Inyigisho ijanye n'ukwezi kwo kumenyesha Inkuru Nziza muri Paruwase Regina Pacis yo mu Kinindo
...................................
Noba ndarwiciriye ntamenyesheje inkuru nziza. Ivyo vyashikirijwe na Patiri Salvator NGENDABANYIKWA umuyobozi w'ibikorwa ndemesha butumwa vya Papa muburundi .
Izo nyigisho zikaba zabereye kuri Paruwase Regina Pacis yo mu Kinindo kuri uyu wakabiri itariki 15 gitugutu inyuma y'iminsa yo ku mugoroba aho Patiri Mukuru w'iyo Paruwase NINDORERA Agapit yakiriye Patiri Salvator NGENDABANYIKWA.
Muri iryo kete Patiri Salvator aributsa uruhara rw'umwumwe wese mu kumenyera inkuru nziza.Arabandanya ashimika ko uwabatijwe wese ico akora cose yiga bike canke yiga vyinshi ni intumwa si umurorerezi. Aho yongera agashimira abalayike ukungene batera intambwe mu gushigikira ubutumwa n'ibikorwa muri Ekleziya canke mu madiyoseze bavukamwo. Patiri NGENDABANYIKWA aravuga ko ukumenyesha inkuru nziza atari umurimo mwitumo ari umugambi ntabanduka kandi ntubahirizwa wa Mana Data wo guhunda abantu bose urukundo rwayo,uwo mugambi wa Mana Data waserutse ubwa mbere mw'iremwa ry'ibintu vyose kandi ukibonekeza muri Yezu kristu umwana wayo w'ikinege na Mutima mweranda.
Twomenyesha ko muri yo nyigisho y'umuyobozi ndemeshabutumwa vy'ibikorwa vya Papa mu Burundi muri ryo kete yerekana:
- imvo n'imvano y'ubutumwa bwo gukwiza inkuru nziza n'abajejwe gukora ico gikorwa
- ico Ekleziya isabwe mu kumenyesha inkuru nziza
-irerekana kandi ubutumwa bwa Papa n'akarangamutima ,ikibanza c'ibikorwa vya Papa muri Ekleziya
- uburyo bwo kwinjiza umutima wo kumenyesha inkuru nziza mu bakatolika bose kuva bakiri bato nk'imikangara,
- uburyo bwo kwegeranya amashikanwa agenewe amadiyoseze ku rugero rw'ivyo imwe imwe yose ikeneye;
_ Igikorwa ca Papa citiriwe Petero Mweranda umutumwa;
-Igikorwa ca Papa c'urunani rw'abaseserdotin'abihebeye Imana bamenyesha inkuru nziza ;
- Indinganizo vya Papa;
-Umurwi wa Diyoseze wo kuremesha ubutumwa bwo gukwiza hose inkuru nziza
- Paruwase imwe imwe n'akaranga kayo
Mu gusozera muri ryo kete Patiri Salvator NGENDABANYIKWA arahamagarira umukristu wese gutegera ibikorwa vya Papa nkuko nawe ahimiriza Ekleziya gusohoka igasanga abantu Aho bari bakamenyesha inkuru nziza ko kandi ibikorwa vya Papa bifise ikibanza ntasubiririrwa.
Twobamenyesha kandi ko izo nyigisho zari zitabwe n'abakristu batari bake.
Joyce Guillaine Imanishimwe,Paruwase Regina yo mukinindo