
Bavukanyi, twibukanye ko twatanguye ukwezi kwa
Gitugutu kwahariwe Irozari. Ekleziya yarashimye kudutorera ukwezi kwa Gitugutu
ngo tuguharire Umuvyeyi Bikira Mariya mu buryo busumbirije. Muri uku kwezi,
Ekleziya idutumirira cane cane kwambaza Imana duciye kuri Bikira Mariya, mu
gisabisho c’Irozari.
Muri ico gisabisho turazirikana amabanga y’icungurwa
ryacu, na ryo rikaba rifatiye ku vyaranze ubuzima bwa Yezu. I Fatima, n’ahandi
hose Bikira Mariya yabonetse, adusaba kuvuga ico gisabisho imisi yose, na vyo
bikadufasha kwubaha Yezu na Nyina wiwe.
Aberanda batari bake babayeho mu bunywanyi budasanzwe
hamwe na Bikira Mariya, bamwe muri bo barashikirije ico bemera kuri uwo Muvyeyi
no ku masabo yiwe. Ishapule iradukirurutsa, itwerekeza kwa Yezu; iratyorora
imitima yacu, ikadushikana ku ntsinzi; iduha inema nyinshi zo gutsinda ingeso
mbi, ikatunywanisha n’Imana n’abantu; turaharonkera n’imigisha y’ubwoko bwose.
None bavukanyi, twogira inyifato iyihe mu kuvuga
igisabisho c’Irozari muri iki gihe turimwo? Twokwirinda kuvuga amakosa; rimwe
rimwe arateba agacika akamenyero. Twame tuyivuga dufise intumbero, tubona inema
dukeneye gusaba, ingeso mbi dushaka guheba, n’ingeso nziza dushaka kwigana.
Ntituvuge ishapule nk’itegeko, ngo tuyifate nk’umuzigo
twiremetse, ahubwo nituyivugane akanyamuneza, tuyifate nk’ikiyago c’umutima
tugirana n’Imana duciye kuri Bikira Mariya. Ugusoma ishapule tutazirikana,
turandagata canke tumira amajambo, nta vyamwa bituzanira, nta bweranda
bidushikanako. Umurongo umwe w’ishapule uvuzwe neza uruta ibihumbi vy’amarozari
arandagase!
Ico gisabisho kirusha vyose guhimbara Bikira Mariya.
Iyo Ekleziya canke umuntu ari mu kaga, urikora kuri ico gisabisho kandi
kirafasha. Papa Pio-IX ni we yavuze ati: «Abitwaje Irozari basumvya ubukomezi
abitwaje icumu.»
Bavukanyi, natwe tugire umwete mu kuvuga ico gisabisho
c’Irozari twambaza Umuvyeyi wacu Bikira Mariya ngo atuvugire ku Mwana wiwe Yezu
Kristu mu biduhanamiye, kugira ngo tuharonkere akoyoko k’imitima yacu.
Marie Rose Ngendakumana, CEDICOM
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»