Inyigisho ya Nyenubweranda Papa Leon-XIV yo ku musi mpuzamakungu wahariwe ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu
Itariki: 24/09/2026Ababisomye 377 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
«Tube umwe muri Kristu, twunze ubumwe mu butumwa»

Bavukanyi! Umusi Mpuzamakungu wahariwe Ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru nziza w’uyu mwaka wa 2026 uhuriranye n’ihimbazwa ry’imyaka ijana irangiye uwo musi ushinzwe na Papa Piyo wa 11. Kuri uyu musi uhambaye muri Ekleziya, natoye icivugo: «Tube umwe muri Kristu, twunze ubumwe mu butumwa».

Inyuma y’umwaka wa Yubile, ndahamagariye Ekleziya ishashe kw’isi yose kubandanya urugendo rw’ubutumwa mu kanyamuneza n’umwete vyamuka kuri Mutima Mweranda. Ni urugendo rusaba imitima kwunga ubumwe muri Kristu, imibano y’abemera gusubiza hamwe, mbere rugasaba n’abantu bose kwitegurira gukorera hamwe mu kwitanga no mu kwizerana.

Mu kuzirikana akaranga kacu ko kuba umwe muri Kristu no mu kwunga ubumwe mu butumwa, nimureke tuyoborwe kandi tumurikirwe n’inema y’Imana. Gutyo tuzoshobora «kunagura muri twebwe umuhamagaro w’ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu». Bisubiye tuzotera iyindi 15 ntambwe mu gikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza, muri ibi «bihe bishasha vyo kuyimenyesha» mu buzima bw’Ekleziya

1. Tube umwe muri Kristu nk'uko Abigishwa-batumwa bunze ubumwe muri We na bene wabo

Ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza bushingiye ku kinyegezwa co kunywana na Kristu. Imbere y’ukubabara kwiwe, Yezu yasavye Se wiwe, ati: «Ese bose boba umwe, nk’uko wewe, Dawe, uri muri jewe nanje nkaba muri wewe, nibabe umwe muri twebwe na bo nyene» (Yohani 17,21). Aya majambo arahishura icipfuzo c’inkoramutima c’Umukama Yezu, kandi akerekana akaranga k’Ekleziya nk’umuryango w’abigishwa biwe. Na none isangiramutima rikomoka mu Butatu Bweranda, rikabeshwaho na Bwo kandi rigashingira muri Bwo, maze rigakomeza umuvukano hagati y’abantu bose n’ukubana neza n’ibiremwa vyose. (Raba inyigisho yatanzwe mu Misa ya Yubile y’Abamisiyonari n’Abimukira, ku wa 5 Gitugutu 2025)

Ubukristu ntibushingiye ku migenzo canke kuvyiyumviro. Nkako ukubaho mu bunywanyi na Kristu, ni vyo vyatwinjije mu bucuti bwa Mana Data na Mwana muri Mutima Mweranda. Ivyo bigasigura kuguma muri Kristu nka kumwe kw’amashami ku muzabibu (raba Yohani 15,4), tukinjira rwose mu buzima bw’Ubutatu Bweranda. Muri ubwo bunywanyi ni ho hava isangiramutima ry’abemera kandi ni na ho hamuka ivyamwa vyose vy’ubutumwa.

Ego cane, nk’uko tuvyigishwa n’umweranda Yohani Pawulo wa 2, «Isangiramutima ni isoko 16 rikaba n’icamwa c’ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza». Ni co gituma ubutumwa bwa mbere bw’Ekleziya ari ubwo kunagura no kuzigama ubumwe bw’umutima n’ubw’umuvukano hagati y’abanyamuryango bose.

