
Hari ku w'Imana igenekerezo rya 17 Ntwarante, aho abakuru b'imihari n'imigwi irangurira ubutumwa muri Paruwase Kinindo bazindukira mu mafungo y'ukwitegurira Pasika, amafungo yabereye muri imwe mu nyubakwa z'umubano w'aba Jésuites, i Kiriri. Ayo mafungo yari arongowe na Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA, ku civugo «Akaranga n'ubutumwa bw'umukristu muri Ekleziya», ari na co cavyaye inyigisho zibiri nyamukuru z'uwo musi, ari zo "Ubutumwa bw'umukristu muri Ekleziya, be n'ukuntu umukristu yogira ubuzima bushingiye muri Kristu nyene".

Muri ayo mafungo, Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA yatanguye asigura ico ari co «Ikarema», aho yavuze ko iryo jambo rikomoka ku giharuro «Mirongo ine» cafatiweko mu gishinga igihe c'imisi mirongo ine, igiharuro gisigura indwano y'umutima, indwano ngo yuzuyemwo umwizero w'intsinzi. Ku bwa Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA, ngo mu gihe c'ubwuzure bushasha Yezu ni we yatanguye kugira amafungo, aho yamaze imisi 40, n'amajoro 40 yisonzesheje. Ico gihe ngo ntivyari vyoroshe, kuko ngo yabihuriyemwo n'amageragezwa ya shetani. Akiri aho nyene, yaciye yibutsa abari aho ibintu nyamukuru bitatu Yezu yageragejweko: Inzara, ubutegetsi n'ubuninahazwa, maze araheza agira ati: «Na twebwe, kenshi igicumuro kitwinjirana giciye muri izo nzira».
Mw'ido n'ido ry'inyigisho na ho, Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA yaramenyesheje ko muri Ekleziya, imbere y'inama nkuru Vatikano ya kabiri, abakristu b'abalayike batari bafise ubutumwa busiguritse neza nk'uko ubu biri, kuko ico gihe ngo ubuzima bwa paruwase zabo bari babubayemwo nk'indororerezi gusa. Ngo bizosaba ko iyo nama iheza ikemeza ko na bo bashobora gushingwa ubutumwa bumwe bumwe, maze buke buke bahave batangure kugira ico baterereye mu kwubaka Ekleziya-muryango. Yisunze Ivyanditswe vyeranda nk'uko biri mu Njili za Yohani na Matayo, abanditsi b'Inkuru Nziza (Yoh.1,12-13; Mat.3,17), yasiguye ko akaranga Umukristu wese afise muri Ekleziya ari ak'ukwitwa "Abana b'Imana".

Mu gusigura akaranga k'umukristu muri Ekleziya, yisunze ingereranyo y'igicapu c'amashiga atatu, aho ngo havuyemwo rimwe atawoteka. Ngo ni na ho Ekleziya itunganije ku buryo abasaserdoti, abihebeye Imana n'abakristu bategerezwa kuba mu bumwe mu kwubaka uwo muryango bahawe na Yezu Kristu, Mutima-Mweranda akaza aba nk'ibwirizwashingiro rigenga uwo umuryango w'Ekleziya.
Yarabandanije avuga ko ari ngombwa gushingira intahe Inkuru Nziza ya Yezu Kristu n'ukwemera kw'Ekleziya yiwe, n'aho vyoba bigoye, hamwe n'ibikorwa vy'urukundo. Aha yisunze igisomwa kiri muri Bibiliya, mu gitabu c'Ibikorwa vy'abatumwa (Ibik.1,28). Ku bwiwe, ubwo butumwa ngo buraheza bukabera mu miryango, mu mibano rukristu, mu migwi n'imihari y'ubutumwa, be n'aho abakristu barangurira imirimo.
Kuri aka gace k'inyigisho, Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA yarasavye abari mu mafungo kwibaza ibibazo bikurikira: «Mbega Kristu ndamumenyesha abandi uko bikwiye? Ubwo sinca ku kuri kandi ndakuzi? Ni igiki kimbuza kumenyesha Kristu?» Mu gusaba ko umwe umwe wese yozirikana kuri ivyo bibazo, yaciye abandanya insiguro yiwe amenyesha uburyo bushasha bwo kumenyesha abandi Kristu, na bwo bukaba bukoresha ugufasha abandi mu bikorwa vy'urukundo - kuko ngo n'aho bobaye batokwemeye Yezu, ngo bahava bakamwemezwa n'ukwibonera ibikorwa vyamuka ku wamumenye.
Na ho aho Umukristu ashobora guhurira na Kristu, ngo ni mw'ijambo ry'Imana, mu kwitwararika ubuzima bw'abagowe hamwe no mu masakramentu. Ariko ngo iyo ivyo vyose bidakozwe, ngo biraheza ntibihindure ubuzima bwacu, maze bigasambura benshi, bagahava bagata n'ukwemera. Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA ageze aho, yaciye atanga akarorero k'umuhindi MAHATMA Gandhi, aho icamubujije kubatizwa ari uko yari yabonye ababatijwe baja gusenga kenshi ariko ntihagire igihinduka mu buzima bwabo.
Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA yarangije
igice ca mbere c'inyigisho asaba abo barongoye abandi gufasha abakristu ngo ntibajuragirike
mu kuja mu yandi madini. Ivyo na vyo ngo bobigira mu guha agaciro ibatisimu
baronse, mu kugira ko Inkuka ya Misa bayiha ikibanza gishimishije kuko ari igisabisho
kidasanzwe, mu kuremesha abandi, be no mu kugendera ubumwe aho baba hose.

Inyigisho ya kabiri yari ifise icivugo «Ukuba ikiremwa gishasha muri kristu». Muri iyo nyigisho, Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA, yishimikije ijambo ry'Imana riri mw'ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye abaromani (Rom.12,2), iri na ryo rikaba ridondora aho Umweranda Paulo yahamagarira abakristu guhinduka rwose no kutajana n'isi y'ubu. Ku bwiwe, ngo uwurongoye abandi ategerezwa kwidegemvya mu vyiyumviro. Musenyeri Jean-Louis NAHIMANA yagize ati: «Umugabo canke umugore yitwa "WhatsApp" aragiteye isibe, aho atujana muk inyoma kitagira izina».
Ku bw'uwo yatanze izo nyigisho, ngo kugira ngo umuntu agire ubuzima bushingiye muri Kristu, ngo ni ngombwa ko yitandukanya n'isi y'ubu, ahubwo akaba mw'ishaka ry'Imana. Yaciye yibutsa inyigisho y'Umutumwa Paulo, aho ahamagarira abantu bose uguhinduka mu mutima n'ukugira ivyiyumviro bishasha. Ariko rero, kugira ngo bashike kuri iyo ntambwe, ngo hari igisabwa, na co kikaba ari ukwakira Kristu mu buzima bwabo, ngo ni ho Na we azoca ahindura vyose.
Twomenyesha ko amafungo yagirishijwe abakuru
b'iyo mihari n'imigwi y'ubutumwa bw'Ekleziya muri Paruwase yitiriwe «Umugabekazi
w'Amahoro» ari yo mafungo yuguruye ayandi yose ategekanijwe mu ntumbero y'ukwitegurira
Pasika. Ivyo na vyo ngo vyagizwe uko ngo kabe n'akaryo kuri abo barongoye
abandi k'uko bazoheza bagahimiriza abo barongoye kwitataba amafungo azokurikira.
Amafungo yakurikiwe n'ihimbazwa ry'Inkuka ya Misa, maze haca hakurikira ukwivuna
umusase.

Ladislas NIJIMBERE, Paruwase Kinindo
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.