
Inyuma y´ikiringo c´isangira ku Meza meranda
y'Umukama mu Nkuka y'imisa yaherejwe ku kirimba c'Umuvyeyi Bikira Mariya c'i
Mugera muri Diyoseze Nkuru ya Gitega, haciye haba umugirwa w'ukwishikana kuri Bikira
Mariya Umuvyeyi wa Yezu Kristu n´uw´Ekleziya. Hari kuri uyu wa kane igenekerezo
rya 15 Myandagaro 2019, umusi mukuru w'iyurizwa mw'ijuru ry'Umuvyeyi Bikira
Mariya, ukaba n'umusi w'iyugururwa icese ry'amezi atatu y'ibikorwa
vy'ukumenyesha Inkuru Nziza ku wabatijwe wese.

Abaserukiye abakristu b'abarundi mu
gushikiriza igisabisho c'ukwishikana kuri Muvyeyi Bikira Mariya ni abaserukiye
Leta y´uburundi, abaserukira Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka, uwuserukira
umugambwe uri ku butegetsi, abasaseredoti, n'abaserukira intwaro (Burumatari w'intara
ya Gitega na Musitanteri wa Komine Bugendana), abo bose bakaba mu gisabisho
bashikirije uwo Muziranenge bamusavye ngo asabire abarundi n´isi yose.

Inyuma y´ugukenguruka n´uguhezagira ibimenyetso, Umwepisikopi mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega yaciye ashikiriza igihugu ceranda c´Imana umuhezagiro w´uyo musi.

Mwomenya ko muri ukwo kwishikana
kuri Bikira Mariya kabaye n'akaryo ko guhimbaza imyaka 58 iheze Uburundi bwishikanywe
kuri Bikira Mariya Umugabekazi w´Amahoro, aho hari mu gihe Uburundi bwariko bwitegurira
ukwikukira, hakaba hari ku wa 15 Myandagaro 1961, aho abakristu isinzi n´abari
barongoye igihugu ico gihe bahurira muri ico kibanza ceranda, bitavye akamo bari
batewe n´abepisikopi.

Iyi nkuru yerekeye ukwishikana ku
Muvyeyi Bikira Mariya be n'iyugururwa icese ry'amezi atatu y'ibikorwa
vy'ukumenyesha Inkuru Nziza ku wabatijwe wese murashobora kubandanya
muyikurikirana ikibiriraho ku mihora ngurukanabumenyi y'ibi birori: Facebook, Radio Maria Burundi.

Gonzalve NTASHIMIKIRO, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Ese Imana, Yo Muvyeyi w’Umukama wacu Yezu Kristu
yomurikira imishaha
yacu,
kugira ngo
turimbure ukwizigira kumwe rudende
yaduhamagariye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (18, 15-20)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe n’umwe: agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugirwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye naho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango, uramuraba nk’umupagani canke nk’umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye:
ico muzoboha kw’isi cose kizoba
kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba
kibohowe no mw’ijuru.
Ndabibabwiye kandi:
abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose Dawe wo
mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye ku bw’izina ryanje,
mba ndi hagati yabo.»