Mu muryango w’aba Annonciades mu Burundi, abagize indagano basabwa kwihereza Imana ngo ntibisange mu mayira abiri
Itariki: 07/10/2026Ababisomye 2029 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi mukuru w’i Bujumbura yahagarariye izo ndagano, yababwiye abo babikira bashasha ko mu kwinjira muri iryo banga ry’ukwihebera iyo Mana babwirizwa kuyihereza bwa nkuka ngo ibahindure, gutyo bashobore kubera ibanga batorewe

Umuryango w’ababikira b’aba Annonciades b’i Heverlee waragize akanyamuneza muri Paruwase Jenda, ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 3 Gitugutu 2026, aho bari baramutse bigina ababikira batanu bashasha bagize indagano za mbere, be n’abandi batanu bagize indagano za burundu, mu nkuka y’imisa yari irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi mukuru w’i Bujumbura, ari kumwe na Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, Umwepiskopi mukuru w’inararibonye wa Diyoseze.


«Mubwirizwa kuba imperezwa z’Imana»

Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yararemesheje abo babikira bashasha ko ibanga ry’ukwihebera Imana ari ibanga rishemeye cane kandi rishoboka. Yarongeye ababwira ko mu kwinjira muri iryo banga ry’ukwihebera iyo Mana, ko babwirizwa kuyihereza ngo ibahindure, gutyo bashobore kubera ibanga batorewe. Yagize ati: «Ni mwebwe uyu musi mubwirizwa kuba imperezwa z’Imana.»

Kukaba nka kwo, abo babikira, ngo bisaba kuba biteguriye «gupfa» ku buzima bahoramwo, rimwe na rimwe ngo «bakabambwa no ku Musalaba», bakabamba ingeso mbi, gutyo bakihereza Imana bwa mbagwa nzima kandi nyeranda, ishika Imana ku nyota.

Igituma baheba ubuzima abandi bose bihereza

Ivyo ngo bibasaba guheba ubuzima nk’ubw’abandi bose, bakaza riho ari ibiremwa bishasha. Bitabaye ukwo, ngo bohava basanga bari mu mayira abiri, na yo «amayira abiri akaba yarananiye imfyisi», maze ubuzima bwabo bw’ukwihebera Imana ntibuheze ngo bubaryohere.

Ngo bibuza kwubaka ingo, bakagumana ubwerentegerwa; bemera ubworo, bagahitamwo itunga ryabo rikuru, ari ryo Imana; bemera ubugamburutsi mu kuguma bakira ishaka ry’Imana, kugira ngo babere abantu b’iyi si ibimenyetso bija birabakebura ko hariho ubundi buzima budashingiye ku vyo isi ishira imbere. Na nonde indagano zabo bari baramutse bashikiriza mu buryo bw’ikimenyetso kiboneka, ngo ni vyo zibwirizwa kubashikanako.


Abagize indagano basabwa gukomera kw’ibanga

Uwuyoboye umuryango w’aba-Annonciades mu ntara yubutumwa y’Uburundi n’Urwanda, Mama Devote Nikwigize, kw’izina ry’uwuyoboye uwo muryango kw’isi yose, yarakengurukiye Umwepiskopi Mukuru w’i Bujumbura yateye iteka urwo rubanza, agahagararira umugirwa wo kwakirira abo babikira indagano zabo, abagize iza mbere n’abagize iza burundu. Yarashimiye kandi n’abavyeyi, incuti n’abagenzi baje gushigikira ibibondo vyabo.

Abari baramutse bagira indagano, Mama Devote Nikwigize yabasavye gukomera kw’ibanga. Yarabipfurije umutima waranze Bikira Mariya bisunga, ari wo: uwuzira akanenge, wicisha bugufi, w’ukwemera, w’ugusenga, w’ukwiyumanganya, uwushima ubworo, uw’impuhwe, be n’izindi ngeso nziza zaranze uwo muvyeyi, bakazigira izabo, haba mu mvugo, mu vyiyumviro no mu ngiro. Akaba yarabemereye kubashigikiza igisabisho.

Aba-Annonciades bisunga Bikira Mariya mu kumumenyesha Inkuru Nziza

Mwomenya ko umuryango w’ababikira b’aba Annonciades b’i Heverlee ari umuryango wisunga Bikira Mariya aho yaja kwa mwene wabo Elizabeti kumumenyesha Inkuru Nziza ko yibungenze umwana w’Imana (Annonciation), ari na ho havuye izina ryabo (abatoranye ubutumwa bwo kumenyekanisha Umukama).

Watangujwe mu mwaka w’1952, mu gihugu c’Ubufaransa, utangujwe na Yohana mweranda, umuvunyi wawo, uwo na we akaba yari umwigeme w’umwami w’Ubufaransa Ludoviko-XI, ariko utangura ari igisata c’abahangamana.

