Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (21, 17-29)
Bamaze kwica Naboti, Umukama abarira umuhanuzi Eliya ati: «Va hasi, umanuke, muhure na Akabu,Umwami w’Israyeli aba i Samariya. Uramusanga muri wa murima w’imizabibu wa Naboti, ni ho yamanutse ngo awushikire. Umubarire uti: Ng’iri iriyazwe n’Umukama, ngo: Urishe, none uriko uratwara intoranwa y’uwundi! Ni co gituma Umukama avuze ati: Harya nyene imbwa zarigatiye amaraso ya Naboti ni ho zizorigatira n’ayawe.»
Akabu abarira Eliya ati: «Wagarutse kunkurikirana,
wa mwansi wanje!» Eliya na we ati: «Egome, nagarutse koko. Kuko wihevye ngo
ukore ico Umukama yanka, ndi mu kugutera amagorwa; nzokuraho uruvyaro rwawe,
mare abahungu bose bo mu muryango wa Akabu, kuko wanteye ishavu ugacumuza
Israyeli. Bisubiye kandi, no kuri Yezabeli nyene, Umukama yavuze iri jambo ngo:
Imbwa zizomurira muri wa murima w’i Yezereheli. Kandi mu bari mu muryango wa
Akabu, uwuzogwa mu gisagara wese azoribwa n’imbwa, na we uwuzogwa mu gahinga
wese azoribwa n’ibisiga.»
Ni ivy’ukuri, nta n’urnwe yigeze gukora nabi nka
Akabu, we yihebeye ububeshi agakora ico Umukama yanka kubera amohe y’umugore
wiwe Yezabeli. Koko, yama yigenza nk’umumenja mu kwihambirira ku bigirwamana,
agakurikiza imigenzo y’Abemori Umukama yari yirukanye imbere y’Abanyisrayeli.
Amaze kwumva ayo majambo ya Eliya, Akabu yaciye atabura ivyambarwa vyiwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryamana ayo magunira nyene yongera agenda yipfumbereje. Umukama arahava abwira Eliya ati: «Mbega, wabonye ingene Akabu yicishije bugufi imbere yanje? Kuko yicishije bugufi imbere yanje, sinzomutera akiri ku ngoma; ariko ku ngoma y’umuhungu wiwe ni ho nzotera umuryango wiwe.»