Kari akanyamuneza ku bibondo vyari vyaramutse
vyakira Yezu mw'Isakramentu ry'Ukaristiya
ubwa mbere. Aho hakaba hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma, muri Paruwase yitiriwe Yohani Baptista Mweranda yo mu Gihosha.
Inkuka y'Imisa, irongowe na Patiri mukuru, Patiri Gilles Tchissambot, yatangujwe n'urugendo rwagana mu ngoro y'Imana.
Mu ntangamarara, Patiri Gilles Tchissambot yarakengurukiye abavyeyi
bashimye ko abana babo baba abagenzi ba Yezu mu kumwakira mw'Ukaristiya.
Ibisomwa vyeranda bikaba vyasomwe n'abo bana
bari baramutse bahabwa Yezu mu rusangi rwa mbere. Igisomwa ca mbere kivuye mu gitabu
c'ihunguka cagira kiti: "Ni Umukate Imana ibahaye ngo mufungure". Aho hari igihe Imana yagaburira mana abanyisrayeli bavuye mu Misiri baja mu gihugu c'isezerano. Ica kabiri na co kivuye mw'ikete Umutumwa Paulo mweranda yandikiwe
abanyefezi, abatumirira kuvavanura n'umuntu
wa kera yononekaye kubera ivyipfuzo vyiwe, bakigenza nkumuntu mushasha.
Mu nsiguro y'ijambo ry'Imana na ho, Patiri Marc
Nduwimana yaribukije abakristu ko mw'ibatisimu baronse ubuzima bw'abana b'Imana, arongera ati: "Umusi wose ujana
n'ivyawo, kuko Imana irazi ico dukeneye mu buzima bwacu, igaheza ikaduha ico
dukeneye buri musi".
Aho abo bana baja guhabwa isakramentu ry'Ukaristiya, baherekejwe n'indirimbo yatewe n'abaririmbiramana, baririmba bati: "Umubiri n'amaraso
vy'Umukama wacu Yezu Kristu bifise igiciro kinini; ingo tugende imbere ya Altari, tuje kumwakira". Abana bahawe urusangi
rwa mbere kuri uwo musi bakaba bashika 383.
Twobamenyesha ko ivyo birori bikaba vyatewe iteka
n'abasaserdoti bava mu ma diyoseze atandukanye, nka Patiri Donatien Bacinoni arangurira
ubutumwa muri Paruwasie Buyengero, Patiri Bernard Ntibuhezwa wo muri Diyoseze ya
Bubanza, abasaserdoti bo muri Paruwase ya Yohani Batista mweranda Gilles
Tchissambot, Patiri Jean Baptiste Niamy, Patiri Marc Nduwimana wo mu muryango
w'Umwungere Mwiza n'Umugabekazi w'Isenakuro (Bon Pasteur et Reine de la Paix) asanzwe afasha muri iyi Paruwase, hamwe na Patiri Jéremie Bukene, uyu wewe mbere akaba yarahanuye abo bana kutagira ikintu na kimwe borutisha Yezu, canke ngo bamugirire urwangara.
Ese ivyo bibondo vyokurana uwo mutima wo
gukunda Imana mu kwamana inyota yo kumwakira.
Guy Darcy Iradukunda, Paruwase Gihosha