Urwaruka rungana 720 ni rwo rwitavye ibikorwa muri uno mwaka w'2020, ruronswa n'inyigisho ku civugo kigira kiti: «Urwaruka, Mizero y'ubuzima na kazoza mu miryango, mu gihugu cacu ndetse no kw'isi yose»
Mu gihe urwaruka rwo mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura rugize imisi mu bikorwa vyo mu buruhuko, ivyo bita «Camp de travail et de formation» mu rurimi rw'igifaransa, ibikorwa bitunganywa n'ikigo c'urwaruka co mu Kamenge (Centre Jeunes Kamenge), uruganda rw'ikigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c'ukumenyesha amakuru (CEDICOM) rwaragendeye urwo rwaruka, ku musi wa gatatu igenekerezo rya 12 Myandagaro, ngo rwibonere uko ivyo bikorwa biriko bigenda.Ikigo c'urwaruka co mu Kamenge (Centre Jeunes Kamenge) ni ikigo gikukira Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kijejwe ubutumwa ngororamico y'urwaruka, na cane cane uruba makaritiye yo mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura. Muri ico kigo, itunganywa rya bene ivyo bikorwa vyo mu buruhuko bwo mu ci si irya vuba, kuko vyatanguye mu mwaka w'1998, haraheze imyaka 22. Buri mwaka, ico kigo kiratunganya ibikorwa n'inyigisho ku rwaruka ruri mu buruhuko, ngo kirufashe kudasamazwa n'amarigara ataco arumariye.

Nk'uko twabishikirijwe na Blaise Pascal Nsabinganji ajejwe ivyo bikorwa, ivy'uyu mwaka vyatanguye kw'igenekerezo rya 21 Mukakaro, bikaba vyahuje urwaruka ruba mu makaritiye agize uburaruko bw'igisagara ca Bujumbura, ku civugo:
«Urwaruka, Mizero y'ubuzima na kazoza mu miryango, mu gihugu cacu ndetse no kw'isi yose». Urwaruka rungana 720 rukaba ari rwo rwitavye ibikorwa muri uno mwaka w'2020.
Blaise Pascal Nsabinganji yaratubwiye intumbero y'ivyo bikorwa, ko ari iy'ukugira ngo begeranye urwaruka mu gihe c'uburuhuko, kuko ngo ibirukwega bitagira mvura ari vyinshi, mu gihe iyo rushize hamwe inguvu rukora ibikorwa vy'iteka vyerekeza kw'iterambere, gutyo rukaba rwikingiye gutwarwa n'ibitagira mvura.
.jpg)
Ku bijanye n'ukuntu indinganizo y'ivyo bikorwa yifashe, yatubwiye ko uburuhuko bugeze, ngo bahamagaza urwo rwaruka ngo rwiyandikishe. Baraheza rero bakarugabura mu migwi mito mito igizwe n'urwaruka rungana 10, aho usanga umugwi umwe umwe ukora ikiringo c'indwi zibiri. Muri iyo misi yose, urwo rwaruka ngo rurafyatura amatafari agera ku gihumbi, rugasibura n'imiferege, rukongera kandi rugatunganya neza n'ibibanza bihuriramwo abantu benshi (espaces publics).
Nk'uko yabandanije avuga, ngo urwo rwaruka ntirukora ibikorwa vy'amaboko gusa, ahubwo ngo ruranaronswa n'inyigisho ruhabwa n'abahinga batandukanye, maze izo nyigisho zikarufasha mu buzima bwarwo bwa misi yose. Izo nyigisho ngo ruzihabwa inyuma y'umutaga, aho ruba rwahuriye hamwe muri izo nyigisho.
Ibigize izo nyigisho, ahanini ngo biba bishingiye ku gateka ka zina muntu, ukubungabunga amagara y'urwo rwaruka, be n'ugukingira ibidukikije. Muri izo nyigisho kandi, ngo rurigishwa n'ingaruka mbi z'ugukoresha nabi ubuhinga bwa none bw'ugutumatumanako amakuru.

Ku bijanye n'intambamyi mu kigo c'urwaruka co mu Kamenge bahura na zo, ngo nk'uyu mwaka bari bipfuje kwakira urwaruka rwinshi, ariko ngo kubera ko uburyo butabonetse, baciye bakira bake, ugereranije n'iyindi myaka, kuko ngo mu myaka iheze bakira urwaruka ruri hagati y'2000 na 2500.
Urwaruka na rwo ngo rurahimbarwa no kuja muri ivyo bikorwa, nk'uko Shéilla Muhimpundu, umwe muri urwo rwaruka, yabitwiganiye. Nko ku bimwerekeye, ngo imvo zituma aza muri ivyo bikorwa ni ukugira ngo yumve koko ko ari mu buruhuko mu guhura n'urundi rwaruka, yongere amenyere iyindi mico. Yaratumenyesheje ko mu myaka ine amaze aja muri ivyo bikorwa, ko bimaze kumugurira akamaro kanini. Nk'akarorero, ngo ubu aratunganya neza ibimukijije. Agahamagarira abigeme ko bovyitabira, kuko na bo nyene ngo bashoboye.
Na we Arsène Irakoze, yaratubwiye na we nyene icatumye aza muri ivyo bikorwa. Yatumenyesheje ko ari ukugira ngo yikingire amabi akorerwa mu kibano, yongere afashe abatishoboye mu kubafyaturira amatafari.
Na vyo ngo ivyamugiriye akamaro ngo ni nk'inyigisho zitandukanye yaharonkeye, kuko ngo amaze kuhamenyera ibitabereye, gutyo akaba ashobora kuvyirinda. Ikindi, ivyo bikorwa ngo vyaratumye anamenyana na benshi, kandi ko abantu bose bangana mu kugira iteka. Akaba rero ashimira cane ico kigo c'urwaruka ku kuntu ngo cafashijije urwaruka rutari ruke kuvavanura n'ingeso mbi.
.jpg)
Twaravuganye kandi n'umwe mu batanga inyigisho, Béatrice Nsengiyumva, asanzwe anakorera muri ico kigo, mu gisata co kurwanya umugera wa SIDA. Yavuze ko inyigisho batanga zigirira akamaro urwo rwaruka, kuko ngo babona uguhindura inyifato. Ariko kandi, urwo rwaruka ngo baranarufasha kwivuza mu gihe hagize uwumenyesha ko afise indwara zifatiye mu bihimba vy'irondoka.
Muri ico kigo, barasaba urwo rwaruka gushikana kure inyigisho ruronkera muri ico kigo. N'urwaruka na rwo nyene rukaba rusabira urundi rwaruka rugenzi rwarwo ko ibikorwa nk'ivyo vyotunganywa no mu yandi makaritiye.
Odrade Kaze CEDICOM