Yamara, mu vyo tubona, haracari amatati, ukwicamwo imirwi, ukudatahurana, hamwe n’ukwinubana. Igihe ivyo bishitse mu mibano yacu, ugushingira intahe ukwemera kwacu kuragoyagoya. Ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza Yezu Kristu yasigaranye abigishwa biwe na bwo bukaba busaba, imbere ya vyose, imitima isubije hamwe kandi yipfuza kunywana mu bumwe. Muri iyo ntumbero, bizoba ngirakamaro kwongereza inguvu mu ngendo y’ukwunga ubumwe n’ayandi mashengero y’abemera Yezu Kristu, tuzofatira no ku twigoro twose tuzohabwa n’uguhimbariza hamwe imyaka 1700 irangiye habaye Inama Nkuru y’Ekleziya y’i Nise. (Raba Inyigisho yerekeye abakristu balayike, Christifideles laici, inomero 32)

Hanyuma, «kuba umwe muri Kristu» si ikintu gito. Nkako, biduhamagarira kuguma twerekeje amaso ku Mukama, kugira ngo abe ari wewe aba koko ishingiro ry’ubuzima bwacu bwite n’ubw’imibano yacu, abe ishingiro ry’ijambo ryose, igikorwa cose n’imigenderanire yacu yose. Ni ho tuzoshobora kuvuga twitangaza nka Pawulo mweranda tuti: «Ninaba ndi muzima, si jewe ndi muzima, ariko Kristu ni we ari muzima muri jewe» (Abanyagalati 2,20).

Ivyo bizoshoboka biciye mu kwama twumviriza Ijambo ryiwe hamwe n’inema dukura mu masakaramentu. Gutyo bizoduha kuba amabuye mazima 17 y’Ekleziya. Uyu musi ihamagariwe kwakira no gushitsa ivyipfuzo nyamukuru vy’Inama Nkuru ya Vatikano ya 2 hamwe n’inyigisho z’abasubirizi ba Petero baje inyuma y’iyo Nama, cane cane inyigisho za Papa Fransisiko. Kukaba nkako, nk’uko Pawulo Mweranda avyemeza, «erega ntitwigisha ibitwerekeye, ariko twigisha Yezu Kristu, ko ari we Mukama» (2Abanyakorenti 4,5).

Ni co gituma nsubiyemwo amajambo ya Pawulo wa 6 mweranda: «Ukumenyesha Inkuru Nziza gushemeye ntigushoboka mu gihe izina rya Yezu w’i Nazareti, Umwana w’Imana nzima, inyigisho, ubuzima, umuhango, amabanga y’Ubwami bwiwe bidatangajwe icese». Ingendo ibereye yo kumenyesha Inkuru Nziza itangurira mu mutima wa zina mukristu kugira ngo ishobore gushikira abantu bose. Gutyo rero, uko tuzorushirizaho kunywana muri Kristu ni ko tuzorushiriza gushitsa twese hamwe ubutumwa adushinga.

2. Twunge ubumwe mu butumwa kugira ngo isi yemere Kristu Umukama

Ubumwe bw’abigishwa ba Yezu si ihangiro ryikwiye ubwaryo. Yamara bwerekeza ku butumwa. Yezu ni we abitomora neza igihe agira ati: «Kugira ngo isi yemere ko wantumye» (Yohani 17,21). Na none, mu ntahe y’umubano usubije hamwe, urangwa n’umuvukano hamwe n’ugufashanya ni ho ukumenyesha Inkuru Nziza kuvoma ubukomezi bwose bwo gushikira no kwegera abandi. (Raba Inyigisho yerekeye kumenyesha Inkuru Nziza, Evangelii nuntiandi, inomero 22)

Muri iyo ntumbero, ni vyiza ko twibuka ijambo ngenderwako ry’umuhimbazwa Pawulo Manna, aho yagira ati: «Ekleziya yose ikore kugira ngo isi yose ihinduke». Ico ciyumviro kirasigura muri make intumbero yamutumye gushinga mu mwaka wa 1916 rwa runani rw’abasaseredoti, abihebeyimana n’abakristu balayike rwitangira ubutumwa bwo gukwiza hose Inkuru Nziza.

