

Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Mana yanje, n’umpe umutima mweranda,
unsubize akanyamuneza k’urukiza rwawe.
Â
Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza
ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (5, 1-3a. 5-16)
Â
Ku musi mukuru w’Abayuda,
Yezu aduga i Yeruzalemu. Hagasangwa rero i Yeruzalemu, iruhande y’Irembo
ry’Intama, hari iriba ryitwa mu gihebreyi Betsata, rikagira ubwugamo butanu.
Muri bwo, hama haryamye isinzi ry’abarwaye, impumyi, abacumbagira n’abamugaye.
Hagasangwa aho hari umuntu yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani ari
ikimuga. Yezu amubonye aho arambaraye, amenye kandi ko yari ameze atyo kuva
kera, amubwira ati: «Ushaka gukira?» Nya kimuga kimwishura kiti: «Mbe Mukama,
ko ntafise uwunterera mw’iriba ikivi amazi asebuye; ndamuka ngiye, ngasanga
uwundi yahantanze!» Yezu amubwira ati: «Haguruka, tora uburiri bwawe, utambuke.»
Maze ubwo nyene, nya muntu arakira, atwara uburiri bwiwe kandi agendagenda.
Hagasangwa uwo musi wari isabato.
Abayuda niko kubwira uwari yakize bati: «Ni isabato, ntushobora gutwara uburiri bwawe.» Arabishura ati: «Uwankijije ni we yambwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende.» Baramubaza bati: «Ni nde uyo muntu yakubwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende?» Uwari yakize ntiyari azi uwo ari we kuko Yezu yari yizimanganije kubera ishengero ryariho. Hanyuma Yezu amusanga mu gisengero amubwira ati: «Ntubona ko wakize, genda ntube ugicumura, woye gushikirwa n’akabi karuta.» Nya muntu aja kubwira Abayuda ko Yezu ari we yamukijije. Ni co catumye Abayuda bahama Yezu kuko yakoze atyo kw’isabato. Â