
Ku cicaro ca
Ekleziya Katolika i Vatikano haraye hamenyekanishijwe icivugo ngenderwako
c'umusi mpuzamakungu ugira uwa 61 wahariwe ukumenyesha amakuru, mw'itangazo ryashizwe
ahabona n'igisata ca Ekleziya c'ukumenyesha amakuru, ku mutaga wo kuri uyu wa
kabiri igenekerezo 29 Nyakanga 2026. Iryo tangazo rikaba rimenyesha ko icivugo
Nyenubweranda Papa Léon XIV yatoye gishingiye ku kwiyubara mu bihe vy’inkuru
zigira ibihambaye ibitari vyo, ivyo bise «clickbait» mu congereza canke «piège
à clics » mu gifaransa.
Uwo Mwungere
wa Ekleziya kw'isi akaboneraho gusaba abantu kutihutira kunebagura abandi no
kubakumira no kubacira umukenke bafatiye ku bibandikwako, ahubwo «bagashira
imbere ubushishozi» mu gusoma ibibavugwako.
Ijambo «clickbait» mu congereza canke «piège à clics» mu
gifaransa risigura «inkuru zigira ibihambaye ibitari vyo canke zikakamisha
ibintu ku rugero rurengeye ukuntu biba vyabaye.» Bene izi nkuru tuzisanga cane
cane ku mihora ngurukanabumenyi imwe imwe y'abandika inkuru bashikuza.
Usanga ziba zifise umutwe w'amajambo canke amasanamu
y'indenzarugero, ahomeka inyifato ku muntu canke ku mugwi w'abantu kanaka,
canke mbere izo nkuru zikaba zuzuye ubwangushi gusa, ata kindi zakorewe atari
uguhababura abantu ngo bihutire gufyonda ku kararo kinjiza mw'ido n'ido, ico
bita «cliquer» mu mvugo y'abakoresha ubuhinga ngurukanabumenyi. Ziba zifise
amajambo ahinyanyuye, atera inyota yo kumenya ibivugwa muri iyo nkuru, ariko
wamara gufyonda kuri utwo turaro ugasanga nta kirimwo, canke ibivugwayo ari
ibintu bisanzwe cane, bitishura ku co umutwe w'inkuru canke intangamarara yari
yagusezeraniye.
Tugarutse kuri iryo tangazo rero ryaraye rimenyeshejwe
amezi make imbere y'ubutumwa bw'icese bw'Umusi mpuzamakungu wahariwe
ukumenyesha amakuru buzosohoka ku musi mukuru w'umweranda Fransisko w'i Sales,
umuvunyi w'abamenyeshamakuru n'abanditsi, uzohimbazwa ku wa 24 Nzero 2027, iryo
tangazo rimenyesha ko «ukwiyubara mu muvuduko umuntu aba arimwo wo gukurikirana
ivyandikwa ku mbuga ngurukanabumenyi bifise ico bihindura ku rugero umuntu aba
yari gushikanako mukwakira ubumenyi akura kuri izo mbuga, ariko kandi no mu
bwimbike bw'ibiyago tugiriranira n'abandi».
Muri iryo tangazo, tukaba dusabwa guhindura uburyo
duhanahana amakuru iyo duhuye n'uwundi, tukamwakirana umutima wiyubara ha
kwihutira kumunebagura no kumucira umukenke. Iryo tangazo rigira riti: «Duhamagariwe
kurabisha abandi amaso y'urukundo n'umwitwarariko, ni ho tuzoshobora kubona isi
na bene wacu canke na twebwe nyene ubwacu nk'uko Kristu atubona, akaduhamagara
mw'izina nk'uwudukunda nyene. Uguhanahana amakuru n'abandi bihinduka mu gihe
duhisemwo kwerekeza ku bandi indabo ibasanganira, ha kubacira urubanza».
Iryo tangazo rirerekana ukutishimira ingendo y'«ukujana
nyabahururu kwibonekeza ku bakurikirana imbuga ngurukanabumenyi, aho usanga
baca bishurana agashavu ku vyo basoma, canke bakerekana ubucuti bugoyagoya,
bihutira kunebagura no kubatererana, mu gihe ahubwo ukwiyumanganya ari uburyo
bushemeye bwo kwerekana ubugwaneza, ukwiyugururira uwundi n'ugushaka kumenya
ukuri ku bimuvugwako. Twovyita ko ari uguhanahana amakuru rukristu, ingabirano
tuvoma kwa Yezu, we yabona vyose kandi akareka bakamukorako».
Iryo tangazo rigatumirira abantu gutosora ivy'ukwugurukira
abandi mu guhanahana amakuru muri iki gihe ca «clickbait». Kukaba nka kwo,
uguhanahana amakuru ntikugarukira ku gutangaza amajambo gusa, ahubwo kurinjira
mu bumuntu bw'umuntu wese yuzuye, kandi bikadutumirira mu bunywanyi na we, haba
mu ndabo, mu kwumvirizanya no mu kwumviriza akamotera kiwe, ni ho duheza tukagendera
dutyo umuhamagaro wa Kristu.
Vyasomwe na Michel Nibitanga, CEDICOM
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»