
Urukino rw’umupira
w’amaguru rwa kivandimwe, ku w'Imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2026 rwarahuje
imigwi y’abaririmbiramana irangurira muri Paruwase yitiriwe umweranda Guido Maria
Conforti yo mu Kamenge, iyo migwi na yo ikaba ari umugwi «Louez l'Eternel» n’umugwi
«chemin du Christ». Hari mu ntumbero yo gukomeza ubumwe, urukundo n'umuvukano
hagati yabo.

Urwo rukino rwatanguye ku gihe c'isaha icenda (15h00), ku kibuga c'umupira w'amaguru co mu Mirango citiriwe Urukundo (stade urukundo). Urwo rukino rwaranzwe n’indero, aho bakina bahuza kandi birinda gushamirana kuri ibi na biriya. Rukaba rwarangiye ku ntsinzi y’ibitsindo 6 vy’umugwi «chemin du Christ» kuri 2 vy’umugwi Chorale Louez l'Eternel.
Inyuma y'urwo rukino
haciye haba isangiramutima hagati y’iyo migwi uko ari ibiri, ukwo gusangira
bikaba vyabandanyirije mu nyubakwa y'akarorero ya Paruwase Kamenge (au carrefour
des amis), aho abagize iyo migwi bashoboye kuyaga no gusangira ivy’Imana
yabahezagije, bongera batamba batarika mu kwiginana buzuye akanyamuneza.
Delphin Niyonzima,
Paruwase Kamenge
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»