Muri uyu mwaka duhimbaza imyaka 110 iheze urwo runani rutanguye. Ndarushikirije ubukengurutsi n’umuhezagiro kubera igikorwa rukora co kwigisha no gukabura agatima k’ubumisiyonari mu basaseredoti, mu bihebeyimana no mu bakristu barayike, mu gushira inguvu hamwe mu kumenyesha Inkuru Nziza. Kukaba nkako, nta wabatijwe n’umwe yokwigira sindabibazwa ngo ntarabwa n’ubwo butumwa: ababatijwe bose, umwe wese bivanye n’itorwa ryiwe n’ubuzima asanzwe arimwo, barafise uruhara mu gikorwa gihambaye Kristu yashinze Ekleziya yiwe.

k’uko Papa Fransisiko yavyibukije akatari gake, kumenyesha Inkuru Nziza, cama ari igikorwa c’urunani rwa bose, c’umuryango n’igikorwa nsangizangendo. Ni co gituma tuvuga yuko kwunga ubumwe mu butumwa ari ukubungabunga no gukuza akarangamutima k’isangiramutima no kurangurira hamwe ubutumwa. Mu gutera imbere ku musi ku musi muri iyo ntumbero, dufashijwe n’inema y’Imana, turahigira kwama turaba ku buryo buvuguruye abavukanyi n’amaso y’ukwemera.

Turakengurukana akanyamuneza ineza Mutima Mweranda arangura muri umwe umwe wese, tukakira ubudasa bwacu nk’itunga, tukakirana imitwaro, maze tukama turondera igihe cose ubumwe buva ku wo mw’ijuru. Kukaba nkako, twese dusangiye ubutumwa bumwe bukomoka ku «Mukama umwe, ukwemera kumwe, ibatisimu imwe, Imana imwe ari yo Se wa bose, isumba vyose, igenza bose kandi iri muri bose» (Abanyefezi 4,5-6).

Ako karangamutima ni ko kerekana, ku musi ku musi, ico ari co kuba umwigishwa-mutumwa. Karadufasha kwama dufise intumbero itagira imbibe y’ubutumwa bw’Ekleziya bwo kumenyesha Inkuru Nziza. Karaduha kandi kwirinda gusanzaza inguvu no kwicamwo ibice – umwe ngo «jewe ndi uwa Pawulo», uwundi ati «ndi uwa Apolo» – mu bigishwa b’Umukama umwe rudende (raba 1 Abanyakorenti 1,10-12). Ukugira ubumwe mu butumwa, ntibisigura namba kumera co kimwe twese: ni uko guhuriza hamwe ingabirano zitandukanye twerekeza kw’ihangiro rimwe : kugaragaza urukundo rwa Kristu no guhamagarira umuntu wese gUhwana na We.

Ukumenyesha Inkuru Nziza biraranguka igihe cose imibano yegeranye yunganiranira, n’igihe nyene ubudasa bw’imico, bufatiye ku gisabisho na liturujiya bwiyerekana ku buryo bwuzuye kandi bunywanye neza mu kwemera kumwe. Ndateye intege rero inzego z’Ekleziya n’ibindi bisata vyose vy’abemera ngo bikomeze ako gatima k’ukunywana mu butumwa bw’Ekleziya, biteze imbere gukorera hamwe, mbere vyige n’uburyo bushasha bwoteza imbere inzira zose ziboneka zo gufashanyahamwe hagati yavyo mu butumwa no ku neza y’ubwo butumwa nyene. Ku bw’ivyo, ndashimiye cane Ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu ku ruhara ntangere vyisangije rwo guteza imbere isangirabutumwa, nk’uko naronse 20 akaryo ko kubibamwo igihe narangurira ubutumwa mu gihugu ca Peru.

Ivyo bikorwa uko ari bine – Igikorwa c’Ugukwiza hose Ukwemera, Igikorwa c’Imikangara y’Imana, Igikorwa citiriwe Petero Mweranda Umutumwa hamwe n’Urunani rw’Abasaseredoti, Abihebeyimana n’Abakristu balayike – birabandanya kurema no gukuza umutima wo gukunda ubutumwa mu bakristu, abato n’abakuze, bikongera bigakomeza urunani rw’igisabisho n’urukundo bifatanya imibano yo kw’isi yose. Birafise insiguro ikomeye kubona umuhimbazwa Paulina Mariya Jaricot yatanguje igikorwa co gukwiza hose Ukwemera, yariyumviriye, haraheze imyaka 200, urunani rw’irozari. Nkako, gushika uyu musi yegeranya isinzi ry’abemera bari mu migabane itandukanye y’isi kugira ngo basabire ubutumwa n’ivyo vyose bikenewe ngo buranguke neza.

Birabereye kandi ko twibutsa ko iciyumviro co guhimbaza umusi mpuzamakungu wo gusabira ubutumwa cavuye ng’aha nyene muri iki gikorwa ca Papa co gukwiza hose Ukwemera, maze Papa Piyo wa 11 arashinga uwo musi mu mwaka wa 1926. Intererano zegeranywa kuri uwo musi uko umwaka utashe ziraheza zigasabikanywa n’ico gikorwa kw’izina rya Papa, maze zikunganira mu vya nkenerwa bitandukanye vy’ubutumwa bw’Ekleziya.

Ivyo bikorwa vyose hamwe, uko ari bine na kimwe kimwe cose mu karanga cisangije, birabandanya kugira uruhara rudasanzwe muri Ekleziya yose. Ni ikimenyetso kizima c’ubumwe n’ubunywanyi mu butumwa bw’Ekleziya. Ni co gituma mpamagariye abantu bose gukorana n’ivyo bikorwa vya Papa n’umutima ukenguruka. 21

3. Ubutumwa bw’urukundo. Ukumenyesha, ukugendera no gusabikanya urukundo rudahemuka rw’Imana

Ni bwaba ubumwe ari ryo shingiro ry’ubutumwa, urukundo narwo ni intimatima yabwo. Inkuru Nziza duhamagariwe kumenyesha kw’isi si indoto : ni Inkuru Nziza y’urukundo rudahemuka rw’Imana yibonekeje kandi yibonekeza mw’ishusho n’ubuzima vya Yezu Kristu. Ubutumwa bw’abigishwa co kimwe n’ubutumwa bw’Ekleziya yose ni ugushishikara ubutumwa Kristu yatanguye mu bantu, muri Mutima Mweranda. Ubwo butumwa buvyarwa n’urukundo, bukabeshwaho na rwo, kandi bugashikana ku rukundo nyene.

Umukama Yezu ubwiwe nyene, muri ca gisabisho yashikiriza Se wiwe imbere yuko ababara, ariko asabira abigishwa biwe ubumwe, yasozereye agira ati: «Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka, maze urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo» (Yohani 17,26). Abatumwa barahavuye barigisha, bohejwe n’urukundo bakunzwe na Kristu kandi nabo nyene bamufitiye (raba 2 Abanyakorenti 5,14).

Mu makanda yabo, uko imyaka yagiye irakurikirana, isinzi ry’abakristu, abamaratiri, abahorwa ukwemera kwabo n’abamisiyonari baritanze kugira bamenyeshe isi urwo rukundo rw’Imana. N’uko rero, ubutumwa bw’Ekleziya bwo gukwiza hose Inkuru Nziza burabandanya buyobowe na Mutima Mweranda, Mutima w’urukundo, gushika ku muhero w’isi.

Ndakengurukiye rero ku buryo budasanzwe abamisiyonari ba none baja mu mahanga ya kure kumenyesha Kristu. Abo ni nka 22 Fransisiko Gisaveri mweranda. Barahevye igihugu c’amavukiro, imiryango yabo n’ivyo vyose bari kwubakirako ubuzima bwabo. Yamara baremeye baragenda kumenyesha Inkuru Nziza, bajana Kristu n’urukundo rwiwe mu mahanga ya kure. Akatari gake wasanga agoye, akenye, arangwamwo amatati canke afise imico ataho ihuriye n’ukwemera.

Barabandanya kwitangana akanyamuneza n’aho boba badategerwa neza kandi bakabikorana ya magara make ya muntu, kuko nanone bazi neza ko Kristu wenyene n’Inkuru Nziza yiwe ariryo tunga rikuru bashaka gusabikaniriza benewabo. Ku bw’uguhozako kwabo, barerekana ko urukundo rw’Imana rukomeye gusumba intambamyi zose. N’ubu isi iracakeneye intwari nk’izo zishingira intahe Yezu Kristu.

Tubwirizwa kugumiza ku muzirikanyi kandi tugasaba Data tudahengeshanya ngo akabure mu mibano rukristu imihamagaro mishasha y’abamisiyonari. Ese yoturonsa urwaruka n’abakuze bemera guheba vyose ngo bakurikire Kristu mu nzira y’ukumenyesha Inkuru Nziza gushika iyo isi igarukira!

Mu gutangarira abamisiyonari, ndateye akamo kadasanzwe Ekleziya yose: twese nitwifatanye na bo muri ubwo butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza biciye mu ntahe y’ubuzima dushingira Kristu, mu gisabisho no mu ntererano dushigikiza ubwo ubutumwa. Nk’uko Fransisiko w’i Asizi mweranda yabivuze, haraheze imyaka 800 yitavye Imana, « Urukundo ntirwama rwiturwa urundi ».

Nitugire rwacu icipfuzo ciwe co kwibera mu rukundo rw’Umukama twongere turukwiragize mu bandi, abari hafi n’abari kure, nk’uko yavyemeje: «Nk’uko twakunzwe, nitugaragaze urw’uwadukunze »5. Nidukaburwe kandi n’umwete wa Tereza w’Umwana Yezu mweranda yari yihaye ihangiro ryo kubandanya ubutumwa bwiwe n’inyuma y’urupfu rwiwe: «Mw’ijuru, nzokwipfuza nk’ivyo nipfuza kw’isi: gukunda Yezu n’ukumukundisha.» [Bonaventura w’i Bagnoregio mweranda, Imigani mikuru Leggenda maggiore, ikigabane IX, 1; Amasoko ya Bene Fransisiko Fonti francescane, 1161 (Raba Ikete ryandikiwe nyakwubahwa M. Bellière, ku wa 24 ruhuhuma 1897 7; Raba Inyigisho yaciye mw’ireresi yo ku musi mpuzamakungu wahariwe ubutumwa mu mwaka w’2025)]

Dushigikiwe n’izo ntahe, twese twiyemeze guterera, umwe wese afatiye ku muhamagaro wiwe no ku ngabirano yahawe, ico gikorwa c’urukundo gihambaye co kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu. Ibisabisho vyanyu hamwe n’intererano nyene ziboneka, na cane cane ku musi mpuzamakungu wahariwe ubutumwa, bizoba ngirakamaro cane mu gushikana Inkuru Nziza y’urukundo rw’Imana ku muntu wese, na cane cane abakene n’abari mu ngorane. Intererano yose, n’aho yoba ntoya, iraheza igahinduka igikorwa gihambaye c’isangirabutumwa.

