
Nk'uko amashure yose yo mu gihugu c'Uburundi yatangura umwaka w'ishure w'2026-2027, kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14 nyakanga 2026, amwe mu mashure yo muri zone Kanyosha muri komine Mugere twasanze igisata c'amakuru ca Paruwase Kanyosha cagendeye, na yo nyene yatanguye umwaka w’ishure, aha twovuga nko kw'ishure ry'abigenga Galila, ishure nshingiro rya Kanyosha-III rikukira Ekleziya Katolika, hamwe no kw'ishure nshingiro rya Kanyosha-I.

Twaregereye abayobozi b’ayo
mashure, baraheza baratwiganira uko batanguye umwaka w'ishure. Arthémon Niyongendako,
Umuyobozi w'ishure Galila, amenyesha ko umwaka w'ishure bawutanguye neza, kandi
ko akamo umushikiranganji w'indero yateye abavyeyi, abayobozi b'indero,
abanyeshure n'abigisha, bakitabiriye ku rugero rushimishije. Agahamagarira abanyeshure
gukwirikiza impanuro bahabwa n'ubuyobozi ndetse n'abigisha baba bariko
barabigisha.
N’Umuyobozi w’ishure
nshingiro rya Kanyosha-III rikukira Ekleziya Katolika, Eugène Ngomirakiza, na we
nyene amenyesha ko umwaka w'ishure bawiteguriye neza nko mu gusiga ibibaho, gukoresha
intebe, gusanura amashure yari yarononekaye, ndetse no kugiriranira inama
n'abigisha mu ntumbero yo kwitegurira neza umwaka w'ishure.
Ariko n'aho biri ukwo, ngo barafise
ikibazo c'ubukene bw'ibitabu mfashanyigisho vyo mu mwaka w'umunani no mu mwaka
w’icenda, hamwe n'ubukene bw'abigisha b'abakutsakivi.

Eka n’Umuyobozi w'ishure shingiro
rya Kanyosha-I, Egide Nshimirimana, amenyesha ko umwaka w'ishure watanguye neza.
Ku musi wo gutangura umwaka w’ishure, abigisha barezi ngo bari batonze ku rugero
rushimishije. Mbere n'abanyeshure bari bitavye akamo batewe n'Umushikiranganji
w'indero.
Yarongeye amenyesha ko
umwaka w'ishure bawutanguranye ubukene bw'intebe hamwe n’ubw'ibitabu mu mashure
y'igice ca kane c'ishure shingiro. Akaba yahamagariye abanyeshure gukurikirana
ivyigwa, biteho kuzinduka ku mashure. Abigisha barezi na bo abasaba kuguma hafi
y'abanyeshure ngo babatere intege.
Tubamenyeshe ko umwaka
w'ishure w'2026-2027 wuguruwe icese n'Umushikaranganji w'indero François
Havyarimana, akaba yawugururiye kw'ishure CFP Bisinde riri muri komine
Butangazwa, mu ntara ya Buhumuza.
Stany Ndayishimiye, Paruwase
Kanyosha
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»