Iyo sikirisare igomba kuvuka ni imwe yiyongera ku ma sikirisare 10 agize Paruwase Mubimbi
Ibikorwa vy'ugusehura umusenyi vyaratunganijwe muri Paruwase Mubimbi, aho abanyamihari n'imigwi y'ubutumwa bo ku mashure tabariro ya Kinama, Rugari na Kirama bari bahuriye ahagomba kwubakwa Ishure tabariro rishashavu Kirama-Kazira, kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 27 Ndamukiza. Ivyo bikorwa bikaba vyari birongowe na Patiri ajejwe imihari n'imirwi y'ubutumwa muri Paruwase, Patiri Epitas Ngendakuriyo.
Uwo musenyi bawukura mu ruzi Nzitwe, hakaba hari imidugo mireremire, aho iyo Sikirisare igiye kwubakwa. Aho uwo musenyi bawukuye na ho hari k'ibirometero birenga 7. Patiri Epitas Ngendakuriyo yarashikirije ijambo ry'ubukengurutsi. Yabanje gukengurukira Imana, hanyuma yongera arashimira abitavye ibikorwa ku kuntu batiyumviriye ku mvura y'uku kwezi, canke ngo barabe urugendo bafashe rwabashikanye ku kibira aho iyo sikirisare izubakwa.
Yaranashimiye n'ababakrist batanze ico kibanza kizokwubakwamwo ingoro y'Imana, maze arabasabira ku Mana ngo ibongerereze umugisha wayo. Yamenyesheje abari aho ko uwushimye aba yongeje, maze aca asaba n'abandi bafise utuvi ngaho ko na bo nyene bogira umutima w'urukundo no kwitanga, kugira ngo batange ikindi kibanze ngo bubake ingoro y'lmana yagutse, kuko habonetse akabanza gato.
Yamenyeshe abari aho ko uwurinze aterera na gatoyi ku kintu kizofasha igihugu c'lmana kuza kuyininahaza, ngo aronka incuro ijana ry'ico yatanze. Yarangije amenyesha abitavye ivyo bikorwa ko badahejeje, ahubwo ko batanguye, ko hanyuma nibasubira kubatumako, bosidukana n'iyonka, kugira ngo bafashe abakristu bo kuri iyo sikirisare, gushika yuzure.

/
Inyuma y'umusaserdoti, Mwarimu mukuru wa sikirisare Kirama na we yaciye afata Ijambo, akaba yarashimiye Patiri, yongera ashimira n'abitavye ibikorwa. Yaciye anabasaba kandi kubandanya baterera inguvu n'uburyo, kuko ngo hagiye gukenerwa ibintu vyinshi bisaba inguvu n'uburyo gusumba, yongera asaba abahinga mu vy'ubwubatsi bari aho ko iyo ngoro y'lmana, nk'iyabo ko ari bo bazoyubaka mu kuza gutanga umukozi.
Umukuru mpuzamihari ku rwego rwa Paruwase na we nyene yarashimye ivyo bikorwa, maze arasaba ko no hanyuma bokwitaba ari benshi. N'uwuserukira inama y'ishure ya Kirama na we nyene yarakengurukiye Umusaseredoti n'abitavye ibikorwa vyiza baheje kurangura.
Tubamenyeshe ko iyo sikirisare igomba kwubakwa, hamaze kwubakwa umushinge, hakaba hageze kuduza impome. Twobamenyesha kandi ko iyo Sikisare igizwe n'imibano itanu(5) y'abakuze, be n'itanu y'urwaruka Banaba bizeye ko aho iyo sikirisare izokwuzurira, abakristu bazokwiyongera kuko, abahora baja ku yandi masikirisare n'a Bugarama nahandi bazoca baza kurangurira ubutumwa kuriyo sucirisare ya Kirama-Azira
Iyo sikirisare igomba kuvuka ni imwe yiyongera ku ma sikirisare 10 agize Paruwase Mubimbi. Ni muri yo ntumbero nyene Patiri ajejwe imihari n'imigwi y'ubutumwa, afadikanije na Patiri mukuru Athanase Nsabimana, be n'abatunganije ibikorwa vyo guseha umusenyi, batumiyemwo abanyamihari n'imirwi bo ku ma sikirisare atatu ari yo kinama, Rugari na Kirama, hamwe n'abarongoye imihari n'imigwi ku rwego rwa Paruwase.
Anicet Nduwayezu, Paruwase MUBIMBI