
Bavukanyi, uko umwaka utashe kw’igenekerezo
rya 29 Nyakanga, twama duhimbaza Abamalayika bakuru: Mikaeli, Gabrieli na
Rafaeli. Muri uyu mwaka w’2026 tubahimbaza kuri uyu musi wa kabiri.
Kw’igenekerezo rya 02 Gitugutu na ho ni umusi mukuru w’Abamalayika barinzi
bacu. Ubwo abatari bake muri twebwe turibuka kwambaza abamalayika?
Tubiravye no muri Bibliya, Abamalayika
bari mu mugambi w’Imana: baguma bihweza ubuninahazwa bw’Imana, bakaba n’intumwa
z’Imana zo kumenyesha umugambi w’Imana. N’amazina yabo arabisigura neza.
Mikaeli, (Micha-El) bisigura ngo:
«Ni nde ameze nk’Imana, yo ata na kimwe yogereranywa?» Igitabu c’Ivyahishuwe
kimwerekana nk’intwazangabo iranga intsinzi y’Imana kuri sekibi. Mu bihugu
bitandukanye, amaparuwase amwe amwe, amasengero n’ibindi bibanza vyaramutoyeko
umuvunyi.
Gabrieli (Gabri-El) bisigura ngo «Imana
yarerekanye ubukomezi bwayo.» Gabrieli ni umumalayika yatumwe kuburira Bikira
Mariya inkuru nziza iheta izindi zose, ko ari we azovyara Umwana w’Imana,
umukiza w’isi. Ni we kandi yaburiye Zakariya ivuka rya Yohani Batista, integuza
y’Umukiza.
Rafaeli (Rapha-El) bisigura ngo «Imana
iratuyobora ikadukiza». Rafaeli turamubona muri Bibiliya igihe yaherekeza
Tobiya kurondera uwo bazokwubakana, yongera akiza se Tobito uruhumyi! Rafaeli ni
intumwa y’Imana ihumuriza abantu, ibasubiriza umutima mu nda mu kubaronsa ivyo
bakeneye.
Abantu batari bake kw’isi baritwa
ayo mazina. Natwe ntidutangwe kwambaza abo bamalayika ngo batugume hafi, ngo
ntitwigere twikura mu nyonga z’Imana.
Marie Rose Ngendakumana, CEDICOM
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»