
Igisata
ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kijejwe ubutumwa bw'abalayike (CDAL)
caratunganije ihwaniro ry'urwaruka, kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24
gushika ku wa gatanu igenekerezo rya 26 Mukakaro 2019, ku civugo kigira kiti
"Rwaruka, tube abasavyi b'Umukama nka Bikira Mariya, turangure ishaka
ry'Imana mu kwubaka uburundi bw'amahoro, na Ekleziya Muryango".

Ijambo
ry'ukwugurura icese ibikorwa ryashikirijwe n'icariho c'Umwepiskopi Mukuru wa
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole Ruberinyange. Ijambo ry'ikaze na
ryo ryashikirijwe na Patiri mukuru wa Paruwase yitiriwe Mikaheli Mweranda, Patiri Leonard NIMBONA, na
ryo iryo kumenyekanisha ikoraniro n'intumbero yaryo rikaba ryashikirijwe
n'Umwibutsamana w'ubutumwa bw'abalayike muri Diyoseze, Patiri Jérémie Bukene.

Inyigisho yo ku musi wa mbere yashikirijwe na Patiri Félix FUPI, Patiri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi, inyugisho yavuga iti: "Jewe ndi umusavyi w'Umukama, nibimbere uko ubivuze". Yakoresheje amajambo Bikira Mariya yashikirije umumalayika Gabrieli aho yaza kumumenyesha ko yashimwe n'Imana mu bandi bagore bose.
Ku bwa Patiri Félix Fupi, ngo Mariya yashimwe n'Imana akiri umwigeme muto wo mu runganwe rw'urwo rwaruka rwaje muri iryo koraniro. Ngo yari ameze nkabo bose, ico yari yisangije ngo ni uko yari yuzuye ubutore, umwigeme w'intore yagumije ibanga, ari na ho yaciye ahera mu gusaba urwo rwaruka ko rutokwikengera, ko nirwagumya ibanga n'ubutore, na rwo nyene Imana ishobora kurukoresha mu kurangura ishaka ryayo.

Inyuma y'iyo nyigisho, ibikorwa vyaciye bibandanyiriza mu guhereza Inkuka ya Misa yaherejwe n'Umwepiskopi w'inararibonye, Musenyeri Evariste Ngoyagoye, ari kumwe n'ivyariho vy'Umwepiskopi mu ntara z'ubutumwa zigize Diyoseze no mu ma paruwase, mu nyuma na ho bibandanyiriza mu bikorwa vyo mu migwi, n'intahe zashinzwe na bamwe bamwe mu bamaze kwinjira mu muhamagaro wabo.
Tubamenyeshe ko iryo hwaniro ryakoranije urwaruka rwaje ruva mu ma Paruwase yose agize Diyoseze.
Michel NIBITANGA, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.