
Ku musi w'Imana igenekerozo rya 4 Myandagaro,
muri Paruwase yo mu Nyakabiga, abari mu mugwi ufasha abakristu gushika mu bibanza
bicaramwo mw'isengero (ivyo bita «Protocole» mu gifaransa) baragize umwiherero
wabereye ku ba Seguimi, muri Karitiye Rohero, kuva igihe c'isaha zibiri gushika
kw'isaha indwi y'umuhingamo. Hatanguye uturirimbo n'igisabisho co kuninahaza
Imana, inyigisho na yo itangura kw'isaha zibiri n'igice, ikaba yatanzwe na Patiri
mukuru wa Paruwase, Patiri Désire NINAHAZIMA.

Mu nyigisho yatanze muri uwo mwiherero, Patiri Désire NINAHAZIMA, yishimikije ijambo ry'Imana riri mw'ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye abakorenti (1Kor.1,18-25) yatanguye abwira abo bari baje muri uwo mwiherero ko umwiherero ari umwanya umuntu afata, kandi akawubamwo gusumba iyindi misi yose. Ngo ni umwanya w'ukwumviriza ijwi ry'Umukama, umuntu akagabanya amajambo, ahubwo akaba riho mu gacerere.
Muri iyo nyigisho kandi, uwo musaserdoti yaravuze ingene mu muryango w'Ekleziya Kristu yatanze ingabirano zitandukanye kugira ngo zigirire akamaro bose. «Ababatijwe baraja hamwe kugira ngo bakore igikorwa c'ukwubaka umubiri wa Kristu basangiye bose hamwe», ni ko yabisiguye, aho yanabamenyesha ko ukwo bakora ubutumwa ari na kwo bakura mu kwemera, bakaba umuntu abushitse, w'igihagararo.

Iyo nyigisho yari igizwe n'uduce dutanu, ari two: Iteka rikomeye ry'inkuka y'Imisa; ibisabwa ngo inkuka ya misa ihimbazwe; ibice bikuru bikuru bigize inkuka ya misa, ingene twifata mu misa; be n'Uruhara rw'abajejwe kwicarika abakristu mw'isengero (Protocole).
Avuga ku kuntu abo bajejwe ubutumwa boburangura, Patiri Désire NINAHAZIMA yibukije ko nk'uko Imana ikunda abantu bari kurutonde ari na kwo bomenya ko bakwiye kwifata neza mw'Isengero, maze bagaheza bakaza biteguye ku mutima no ku mubiri, kugira ngo na bo nyene bakire Yezu biteguye neza, ntibaherukire gusa gufasha abandi bakristu gusenga neza, ariko bobo bafise uruhande batameze neza.

Na kwo ukugene borangura ubwo butumwa, ngo birafise akaranga bijanye, nko kuba biyumvamwo ko ari umuhagaro. Ngo ni ho biheza bikabafasha gutera imbere mu bukristu. Ikindi, ngo bokwibuka ko bari mu nzu kwa Mana yubahwa , kandi ko aho barangurira ubwo butumwa ari mu kibanza ceranda. Ku bw'ivyo, ngo boheza bakaza bambaye neza, bakibuka rero ko ahanini baje gusenga.
Ukwo gusonera ico kibanza ceranda ngo vyojana kandi n'ukwibuka iteka ry'abantu bajejwe, ko ari iteka ribereye abana b'Imana yaremye mw'ishusho yayo, na bo nyene bakabasonera, na cane cane bene abo bose bakunda kuboneka nk'abadafise iteka mu maso y'abantu, kuko imbere y'Imana barifise. Hejuru y'ivyo, uwo ajejwe kwerekana ivyicaro mw'isengero ngo yoba uri umuntu atuje, kandi agerageza kwihangana. Na ho muri ukwo kugendagenda mw'isengero berekana ivyicaro, ngo bokwirinda kugira umuvuduko.

Tubamenyeshe ko uwo mwiherero wasozerewe ku nkuka ya misa yatanguye ku gihe c'isaha zitanu n'igice, igahera kw'isaha indwi zumuhingamo.
Marie Chantal NZEYIMANA, Paruwase Nyakabiga
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.