
Ku musi wa mbere ukurikira Pentekoti, abakristu barahimbaza Bikira Mariya Umuvyeyi w'Ekleziya n'uw'abantu. Ku gushaka kw'Umwungere w'Ekleziya Papa Fransisko, igisata co ku kirimba c'Ekleziya kijejwe ivy'Amasabamana n'Ihimbazwa ry'Amasakramentu (Congrégation pour le Culte Divin et la Discipline des Sacrements) carateye igikuma kw'itegeko ryo ku wa 11 Ruhuhuma 2018 (décret Prot.N.10/18). Iryo tegeko ryashikirijwe ku wa 3 Ntwarante 2018, riraheza rishinga ibijanye n'ihimbazwa ry'uwo musi (mu vyerekeye ibisabisho vyo mu Nkuka ya Misa, ibisomwa hamwe n'igisabisho c'Amashemezo y'Ekleziya vyo kuri uwo musi. Muri uyu mwaka w'2019, kw'igenekerezo ryawo rya 10 Ruheshi, ni ho hahuriranye n'umusi wa mbere ukurikira Pentekoti.
Uyu musi rero turiko duhimbaza Bikira Mariya Umuvyeyi w'Ekleziya n'uw'abantu. Ibisomwa dushikirizwa kuri uwo musi ni ivyo dusoma mu Gitabu c'Amamuko (Amamuko 3,9-15.20), canke ivyo dusoma mu Gitabu c'Ibikorwa vy'Abatumwa (Ibik.1,12-14), Igitabu c'Izabuli (Izabuli ya 87), be no mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk'uko yanditswe na Yohani (Yoh.19,25-34).
UMUVUKANO HAGATI Y'ABAKRISTU NI WO USIGURA UYU MUSI
Ntitwoshobora
kuzirikana neza ubuvyeyi bw'Umuvyeyi wa Ekleziya n'uw'abantu tutabanje
kwibukanya ico dutegera iyo tuvuze «Ekleziya». Mu gitabu cegeranirijwemwo
inyigisho ngenderwako mu kwemera, kwacu tubona ko «Ekleziya ari Umuryango
w'ababatijwe mu mazi no muri Mutima-Mweranda. Babaye abana b'Imana bwite,
barumuna ba Yezu Kristu, n'ingoro ya Mutima-Mweranda». Kuva ico gihe rero, abakristu
baravukana hagati yabo, vyumvikana ko basangiye umuvyeyi n'umuryango.
UMUVUKANO HAGATI Y'ABANTU WAMYEHO KUVA UMUNTU AKIREMWA
Kuva umuntu akiremwa, uwo muvukano wamyeho. Wagiye gutosekazwa n'igicumuro c'abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Eva. Aha rero ntitwodeha kudoma urutoke ku gicumuro c'inyanduruko cononye imigenderanire yari hagati y'Imana n'Abavyeyi bacu ba mbere. Eva yarahenzwe n'inzoka aca ahereza Adamu umugabo wiwe, maze bompi baca banduza uruvyaro rwabo rwose, gutyo, baba bagambarariye Imana.
Ariko kubera ubuvyeyi n'urukundo vy'Imana bitisubirako, Imana yahavuye isubira kurondera iyindi nzira yokirizamwo umuntu. Ni kwo kwiyumvira uwundi muvyeyi. Uwo na we ni Bikira Mariya, wa mwigeme yakingirwa igicumuro c'abavyeyi ba mbere, ateguriwe kuvyara Umucunguzi, azoza gukiza abantu ibicumuro vyabakuye ku Mana. Eva yavyaye abana arabanduza akabi, Mariya na we aje, asubira kubavyarira ku Musalaba, kandi abuhagira igicumuro bavukanye.
BIKIRA MARIYA NI UMUVYEYI W'EKLEZIYA N'UW'ISI
Bikira Mariya ni we Muvyeyi w'abazima vy'ukuri. Ibitwuhagira ico gicumuro, vyavuye ku Mwana wiwe yapfiriye ku musaraba, ahagarikiwe n'Umuvyeyi wiwe Bikira Mariya, Mariya muka Klopasi, Mariya Madalena na Yohani, wa mwigishwa Yezu yakunda cane, ari na we yaserukiye isinzi ry'abantu bakunda kandi bizigiye urukiza rwa Yezu. Ni co gituma amuraze abo yacunguye ati: «Wa Mukenyezi We nguyo umwana wawe...». Abwira wa mwigishwa na we ati: «Nguyo nyoko wawe» (Yoh.19,26-27b).
Mariya twaramugabanyeko Umuvyeyi, twaramurazwe n'Umwana w'Imana yadusubije ku Mana, akadusubiza ubuzima bw'Imana. Mariya ni Eva wa kabiri, ni we Nyina w'abazima. Nidutegere rero ubuvyeyi bwa Mariya. Augustino Mweranda ni we abusigura avuga ati: «Ku bw'umubiri, Mariya ni nyina wa Yezu Kristu; ku bw'umutima ni Nyina w'ingingo z'Umwana wiwe, kuko barafashanije mu rukundo kuvyarira abana b'Imana mw'Ekleziya...»
BIKIRA MARIYA NI NYINA W'IMANA N'EKLEZIYA
Mariya ni nyina w'Imana n'Ekleziya. Iryo ragi ry'Imana ni ibanga ry'agatangaza: Umuvyeyi w'Umwana w'Imana arazwe umwana w'abantu, aserukiye abantu bose! Iryo teka ni agatangaza k'Imana, igomvye kutwivukanisha. Bikira Mariya atuvyariye mu bubabare bwinshi. Mariya ni umuvyeyi w'Ekleziya, ayivyariye musi y'Umusalaba, arazwe abana bayo bose, kuva kuri Petero gushika ku mwana yabatijwe uyu musi. Bose bubatse Ekleziya ya Yezu Kristu. Bikira mariya atwaye ku mutima abana b'Imana n'ab'Ekleziya, ariko kandi ntiyibagira n'abataramenya Umwana wiwe, kuko na bo nyene uwo Mwana wiwe yarabapfiriye.
Uwo Muvyeyi atwigisha natwe kwibohora ibintu vyose, cane cane ibidukura ku Mana, nk'uko na We Imana yamwatse vyose, ikamwaka n'umwana wiwe w'ikinege. Natwe twemere guheba vyose ku bw'urukundo rw'Imana n'abantu. Twemere n'uguheba uruhoza rw'abantu, iyo turi mu bitugoye. Ububabare bwacu tubushikanire riho Imana, twishushanye n'Umwana wayo be n'Umuvyeyi wiwe. Ubutwari mu bitugora, tuzobukura ngaho.
Bikira
Mariya, Mugabekazi w'Isi n'ijuru, udusabire!
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Umukama yavuze ati:
«Nimwamize yompi ibicumuro vyanyu;
maze mwigirire umushaha n’umutima mushasha.»
Â
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 14-23)
Â
Muri irya misi,
Yezu yariko arirukana ishetani, nya shetani ikaba ikiragi. Isohotse, ca
kiragi gica kiravuga; ishengero na ryo rigwa mu gahundwe. Mugabo bamwe muri bo
bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.»
Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: « Twereke ikimenyetso
kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani ku bwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute? Ngasangwa
nanje nirukana amashetani ku bwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha iki? Ni
co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ugasangwa nirukana amashetani
ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
«lyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, araririye urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye akaja arabigaba.
«Uwo tudashize hamwe aranyanka, uwo twimburira kubiri arasesagura.»