Ndasubiriye gukenguruka rero bivuye ku mutima «ivyo vyose muzokora ngo mumfashe gufasha abamisiyonari bakwiragiye kw’isi». None rero, mu bunywanyi bw’umutima, nsozereye ndabahezagira kandi ndabatumirira iki gisabisho :

Dawe Mweranda, dufashe kuba umwe muri Kristu, dushinge imizi mu rukundo rwiwe runywanisha kandi rukagira ibintu bishasha. Ese abagize umuryango w’Ekleziya bose boba umwe mu butumwa, bakorohera Mutima Mweranda, bakaba intwari mu gushingira intahe Inkuru Nziza, gutyo bamenyeshe bongere bagaragaze uko bukeye uko bwije urukundo rudahemuka ukunda zina kiremwa cose.

Hezagira abamisiyonari, ubashigikire mu twigoro twabo, ubazigamire ukwizigira! Bikira Mariya, Mugabekazi w’abatumwa, herekeza igikorwa cacu co kumenyesha Inkuru Nziza mu mpande zose z’isi: tugire abaremesha amahoro, wongere uduhe kumenyesha isi yose ko Yezu Kristu ari we Muco ukiza. Amen!

Bigiriwe i Vatikano, ku wa 25 nzero, umwaka wa 2026, Umusi w’Umukama ugira 3 w’Igihe gisanzwe, umusi mukuru w’uguhinduka kwa Pawulo mweranda.

Papa Leon-XIV

Vyahinduwe mu Kirundi n’Ibiro Ndemeshabutumwa bw’Ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu Burundi. (OEuvres Pontificales missionnaires /Burundi)

Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya,

Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,

ndayarangure n’umutima wanje wose.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)

Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi)   7h00 (en Kirundi) 8h15 (en Français)   10h00 (en Kirundi)   12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi) 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
C. Confession
Mardi à vendredi: après la messe matinale
Mardi et Jeudi : 16h00 Ă  17h30 (avant la messe)
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi toute la journée
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
Chapelle Busoro: 9h00
B. Adoration
Du lundi au vendredi: de 7h00 Ă  19h00
Samedi: de 7h00 Ă  13h00
Dimanche: de 13h00 Ă  16h00
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 7h30 (en Kirundi), 09h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
2. PAROISSE GAHAHE
4. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  18h00
Samedi : 05h30 Ă  06h30
2. PAROISSE GIHOSHA
5. PAROISSE KAMENGE
Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h15 (Kiswahili),11h00,16h30
Succursale Nyabagere : 6h00, 8h00, 10h00
Succursale Muyaga: 8h00, 10h00
Succursale Winterekwa: 8h00, 10h00
Succursale Gishingano : 8h00, 10h00
Succursale Nyambuye: 8h00, 10h00
Adoration Ă  la Paroisse
Mardi et Jeudi: de 7h00 Ă  18h00
6. PAROISSE KINAMA
A. Messes
Centrale: 06h00 (en Kirundi), 08h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gatunguru: 06h300 (en Kirundi), 09h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
2. PAROISSE KIVOGA TENGA
7. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
Jeudi: 16h30-17h30
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h30
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Messes de la semaine de Lundi Ă  Samedi: 06h30-17h10
Messes dominicales: 7h30-10h00, 10h00-12h30
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  14h00
2. PAROISSE BUGARAMA
3. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15 jusqu'à 18h00
4. PAROISSE KABEZI
5. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
6. PAROISSE KIROMBWE
7. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
8. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : de 15h00 Ă  16h00
9. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
10. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
11. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
12. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
13. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
Messes de la semaine du Lundi Ă  Samedi: 06h30-07h10Messes dominicales: 07h30-09h00, 10h00-11h30
B. Adoration
Jeudi : 14h00-15h00
14. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Deuxième Jeudi du mois : après la messe matinale jusqu'à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Dimanche : 7h30, 10h00
Succursale Fota: 06h30-07h30
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
5.PAROISSE GATABO
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Le premier jeudi du mois, toute la journée jusqu'à la messe de 17h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
07h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi après la messe matinale jusqu'à 17h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00-10h00, 10h30-12h00
B. Adoration
Jeudi matin: 07h15-08h15
Vendredi: 15h00-16h00
9. PAROISSE RUTONGO
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 39
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI