
Mu gihe abakristu bo muri Paruwase yitiriwe «Mikaheli Mweranda» bariko bitegurira guhimbaza umusi mukuru w'umuvunyi w'iyo Paruwase, haratunganijwe igisabisho c'imisi icenda (neuvaine) c'ukwitegurira uwo musi mukuru ku civugo «Nagukunze urukundo rwamaho, ni co gituma nakugumirije ibanga» (Yeremiya 31,3).
Ico gisabisho kizotangura ku wa gatanu igenekerezo rya 20 gushika ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 28 Nyakanga 2019, imisi yose kuva kw'isaha icumi n'imwe n'iminuta mirongo ine n'itanu z'umugoroba (17h45) gushika kw'isaha imwe n'iminuta mirongo ine z'ijoro (19h40).
Muri ico gisabisho harategekanijwe kandi n'imisi yahariwe ukumenyesha Inkuru Nziza kuri bose (Evangelisation), kuva ku wa kabiri igenekerezo rya 24 Nyakanga 2019. Ico gisabisho kikaba kizosozererwa ku Nkuka ya misa y'ugusabira abarwaye izoherezwa ku wa gatandatu igenekerezo rya 28 Nyakanga 2019, kw'isaha icumi z'umuhingamo (16h00).
Tubamenyeshe ko umusi mukuru wa «Mikaheli
Mweranda» uzohimbazwa bukeye bwaho, ku wa 29 Nyakanga 2019. Paruwase «Mikaheli
Mweranda» irabahaye ikaze ngo musangire imigisha y'Imana.
Aleluya, aleluya. Mpumura, Mukama, niho nzokwihweza ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 14-20)
Muri irya misi, Yezu n’abigishwa biwe bari bashikiriye ishengero ry’abantu, haza umwe apfukama imbere yiwe asaba ati: «MuKama, girira imbabazi umwananje, yafashwe n’amashetani kandi arasinzikaye, uri aho yisutse mu ziko, uri aho yitaye mu mazi. Namushiriye abigishwa bawe, ntibashoboyekumukiza.» Yezu yishura ati: «Ewe bwoko bw’intemera, nzogumana namwe gushika ryari? Nzobarinda gushika ryari? Munzanire hano.» Yezu arayibwiriza, iraheza shetani iva muri nya mwana, ubwo nyene aca arakira.
Hanyuma rero, abigishwa bihereranya Yezu, bamubwira bati: «Igituma tutashoboye
kuyirukana ni iki?» Yezu arabishura ati: «Ni uko mwemera buhoro. Ndababwiye
ivy’ukuri, iyo muba mufise ukwemera kungana agatete ka sinapi, mwobariye uwo
musozi muti: Va aha, genda hariya, wogiyeyo. Nta na kimwe cobananiye.»