
Umwepiskopi Mukuru wa Dioseze Nkuru ya Bujumbura, Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa, ku musi w'Imana Igenekerezo rya 8 Nyakanga 2019, yaragendeye Paruwase Buziracanda yitiriwe umweranda Papa Yohani wa 23. Umwepiskopi akaba yashitse Hageze ko Inkuka y'Imisa ya kabiri itangura.
Muri urwo rugendo rwiwe rw'ubutumwa, akaba yari yagendanye na Patiri Pierre Claver Ndayiragije, icariho ciwe mu ntara y'ubutumwa ya Muramvya, akaba na Patiri Mukuru wa Paruwase Kiganda. Patiri Mukuru wa Paruwase Buziracanda, Patiri Thomas Niragira, amaze guha ikaze Umwepiskopi Mukuru n'uwo bari bagendanye, Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa yaciye abaja imbere mu gisabisho c'Inkuka y'Imisa.
Mu gusozera Inkuka y'Imisa, Umwepiscopi
yaratekereye ishengero ry'Imana ryari aho impanuro zobafasha kwubaka Imitima y'abagize
Paruwase bose. Mu gutanga izo mpanuro akaba yafatiye ku bintu bitatu, ari vyo: uguhurumbira
Ijambo ry'Imana, bakaryitangira, bakarizirikana, bakanarisabikanya, rikababera umuco.
Ikindi yabahanuye ni uguhurumbira amasakramentu, kuko ari yo abatagatifuza, akabashikiriza
urukiza. Hanyuma rero n'ukurangwa n'ibikorwa vy'urukundo.

Imisa irangiye, Umwepiskopi yararamukije abakristu imbere y'Isengero, araheza aca aganuka amahoro.
Donatien Munezero, Paruwase Buziracanda
Aleluya, aleluya. Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota Ku bwa Kristu, nimukengurukire Imana Umuvyeyi wacu. Aleluya.
Ivyo du soma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Matayo (18, 1-5.10.12-14)
Muri irya misi, abigishwa begereye Yezu bamubarira bati: «Umukuru mu Bwami bw'ijuru ni nde?» Yezu yakuye akana agashira hagati yabo ati: «Ndababwiye, ni ivy'ukuri: mudahindutse ngo mube nk'abana batoyi, ntimuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Uwuzokwicisha bugufi akamera nk'aka kana, ni we asumba abandi mu Bwami bw'ijuru. Uwufata neza ku bwanje akana nk'aka, ni jewe aba afashe neza. Murazi umuziro, ntihagire na kamwe mukengera muri utu twana, kuko, ndabibabariye, abamarayika babo bama imbere ya Data wo mw'ijuru bamwihweza.
Mbwire namwe: nk'umuntu afise intama ijana, imwe muri zo igatakara, ntaca arekera ku musozi zimwe mirongo icenda n'icenda akaja kurondera iyatakaye? Agize imana akayitora, ni ivy'ukuri ndababariye, izomutera akanyamuneza karuta zimwe mirongo icenda n'icenda zitari zatakaye. Uko ni ko bidakundwa na So wanyu wo mw'ijuru, ko kamwe muri utwo twana gatakara.»