
Mu ntumbero y'ukurondera kumenyana gusumba uko
vyahora, urwaruka rugizwe n'imisore n'inkumi bahurikiye mu mivukano itandukanye
ikukira Paruwase Katedrale Regina Mundi barahuye ngo basenge, bongere baninahaze
Imana bari hamwe. Hari kuri uyu wa gatandatu iginekerezo rya 14 Nyakanga 2019.
Uwo musi watanguye kw'isaha zibiri n'igice zo mu gitondo (8:30), utangujwe
n'igisabisho c'ukuninahaza Imana, gikurikirwa n'inyigisho yatanzwe n'umuvukanyi
Vianney BIGIRINDAVYI ku civugo: «Guhura na Yezu».

Inyigisho y'uwo musi yari igabuwemwo ibice bitatu bigira biti: «Birihutirwa kandi birakenewe guhura na Yezu; Ubuzima muri Kristu; Ukuzigama ubucuti bw'Imana». Muri iyo nyigisho, harasiguwe ko vyihuta kandi bikenewe ko urwo rwaruka rwohura buhure na Yezu kugira ngo ahindure ubuzima bwarwo, kuko uwahuye na Yezu abigaragaza mu nyifato, ku buryo n'abandi bamubona biituma baninahaza Imana, bagaheza bakamushingira n'intahe.
Ku bw'umuvukanyi Vianney BIGIRINDAVYI, uguhura na Yezu biratuma umuntu adasubira kwiganyira, n'aho ibibazo bitabura. Yezu ngo araheza akabimuremurura, akamukiza ibicumuro, akongera akabimubohora. Ariko ivyo vyose ngo bishoboka ari uko umuntu yemeye ko Yezu yinjira mu buzima bwiwe, akanywana na we.
Uwo muvukanyi yabandanyije asigura ko ari ngombwa ko umuntu arondera ubuzima muri Yezu mu maguru masha, akamwemera ko banywana, ivyo bigaherekezwa n'ingingo umwe wese yifatira y'uguhereza ubuzima bwiwe Imana, ukugendera inyifato nziza ihesha icubahiro Imana, haba mu nyambaro, mu mvugo, mu kugira abagenzi beza, no mu kubohoka ku mpengamiro zose zimushira kure y'Imana.
Vianney BIGIRINDAVYI akaba yasavye urwo
rwaruka ko vyoba vyiza banabishize mu nyandiko, kugira ngo bazokwame bavyibuka.
Ikindi, ngo bokwihatira kwitaba amakoraniro kenshi, bakongera bakitaba n'ubutumwa,
kuko ngo ari vyo bikomeza ubucuti bushitse hamwe n'Imana.

Inyigisho zakurikiwe n'ugusabikanya ico umwe umwe wese yaronse mu nyigisho, be n'uguhanahana ico bokora kugira ngo urwaruka ruri muri Paruwase Katedrale Regina Mundi rurushirizeho guhura na Yezu. Zarangiriye ku gisabisho c'ugusozera, kw'isaha zitanu n'igice (11:30).
Twomenyesha ko imivukano ikukira Paruwase Katedrale Regina Mundi ingana icumi. Muri yo, itatu ni iyo muri Karitiye Gasekebuye, ibiri mu Kinanira ya kabiri, ibiri mu Kinanira ya gatatu, umwe wo muri Karitiye INSS, umwe muri Rohero, iyindi na yo muri Karitiye Asiatique.
Gloria NGENZEBUHORO, Paruwase Katedrale Regina
Mundi
Aleluya, aleluya.Uwunkuririra ntazogendera mu mwijima, azoronka riho umuco w’ubuzima. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12, 24-26)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, nayo rupfuye rwera vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba ariko arabutakaza, nayo uwanka ubuzima bwiwe kuri iyi si aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera n’ankurikire; bitayeko aho ndi, ni ho n’uwunkorera azoba. Uwunkorera Dawe azomutera iteka.»