
Ku musi w'Imana igenekerozo rya 15 Nyakanga,
abaririmbiramana bitiriwe «Umweranda Visenti wa Paulo» bo muri Paruwase Mukiza-Mweranda
barahimbaje yubile y'imyaka 25 bamaze barangura Ubutumwa bw'uguhimbaza Imana
biciye mu ndirimbo zo mu Nkuka z'imisa. Ibirori vyatangujwe n'Inkuka y'Imisa yaherejwe
ku gihe c'isaha zine zo mu gitondo. Iyo nkuka y'Imisa ikaba yaraherejwe na Patiri
mukuru wa Paruwase, Patiri Désire Ninahazima, ari kumwe na Patiri Jules Kubwimana
yahoze aririmba muri uwo mugwi.

Mu nkuka y'Imisa, Patiri Désire Ninahazima yatumiriye
abo baririmbiramana kwinsunga ijambo Paulo yavuze, ati: «Ndakengurukira gose
uwankomeje, ari We Kristu Yezu Umukama wacu, kuko yanyizigiye, akantera iteka
ryo kumukorera.» Uwo musaserdoti yaciye ababwira ko boriroresha ku buzima bwabo,
bakitwaririka gusoma ubuzima baburoresha kuri iryo jambo Paulo yavuze
ry'ubukengurutsi, barabe ico Imana ikora mu buzima bwabo, ko ingabirano bafise
bazihawe ku bw'urukiza rwa bene wabo.

N'abaririmbiramana barakengurutse kuri iyo
myaka 25 bamaze muri ubwo butumwa, bakaba baranahaye abasaseredoti ingabire igizwe
n'umutamana bambara mu guhereza Inkuka ya misa (witwa «chasuble» mu gifaransa),
bongera barashikana n'ayandi mashikanwa agizwe n'ibifungurwa.

Tubamenyeshe ko umugwi w'abaririmbiramana witiriwe «Umweranda Visenti wa Paulo» bo muri Paruwase Mukiza-Mweranda watanguye mu mwaka w'1994, utangujwe n'abari bavuye muri Paruwase Kinama, bahunze intambara yo mu mwaka w'1993. Bashitse mu Nyakabiga, ni ho basaba Patiri Salvator, Patiri mukuru w'ico gihe, ko botangura uwo mugwi.
Mu mwaka w'1994 ni ho rero baca batangura, batangura
ari abahungu gusa, kuko no mu Kinama bahora baririmba ari abangu gusa. Ariko mu
Nyakabiga hoho, ntibashimye ko abahungu bokwinjira mu mugwi bonyene, baciye riho
biyumvira kwugururira imiryango n'abigeme. Abo baririmbiramana batanguranye
ubukene bw'ibikoresho, kuko gushika mu mwaka w'1995 ata gicurarangisho na kimwe
bari bafise. Bagiye bararonka ibikoresho buhoro buhoro.

Marie Chantal NZEYIMANA, Paruwase Nyakabiga
Aleluya.
Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,
aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa
nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko
wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi
yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi
umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo
bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe,
abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa
wampaye kuko wankunze isi itararemwa.
Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo
baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze
urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»