Wagiye gushika mu gihugu c’Ubibiligi mu mwaka w’1787, na Patiri Pierre Jacques de Clerck, kumwe na Jeanne mweranda wo mu Bufaransa, uhashika nk’igisata c’abihebeye Imana b’uwo muryango barangurira ubutumwa bwabo mu bindi bihugu (les apostoliques). Mu Burundi uwo muryango wahashitse mu mwaka w’1958, umubano wa mbere utangurira mw’i Jenda nyene.


Ibisata uwo muryango uranguriramwo ubutumwa

Kw’isi yose, uwo muryango urangura ubutumwa mu bisata vy’indero (ugukomeza ukwemera biciye mu mashure mato mato n’ayisumbuye), ukwigisha abitegurira amasakramentu, ukuvura abarwaye, ukuremesha abatagira kiraba, be n’ugufasha abibaruka.

Mu Burundi uwo muryango uhafise imibano itanu: mu gisagara c’i Bujumbura, ahari umubano mw’i Ruhero muri Paruwase Katédrale Regina Mundi; muri Paruwase Jenda ahari imibano itatu (uwitiriwe umusozi Carmel, uw’irerero ry’abanovise witiriwe umweranda Jeanne, be n’umubano Magnificat); be no muri paruwase Buziracanda ahariko haratunganywa umubano mushasha.

Mwomenya ko uwo muryango uherutse kuronswa intara y’ubutumwa mu karere k’Uburundi n’Urwanda, umukuru w’iyo ntara akaba ari umubikira w’umurundikazi nyene. Intara z’ubutumwa zose z’uwo muryango ni zitatu: uw’Ububiligi, uwa Congo iri kumwe na Cameroun, be n’Uw’Uburundi n’Urwanda.

Uwuyoboye umuryango w’aba-Annonciades mu ntara y’ubutumwa y’Uburundi n’Urwanda avuga ko ashima intambwe uwo muryango ushitseko. Umwepiskopi mukuru akaba yarakeje uwo ayoboye uwo muryango mu Burundi no mu Rwanda, kumwe n’abandi bazobandanya bayobora uwo muryango, yongera arabipfuriza inema yo kuwuyobora neza, kugira ngo akarangabutumwa kawo gashobore kugirira akamaro Uburundi n’isi yose.

Michel Nibitanga, CEDICOM

 

Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.

Yeruzalemu, igine Umukama,

ni we arungikira isi ijambo ryiwe.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)

Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.»  Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.

Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko!  Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi)   7h00 (en Kirundi) 8h15 (en Français)   10h00 (en Kirundi)   12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi) 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
C. Confession
Mardi à vendredi: après la messe matinale
Mardi et Jeudi : 16h00 Ă  17h30 (avant la messe)
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi toute la journée
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
Chapelle Busoro: 9h00
B. Adoration
Du lundi au vendredi: de 7h00 Ă  19h00
Samedi: de 7h00 Ă  13h00
Dimanche: de 13h00 Ă  16h00
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 7h30 (en Kirundi), 09h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
2. PAROISSE GAHAHE
4. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  18h00
Samedi : 05h30 Ă  06h30
2. PAROISSE GIHOSHA
5. PAROISSE KAMENGE
Messes
Paroisse: 6h00, 7h45, 9h15 (Kiswahili),11h00,16h30
Succursale Nyabagere : 6h00, 8h00, 10h00
Succursale Muyaga: 8h00, 10h00
Succursale Winterekwa: 8h00, 10h00
Succursale Gishingano : 8h00, 10h00
Succursale Nyambuye: 8h00, 10h00
Adoration Ă  la Paroisse
Mardi et Jeudi: de 7h00 Ă  18h00
6. PAROISSE KINAMA
A. Messes
Centrale: 06h00 (en Kirundi), 08h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gatunguru: 06h300 (en Kirundi), 09h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
2. PAROISSE KIVOGA TENGA
7. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
Jeudi: 16h30-17h30
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h30
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Messes de la semaine de Lundi Ă  Samedi: 06h30-17h10
Messes dominicales: 7h30-10h00, 10h00-12h30
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  14h00
2. PAROISSE BUGARAMA
3. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15 jusqu'à 18h00
4. PAROISSE KABEZI
5. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
6. PAROISSE KIROMBWE
7. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
8. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : de 15h00 Ă  16h00
9. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
10. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
11. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
12. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
13. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
Messes de la semaine du Lundi Ă  Samedi: 06h30-07h10Messes dominicales: 07h30-09h00, 10h00-11h30
B. Adoration
Jeudi : 14h00-15h00
14. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Deuxième Jeudi du mois : après la messe matinale jusqu'à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Dimanche : 7h30, 10h00
Succursale Fota: 06h30-07h30
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
5.PAROISSE GATABO
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Le premier jeudi du mois, toute la journée jusqu'à la messe de 17h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
07h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi après la messe matinale jusqu'à 17h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00-10h00, 10h30-12h00
B. Adoration
Jeudi matin: 07h15-08h15
Vendredi: 15h00-16h00
9. PAROISSE RUTONGO
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 52
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI