
Igisata
ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura kijejwe ubutumwa bw'abalayike (CDAL)
caratunganije ihwaniro ry'urwaruka, kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24
gushika ku wa gatanu igenekerezo rya 26 Mukakaro 2019, ku civugo kigira kiti
"Rwaruka, tube abasavyi b'Umukama nka Bikira Mariya, turangure ishaka
ry'Imana mu kwubaka uburundi bw'amahoro, na Ekleziya Muryango".

Ijambo
ry'ukwugurura icese ibikorwa ryashikirijwe n'icariho c'Umwepiskopi Mukuru wa
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Anatole Ruberinyange. Ijambo ry'ikaze na
ryo ryashikirijwe na Patiri mukuru wa Paruwase yitiriwe Mikaheli Mweranda, Patiri Leonard NIMBONA, na
ryo iryo kumenyekanisha ikoraniro n'intumbero yaryo rikaba ryashikirijwe
n'Umwibutsamana w'ubutumwa bw'abalayike muri Diyoseze, Patiri Jérémie Bukene.

Inyigisho yo ku musi wa mbere yashikirijwe na Patiri Félix FUPI, Patiri mukuru wa Paruwase Katedrale Regina Mundi, inyugisho yavuga iti: "Jewe ndi umusavyi w'Umukama, nibimbere uko ubivuze". Yakoresheje amajambo Bikira Mariya yashikirije umumalayika Gabrieli aho yaza kumumenyesha ko yashimwe n'Imana mu bandi bagore bose.
Ku bwa Patiri Félix Fupi, ngo Mariya yashimwe n'Imana akiri umwigeme muto wo mu runganwe rw'urwo rwaruka rwaje muri iryo koraniro. Ngo yari ameze nkabo bose, ico yari yisangije ngo ni uko yari yuzuye ubutore, umwigeme w'intore yagumije ibanga, ari na ho yaciye ahera mu gusaba urwo rwaruka ko rutokwikengera, ko nirwagumya ibanga n'ubutore, na rwo nyene Imana ishobora kurukoresha mu kurangura ishaka ryayo.

Inyuma y'iyo nyigisho, ibikorwa vyaciye bibandanyiriza mu guhereza Inkuka ya Misa yaherejwe n'Umwepiskopi w'inararibonye, Musenyeri Evariste Ngoyagoye, ari kumwe n'ivyariho vy'Umwepiskopi mu ntara z'ubutumwa zigize Diyoseze no mu ma paruwase, mu nyuma na ho bibandanyiriza mu bikorwa vyo mu migwi, n'intahe zashinzwe na bamwe bamwe mu bamaze kwinjira mu muhamagaro wabo.
Tubamenyeshe ko iryo hwaniro ryakoranije urwaruka rwaje ruva mu ma Paruwase yose agize Diyoseze.
Michel NIBITANGA, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 6-13)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ni nde muri mwebwe afise umugenzi, agiye iwe mw’ijoro, akamubwira ati: Mugenzi, ngurana imikate itatu, kuko iwanje ndariwe n’umugenzi avuye ku nzira, ntagira ico ndamuzimana. Na we uwo ari mu nzu akamwishura ati: Nta co unyigorera, namaze kwugarira kandi twe n’abana turi mu buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndaguhe . Nyene kurarirwa yoshishikara gukomanga; ndababwiye: n’aho atovyuka ngo amuhe kuko ari umukunzi, yovyuka akamuha ivyo akeneye vyose, kuko ariko aramugora.
Nanje ndababariye: Nimusabe, muzoronka; nimurondere muzohambwa; nimwuguruze, muzokwugururirwa. Kuko uwusaba aronka, uwurondeye araronka, na we uwuguruje arugurunrwa. Muri mwebwe, hari umuvyeyi umwana yosaba umukate akamuha ibuye? Yamusaba ifi akamuha inzoka? Yamusaba irigi akamuha akamina? None, ko mwebwe, n’aho muri babi, muzi guha abana banyu ivyiza, So wanyu wo mw’ijuru we yonganya na nde mu guha Mutima Mweranda abamumusaba?»