Ku ruhande rw'abakristu b'abalayike barangurira ibikorwa vyabo mu gisata c'ubutungane, amafungo bayagirishijwe na Patiri Déo Bizimana, Patiri mukuru wa Paruwase Ngagara. Uwo musaserdoti asanzwe anazwiko kuba yaranonosoye ivyigwa vy'amategeko, mbere akaba ari n'umwe mu bahawe ubutumwa bwa Diyoseze bujejwe Sentare y'Ekleziya. Ni mu gihe mu bindi bice vy'i Bujumbura, muri ubwo bwibutsamana nyene, muri uwo mwanya nyene, hariko harabera amafungo ku bakristu bo mu bindi bisata, bane mu basaserdoti batanu bakaba ari bo bafashije muri uwo mwiherero.
Turetse uyu muhinga mu vy'amategeko, Patiri Déo Bizimana, yafashije abakristu bo mu gisata c'Ubutungane, twovuga kandi na Patiri Dieudonné Niyibizi (asanzwe ari na we ayoboye ubwo Bwibutsamana), yagirishije amafungo abo mu gisata c'ukumenyesha amakuru, ivyo na we asanzwe ari vyo yanonosoye mu mashure, kandi biri no mu butumwa bwiwe bwa misi yose. Na we Musenyeri Jean Louis Nahimana wewe yifungishije abo mu gisata c'amagara y'abantu. Patiri Pierre Maniragarura na we yafashije abo mu gisata c'ubutunzi, ubudandaji, amabanki na Posita. Hakabaho rero na Patiri Jérémie Bukene, asanzwe ajejwe n'ubutumwa bw'abalayike.
Abakristu bo mu gisata c'Ubutungane, bari kumwe n'umugwi w'abanyeshure bo kuri Kaminuza «Sagesse d'Afrique» babafashije mu masabamana y'ibisabisho, indirimbo z'ugushwangamura abo bari mu mafungo be no mu ndirimbo zaremesheje inkuka y'imisa, abari bitavye uwo mwiherero bose hamwe barashika kuri mirongo irindwi. Muri bo, harimwo Umuhanuzi mu Bushikiranganji bw'Ubutungane mu Burundi; Abahanuzi mu bisata bitandukanye vy'ubwo bushikiranganji; Abacamanza bo muri za sentare zica imanza mu gisagara ca Bujumbura; Abashingwamanza bahurikiye mw'ishirahamwe ry'abashingwamanza bo mu karere k'intara y'igisagara ca Bujumbura; n'abahinga batandukanye mu vy'ubutungane n'amategeko.

Abalayike ba Diyoseze Nkuru y'i Bujumbura na bo nyene ni abanyamuryango b'Ekleziya... ubutumwa bwabo
Ku ruhara rw'Abakristu b'Abalayike muri Ekleziya, Patiri Déo Bizimana yavuze ko, nk'abanyamuryango mu bandi, iyi nyigisho ije kubafasha kwumva ko Ekleziya-Muryango babwirizwa kugira uruhara ruboneka mu kuyubaka. Aha yabanje kubacira ku mayange ico Papa w'inararibonye, Nyenubweranda Papa Benedigito-XIV, yabivuzeko, hari ku wa 15 Munyonyo 2008, aho yariko yakira icese abagize Urwego Mpanuzwajambo rwo ku cicaro gikuru c'Ekleziya rujejwe ubutumwa bw'Abalayike. Ngo uwo Mwungere w'Ekleziya w'ico gihe yavuze ko Abalayike, mu kwunganira izindi nzego z'Ekleziya na cane cane mu bisata vy'ubuhinga, bahamagarirwa kuba umuco n'umunyu w'isi (Mat.5,13).
Aha Patiri Déo Bizimana yaciye aboneraho kwibutsa imigwi itatu yubatse Ekleziya-Muryango: Urwego rw'Abaherezankuka (Abasaserdoti, Abepiskopi n'Abadiyakoni); Urwego rw'Abihebeye Imana (Abafurera n'Ababikira); be rero n'urwego rw'Abalayike. Uwo Mwibutsamana yaraciye ku mayange uko indinganizo y'Ekleziya-Muryango yari itunganijwe imbere y'uko Inama nkuru ya kabiri y'i Vatikano (1962-1965) iyihinyanyura. Muri iyo nama, ngo ni ho hashingwa ko Ekleziya itoguma ibonwa nk'uko womenga ubutumwa bwayo buraba Abaherezankuka n'Abihebeye Imana gusa, ahubwo ko n'Abalayike bokubitiza agatima-mpembero, bakibuka ko ari Ekleziya-Muryango, maze bagatangura kwiyumvira riho uruhara bogira mu kuyubaka, kuko ngo uwabatijwe wese ari Umutumwa.
«Uwabatijwe wese abwirizwa kwiyumvamwo ko ari Umunyamuryango mu bandi, ata wikumiriye», ni ko uwo Musaserdoti yabivuze, asigura ubwo buryo bushasha bw'ugutegera insiguro y'Ekleziya-muryango. Ni ho rero yaca agaruka kuri ako gace k'uko ubutumwa nyamukuru bw'umukristu w'Umulayike ari ukumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu mu bantu biciye mu kumushingira intahe mu vyiyumviro ashikiriza, mu mvugo no mu ngiro, no mu kurangura rukristu ico yategerezwa. Yaciye asaba umwe wese mu bari muri uwo mwiherero kwibaza ati: «Ubwo vy'ukuri ndabera abandi umunyu mu gutanga akanovera k'ubuzima aho nkorera ibikorwa vyanje vya misi yose?», maze kuri aho hose asanze yarashaye, akiyemeza guhindura, nk'uko ngo ingendo yo mu gihe c'Ikarema ibimuhanura.

Nk'uwukora mu vy'uguhagararira amategeko...: uruhara mu kwubaka Diyoseze Nkuru Muryango
Umwibutsamana w'abarangura ibikorwa vya misi yose mu gisata c'ubutungane, aha yabanje gusigura umugozi upfundikanya ubuzima bw'ukuba umukozi muri ico gisata n'ubuzima rukristu. Ngo ni ho yohera ategera ico Ekleziya isaba ko umuntu, nk'umukristu, yokwifata ku buryo ivyo akora Imana ibironkamwo ininahazwa ryayo. Kuri aka gace k'inyihisho, Patiri Déo Bizimana akaba intumbero yahaye uyu mukristu yayitumbereje mu buryo bubiri. Mu ntumbero ya mbere, hari inkingi zine yasavye ko zokwisungwa, inkingi abakristu bahanurwa n'Umutumwa Paulo Mweranda, ari zo: Ukuri, urukundo, ubumwe n'ubweranda, nk'uko ziri mw'ikete uwo Mutumwa yandikiye Abanyefezi, mu kigabane ca 4 n'ica 5. Na ho mu ntumbero ya kabiri, uwo musaserdoti yasavye ukubaho kw'ukwunganirana hagati y'abasangiye umuryango umwe, ari wo Diyoseze Nkuru yabo, mu kuba abatumwa b'amahoro.
Ni ko, mu gisata c'ubutungane, ngo hariho imanza nyinshi usanga zirimwo ibintu bidaditse, ku buryo mbere no kubidadanura usanga ari nk'ukurondera umuzi w'ibuye. Ni aha rero ngo umuntu aba akwiye gusaba inema idaasanzwe ya Mutima Mweranda, akaba ariwe amumurikira, ngo amwoshe iciza yokora. Bimwe mu bidaditse yagarutseko, ngo ni nka harya uwufise ububasha mu vy'ugufata ingingo ashobora kwitwaza ububasha, maze akabwira uwo ashatse kudendereza ko mu gihe atoca urubanza nk'uko amutegetse, ashobona kumukura no mu kazi. Bene aha ngo ni ho haserukira ubukristu nyabwo, ku nyishu yiha ku kibazo nk'iki, ngo: «Mbega, hagati y'ukurangura ubutungane nkima amatwi uwuriko arampubisha, n'ukwanka guhemuka bakanyirukana ku kazi, mpitemwo iki?»
Ku kibazo nk'iko ni ho yasiguye ico yise: «Ubucamanza bwa Salomoni»
Le prêtre a proposé de se remettre dans sa conscience. Il a par-à interpellé le jugement de Salomon, l'histoire hébraïque qui met en scène le roi d'Israël, Salomon, qui a statué d'une manière déroutante sur le litige de deux femmes revendiquant chacune la maternité d'un enfant vivant contre l'autre mort. Face à l'impossibilité d'établir la vérité dans ce litige entre ces deux femmes ayant, chacune, mis au monde un enfant, mais dont l'un était mort étouffé; elles se disputaient en fait l'enfant survivant. C'est ainsi que le roi aura usé de la sagesse pour que, de ce fait, il eusse à connaitre la véritable mère de l'enfant, ce qu'il a réussi, donnant ainsi le nourrisson à sa véritable mère, et sauva ainsi la vie de l'enfant.
Pour le prêtre, quand le professionnel de la justice recherche la vérité, il instaure aussi l'amour, en cherchant l'intérêt de l'autre pour bâtir lucidement son propre intérêt.
Les professionnels du Droit... artisans de paix!
Le Prédicateur a situé le problème dans l'acceptation de soi et de l'autre. Il a reconnu que dans des relations qui sont vraies, il ne manque jamais d'incompréhensions, mais que chacun devrait actualiser son "soi" et "l'autre", ce qui lui permettra d'actualiser ses potentialités dans la paix et dans la conscience. Avec la réplique à ces incompréhensions, l'Abbé Déo Bizimana a renvoyé les retraitant à la suggestion de Saint François de Sales: «Ce que tu as mis entre toi et ton ennemi, il faut toujours te munir d'un ciseau, le prendre et couper ce cordon qui t'éloigne de l'autre».
De cette jeune Aumônerie, le prêtre a saisi de l'occasion pour présenter quelques membres laïcs du Noyau qui vont collaborer avec les cinq prêtres déjà présentés. Il a par ailleurs demandé que si jamais parmi les retraitants, il advenait que l'aumônerie convie la mission d'élargir la Commission, que celui sera choisi puisse humblement accepter de prêter son concours pour la bonne marche de la pastorale.

La retraite Pascale des laïcs professionnels du secteur de la Justice s'est poursuivie sur la réception du sacrement de réconciliation. Le Prédicateur avait prévenu que quand on se reconnait dans sa faiblesse, on est capable d'avancer; mais quand on se présente comme un saint, c'est-à -dire comme une personne ayant toutes les capacités, il devient difficile de combler son vide qu'il y'a dans sa recherche de sainteté. Il avait aussi demandé de faire l'auto-examen de conscience, pour voir s'il y'aurait quelqu'un à qui il lui serait difficile de marier la Loi divine à la loi de sa profession.
La retraite s'est clôturée sur la célébration eucharistique, dans la même salle. L'animation par des chants et la présentation des saintes Lectures liturgiques a été assurée en choeur par une équipe d'Etudiants de l'Université Sagesse d'Afrique du Campus Kamenge, qui avaient même mené toute l'animation par des chants et et la prière de louange.
Michel Nibitanga, CEDICOM