Ihezagirwa ry'isengero rya Sikirisale ya Kinama, muri Paruwase Mubimbi
Itariki: 25/06/2018Ababisomye 21462 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
"Aha hantu ni aho gusonerwa, ni Ingoro y'Imana"; ico ni co civugo ngenderwako c'ivyobirori
Ibirori vy'uguhezagira y'Isengero ya Sikirisale Kinama yo muri Paruwase Mubimbi yarabaye kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 23 Ruheshi. Abakristu isinzi bari basidukanye n'iyonka mu kwinjira icese ingoro y'Imana n'ukuyisengeramwo. Inkuka y'imisa yari irongowe na Musenyeri Anatole Ruberinyange, icariho c'Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ari kumwe na Patiri Mukuru wa Paruwase, n'abandi basaserdoti batandukanye. Iyinjirwa ry'Isengero ryatangujwe n'umugirwa wo kuyihezagira.

Amaze guca akagozi nk'ikimenyetso co kwugurura icese isengero, ahejeje kandi no gushikiriza urufunguzo Patiri Mukuru wa Paruwase Mubimbi, uno akaba ari na we yaciye ayugurura, Musenyeri Anatole Ruberinyange na we yarayihezagije amazi ahezagiye, yongera ahezagira ibibanza vyeranda biyirimwo. Aha twovuga nk'impome zayo, altali, itabernakulo n'isakirisiya. Yarahezagiye kandi n'abakristu baribaje gusengera muri iyo ngoro y'Imana.
Ibibanza bihambaye cane, ari vyo uruhimbi rw'ukwakirirako inkuka y'Umubiri wa Kristu n'amashikanwa, be n'itabernakulo Umukama avyagiramwo, vyovyo vyahezagiwe kabiri, kuko Musenyeri Anatole Ruberinyange yanabihezagije amavuta meranda ya Krisma. Ibimenyetso vy'Umukate n'Umuvinyu ni ho bizohindukira Umubiri n'Amaraso vya Yezu Kristu Umukama wacu. Abakristu bo mu Kinama ca Mubimbi kandi ngo bazohishikanira, bahashikanire ubuzima bwabo, ababo n'ivyabo vyose, ibibahimbara n'ibibagora. 

Mu nsiguro nyamukuru y'uwo musi, Musenyeri Anatole Ruberinyange yarakeje abakristu bo mu Kinama ku ngingo nziza bafashe, kuko ngo bafashe inzira ishika, inzira igana ku Mana. "Erega, hari aho umuntu aca munzira idashika, akiyonkora ku Mana", ni ko yavuze. Na we uwuciye mu nzira idashika ngo arahura n'ingorane nyinshi, amagorwa n'ibindi, kuko ataba agifise gitabara."Ariko, uwutumbereye ku Mana arahezagirwa", ni ko yabandanyije abatera intege. Nk'uko yabibandanyije, ngo abanyakinama baratumiye Imana ku musozi iwabo, none ngo nta nkeka irahatwikiriye. Ngo uwuzoza muri iyo Ngoro y'Imana azoyisangaho, maze imuvotorere ivyiza vyayo. Ngo intumwa z'Imana, abasaserdoti, abihebeye Imana n'abandi bamenyeshamana ngo bazohafashiriza abantu kunywana n'Imana.
Ngo mu kwubaka iyo Sengero, n'ubwo umuntu yohakwa kuvuga ko abo bakristu bitavye akamo abasaserdoti babateye, ngo mu vy'ukuri bitavye ijwi rya Yezu, we Mwungere mwiza azi intama ziwe kandi akazihamagara imwe imwe yose mw'izina ryayo. Ngo ni wa Mwungere mwiza ubwiwe bitavye, we Nzira, Ukuri n'Ubuzima, rero ngo iyo nzira bafashe ntibaze bayihushe. 

Musenyeri rero yaboneyeho no kubashimira kubuhinga, ku nguvu, ku mwanya n'ibikoresho batororokanije. Ngo baragaragaje ubumwe bw'abana b'Imana mu gukorera hamwe, none ngo baze bakomeze iryo sangiramutima rikomoka kuri Yezu Kristu, muri ya batisimu baronka, barizigame. Ngo ikizoza kibateranya bazogihunge, kuko ngo kizoba ari inyosha ya shetani. Mu budasa bwabo, bwaba ubufatiye ku migambwe canke ibindi vyose, ngo bazogume bakundana. Kandi noneho, ngo ugufashanya ntikuze kugarukire ku kwubaka iyo Sengero gusa, ahubwo ngo bizobandanye no mu yindi migambi y'iterambere ya Paruwase n'iya Diyoseze, ekambere no mu mibano. Ngo ntihaze hagire umunyamuryango wo mu Kinama azogorerwa aho abandi bahiririwe. Uwugwaye bazomurabe, uwupfunzwe bamugarukireko; ngo gukundana ni co Imana ibasaba.

Muri iyo nkuka y'imisa, haranahezagiriwe abagiye kuzoba abasangiji bashasha ba Paruwase, baje bava muri sikirisale zitandukanye, bose bakaba bari bakoraniye mu Kinama. Abatowe n'Umukama ngo bazomurangurire ubutumwa bwo gushira Yezu bene wabo bamushonje kandi bamunyotewe, ngo baze babamufungurire mu bimenyetso vy'Umukate n'Umuvinyu vyahindutse Umubiri n'amaraso vya Yezu Kristu, barashikirije indagano zabo, maze baraheza barakirwa icese, bongera barahezagirirwa iryo banga, ubwo butumwa. Mbere baciye batangura gukora mu murima w'Imana, kumwe na Musenyeri Anatole Ruberinyange, abasaserdoti n'abihebeye Imana, baca barashikiriza bene wabo ku nzimano y'ubuzima y'Umukama. Kuva ubu bazoyisangiza abandi, haba mw'Isengero, canke mu bavukanyi bakitswe n'amagara, babasange ku musego iyo bari.
Abakristu na bo, bamaze guhezagirirwa Isengero no kuyishikirizwa icese, baragaragaje akanyamuneza. Vigitori NGENDAKUMANA ni umukuru w'inama nkuru ya Paruwase, ni we yugururiye abandi mw'ijambo ryo kwigina ingabire baronse, yongera ashimira abantu bose bagize ico baterera ngo iboneke. Abandiba kengurutse ni musitanteri wa komine Mubimbi, Leonidasi NTIRAMPEBA, umushingamateka Zenon NDARUVUKANYE, ari na we yanaserukiye Leta y'Uburundi muri ivyo birori. 

Mwomenya ko umugambi wo kwubaka Isengero yo mu Kinama watangujwe na Patiri Deo NIYITUNGA, haraheze imyaka icumi, hari mu mwaka w'2008, aho yavuga ko hakenewe isengero yagutse kandi ihagurutse, nk'imetero 54 kuri 19, mu gihe Agasengero k'itabariro kahahora kapima imetero 10 kuri 7, kakaba kari kubakishijwe na Patiri Gerard, mu mwaka w'1935, umusaserdoti wo mu Buhonga w'ico gihe, akaba yari yahagomwe ngo ahigishirize abanyakinama ijambo ry'Imana, bongere bahigire gusoma no kwandika.

Michel NIBITANGA
niyonkinzo jean claude pacifiquesikirisare ya kinama yarakoze cn kunyubako yagize10/01/2020 isaha 16h36
Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.

Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Aleluya.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)

Imisi umunani iheze, Yezu araza

Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.

Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako.»

Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»

Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje; zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko wemere.»

Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 41
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI