
Umugwi w’ubutumwa bwa Caritas wo muri
paruwase Katedrale Regina Mundi, mu ntumbero yo gusahiriza abana bo muri iyo
paruwase bo mu miryango y'amikoro make biga ngo baje barakurikirana ivyigwa neza mu mwaka w’ishure utanguye w’2026-2027,
waratanze ibikoresho vy’ishure bana bangana 60, ico gikorwa kikaba caranguwe ku
musi wa kabiri igenekerezo rya 8 Nyakanga 2026, gihagarariwe na Patiri Janvier
Nizigiyimana yaserukiye Patiri mukuru wa Paruwase.

Ibikoresho vyafashishijwe abo bana ni amakaye, amakaramu, ibikoresho vyo guca imirongo n'ivy'ugucapa, nʼabandi baronkejwe amasakoshi batwaramwo ivyo bikoresho. Jacques Nivyabandi arongoye uwo mugwi akaba yasavye abavyeyi b'abo baronse ivyo bikoresho kubikenguruka uko bingana kwose, badakwije na ho bakarondera ukundi kuntu bokwongerereza.
Abavyeyi b’abo bana barakengurutse
cane ko babafashirije abana. Umwe yagize bati: «Turashima cane ko mudufashiriza
abana; ni ukuri vyangogoye cane; muhezagirwe». Uwundi yagize ati: «jewe ndanezerewe kandi ndashima Imana
yatwiyumviriyeko; nta mikoro mazima twari dufise, ariko twabonye umuryango wa Ekleziya
utwiyumvirako».
Abana na bo barahimbawe kuko bazoja
kw’ishure bafise ibikoresho. Abo bana basabira imihezagiro umugwi Carits wa
Paruwase. Umwe yagize ati: «Numva akanyamuneza kadasanzwe.» Akaba yariyemeje ko
agiye kuzoshiramwo inguvu. Uwundi na we ati: «Sinoronka ukugene ndabashimira ku
bw’iteka muduteye; shimire aba babiduhaye; Imana ibahezagire, baronke imigisha
myinshi».

Mwomenya ko ico gikorwa cama gikorwa
uko umwaka utashe, nk'uko bimenyeshwa n'uwo arongoye umugwi wa caritas muri Paruwase Katedrale Regina Mundi, avuga ko uwo
mugwi wama witaho abana b’abanyeshure mu kubaronsa ibikoresho vy’ishure bimwe
bimwe baba bakeneye.
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»