteguriye kuzobashigikira. 

Odrade Kaze, CEDICOM

Ishimwe Don DavyBiraryoshe gose. Gutyo abarundi bokira.11/09/2026 isaha 11h32
Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya,

Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,

ndayarangure n’umutima wanje wose.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)

Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi)   7h00 (en Kirundi) 8h15 (en Français)   10h00 (en Kirundi)   12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi) 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
C. Confession
Mardi à vendredi: après la messe matinale
Mardi et Jeudi : 16h00 à 17h30 (avant la messe)
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi toute la journée
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
Chapelle Busoro: 9h00
B. Adoration
Du lundi au vendredi: de 7h00 à 19h00
Samedi: de 7h00 à 13h00
Dimanche: de 13h00 à 16h00
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 7h30 (en Kirundi), 09h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
2. PAROISSE GAHAHE
4. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 18h00
Samedi : 05h30 à 06h30
2. PAROISSE GIHOSHA
5. PAROISSE KAMENGE
Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h15 (Kiswahili),11h00,16h30
Succursale Nyabagere : 6h00, 8h00, 10h00
Succursale Muyaga: 8h00, 10h00
Succursale Winterekwa: 8h00, 10h00
Succursale Gishingano : 8h00, 10h00
Succursale Nyambuye: 8h00, 10h00
Adoration à la Paroisse
Mardi et Jeudi: de 7h00 à 18h00
6. PAROISSE KINAMA
A. Messes
Centrale: 06h00 (en Kirundi), 08h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gatunguru: 06h300 (en Kirundi), 09h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
2. PAROISSE KIVOGA TENGA
7. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
Jeudi: 16h30-17h30
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h30
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Messes de la semaine de Lundi à Samedi: 06h30-17h10
Messes dominicales: 7h30-10h00, 10h00-12h30
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 14h00
2. PAROISSE BUGARAMA
3. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15 jusqu'à 18h00
4. PAROISSE KABEZI
5. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
6. PAROISSE KIROMBWE
7. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
8. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : de 15h00 à 16h00
9. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
10. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
11. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
12. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
13. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
Messes de la semaine du Lundi à Samedi: 06h30-07h10Messes dominicales: 07h30-09h00, 10h00-11h30
B. Adoration
Jeudi : 14h00-15h00
14. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Deuxième Jeudi du mois : après la messe matinale jusqu'à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Dimanche : 7h30, 10h00
Succursale Fota: 06h30-07h30
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
5.PAROISSE GATABO
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Le premier jeudi du mois, toute la journée jusqu'à la messe de 17h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
07h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi après la messe matinale jusqu'à 17h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00-10h00, 10h30-12h00
B. Adoration
Jeudi matin: 07h15-08h15
Vendredi: 15h00-16h00
9. PAROISSE RUTONGO
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 55
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI