Mw’iyugururwa ry’umwaka w'ubutumwa w'2026-2027 wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura hashizwe imbere umugambi wa Kaminuza Katolika y’i Burundi
Itariki: 22/09/2026Ababisomye 467 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Uwo mwaka w’ubutumwa wuguruwe ku civugo kigira kiti: «Dukomeze Ekleziya-muryango mu kugira isangiramutima, no mu kuronderera hamwe iterambere runtu, ryuzuye kandi ryibuka abandi», hakaba ari no muri iyo ntumbero nyene umugambi washizwe imbere ari uwa Kaminuza Katolika uzotanguzwa vuha ngaha i Bujumbura

Umwaka mushasha w'ubutumwa waruguruwe icese muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, uw'2026 ushira uw’2027. Wuguruwe ku wa gatandatu igenekerezo rya 19 Nyakanga 2026, kuri Paruwase mvyeyi ya Diyoseze, Katedrale Regina Mundi, ubwahuro bukaba bwatanzwe n’Umwepiskopi mukuru w'iyo Diyoseze, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa. Kabaye n’akaryo ko guhimbaza isabukuru yʼimyaka 26 Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa amaze yatiwe mw'ibanga ry'ubwepiskopi.

Ivyo birori vyari vyitabiriwe n’abanyamuryango wa Diyoseze isinzi baje baserukira abandi mu mibano y’abasaserdoti, iy’abihebeye Imana be n’abalayike bafise ubutumwa mu maparuwase no mu bisata bitandukanye vy’ubutumwa bwa Diyoseze. Vyari vyatewe iteka kandi n’indongozi mu buzima bw’igihugu c’Uburundi ku nzego zo hejuru, harimwo icegera c’Umukuru w’igihugu, Prosper Bazombanza, ari kumwe n’umutambukanyi wiwe. Eka hariho n’amashengero yari yateye iteka ivyo birori, nk’ishengero rya Anglikani ryari ryaserukiwe ku rwego rwa Diyoseze Nkuru yaryo ya Bujumbura.


Umwepiskopi Mukuru w’i Bujumbura yamenyesheje ko uwu mwaka w’ubutumwa yuguruye ari umwaka udasanzwe mu ndinganizo y’ubutumwa bwa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kuko ari umwaka usozera urugendo rw’imyaka itanu Diyoseze imaze abanyamuryango bayo barangura ubutumwa babanje kuburinganiza mu ndinganizo yitwa «Plan quinquennal» yo kuburangura bisunze intumbero nkuru ya Diyoseze yabo, ivyo umwo Mwepiskopi ashima cane.

Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yabanje kwibutsa ivyivugo vyagiye biraranga iyindi myaka iheze, bishingiye ku kwubaka Ekleziya muryango, hanyuma ku kuyikomeza mu buryo butandukanye, maze umukristu wese akumva ko afise ikibanza n’uruhara muri Ekleziya-muryango irangwa n’isangirangendo n’ugusangira ubutumwa. Yabandanije amenyesha ko uburyo bw’ugukomeza Ekleziya-muryango muri uyu mwaka ari mu kuronderera hamwe iterambere runtu, ryuzuye, kandi atawe ryibagira.

Ni no muri iyo ntumbero nyene yo kuronderera hamwe iterambere ryuzuye, uwo Mwepiskopi Mukuru yavuze ko hariho n'umugambi uja warashizwe imbere na Diyoseze, uwo na wo ukaba ari uwa Kaminuza Katolika y’Uburundi. Kukaba nka kwo, mu Burundi, ngo amashure akukira Ekleziya Katolika asanzwe akunzwe ku bw’inyigisho z’akanovera zihatangirwa, be n’indero runtu na rukristu ayo mashure atanga. Akaba yizeye ko muri iyo nzira nyene, n’ubu iyo kaminuza igiye gufasha mu kuzoramura indongozi zishira imbere ubuntu n’ubushobozi.



Uwo mugambi ngo urakengurukwa n’indongozi z’igihugu c’Uburundi, nk’uko vyamenyeshejwe n’icegera c’Umukuru w’ico gihugu, Prosper Bazombanza, aho yavuze ko Leta yaserukiye muri uwo musi mukuru itobura kunezerwa no kwumva uwo mugambi mwiza wa Ekleziya Katolika y’i Burundi uzanye intererano ingana ityo mw’iterambere ry’igihugu. Akaba yarateye intege iyo Ekleziya kuri uwo mugambi, na rirya na we nyene ngo abona ko ukugarukira akanovera keza mu ndero bikenewe.

Ibijanye n'iterambere ry'umuntu ni icipfuzo cari gisanzweho muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, nk’uko tubisanga mu gitabu c’inama ya mbere y'umuryango wa Diyoseze yabaye kuva mu mwaka w'2006 gushika mu w'2019, ivyapfunditswe muri iyo nama bikaba ari na vyo vyisunzwe mu gukora indinganizo y'ubutumwa bwa Diyoseze mu kiringo c'imyaka itanu, be n'ubw'amaparuwase n'ibindi bisata vy'ubutumwa bigize iyo Diyoseze, be no mu gutegekanya ku mwaka ku mwaka ibirangurwa mu mwaka w'ubutumwa kanaka.

Aho muri iyo nama ya mbere y'umuryango wa Diyoseze abanyamuryango wa Diyoseze bashiraho igisata c’iterambere, akaba ari uko ngo babonye nyene ko iterambere ry'umuntu mu mpande zose z'ubuzima rishobora gufasha cane mu bijanye no gusubiza hamwe mu mibano. Na none «iterambere» ngo ni na ryo zina rishasha ry'amahoro ryigishijwe na Papa Paulo-VI, nk'uko bigarukwako na Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa.


Umugambi wa Kaminuza Katolika rero muri iyo ntumbero ukaba na wo waja wariyumviriwe igihe kirari gito, haraheze imyaka ishika kuri 15, kuko wemejwe n'inama yose y'abepiskopi Katolika bo mu Burundi, hari mu mwaka w' 2011. Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, igomba itangurane na Campus y'i Bujumbura, ariko hariho n'izindi Diyoseze ziri mu nzira. Iyo kaminuza izoba ifise ibigo nʼibisata mu madiyoseze ya Ngozi, Muyinga, na Gitega n'aho itaravyemeza neza.

Michel Nibitanga, CEDICOM

Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya,

Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,

ndayarangure n’umutima wanje wose.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)

Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi)   7h00 (en Kirundi) 8h15 (en Français)   10h00 (en Kirundi)   12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi) 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
C. Confession
Mardi à vendredi: après la messe matinale
Mardi et Jeudi : 16h00 à 17h30 (avant la messe)
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi toute la journée
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
Chapelle Busoro: 9h00
B. Adoration
Du lundi au vendredi: de 7h00 à 19h00
Samedi: de 7h00 à 13h00
Dimanche: de 13h00 à 16h00
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 7h30 (en Kirundi), 09h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
2. PAROISSE GAHAHE
4. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 18h00
Samedi : 05h30 à 06h30
2. PAROISSE GIHOSHA
5. PAROISSE KAMENGE
Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h15 (Kiswahili),11h00,16h30
Succursale Nyabagere : 6h00, 8h00, 10h00
Succursale Muyaga: 8h00, 10h00
Succursale Winterekwa: 8h00, 10h00
Succursale Gishingano : 8h00, 10h00
Succursale Nyambuye: 8h00, 10h00
Adoration à la Paroisse
Mardi et Jeudi: de 7h00 à 18h00
6. PAROISSE KINAMA
A. Messes
Centrale: 06h00 (en Kirundi), 08h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gatunguru: 06h300 (en Kirundi), 09h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
2. PAROISSE KIVOGA TENGA
7. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
Jeudi: 16h30-17h30
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h30
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Messes de la semaine de Lundi à Samedi: 06h30-17h10
Messes dominicales: 7h30-10h00, 10h00-12h30
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 14h00
2. PAROISSE BUGARAMA
3. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15 jusqu'à 18h00
4. PAROISSE KABEZI
5. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
6. PAROISSE KIROMBWE
7. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
8. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : de 15h00 à 16h00
9. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
10. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
11. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
12. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
13. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
Messes de la semaine du Lundi à Samedi: 06h30-07h10Messes dominicales: 07h30-09h00, 10h00-11h30
B. Adoration
Jeudi : 14h00-15h00
14. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Deuxième Jeudi du mois : après la messe matinale jusqu'à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Dimanche : 7h30, 10h00
Succursale Fota: 06h30-07h30
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
5.PAROISSE GATABO
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Le premier jeudi du mois, toute la journée jusqu'à la messe de 17h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
07h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi après la messe matinale jusqu'à 17h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00-10h00, 10h30-12h00
B. Adoration
Jeudi matin: 07h15-08h15
Vendredi: 15h00-16h00
9. PAROISSE RUTONGO
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 92
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI