Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Habakuki (1, 12-2, 4)
Kuva kera na rindi,
mbese ntiwamye uri Umukama,
Imana yanje, Umweranda wanje,
Wewe udashobora gupfa?
Mukama, ico gihugu c’Abakasidimu, wagishinze,
ngo gice amateka,
wagishinze, wewe Gitandara canje,
ngo gitange amahano.
Inyonga zawe, ko zitunganye, ntizobona akabi,
nawe ntiwoshobora kwitegereza akazikira k’abantu.
None, igituma witegereza ababisha,
ukihorera igihe umubisha arotsa uwumurusha ubutungane, ni iki?
Mbese, abantu ubafata nk’amafi yo mu kiyaga,
canke nk’ivyikwega hasi bitagira ikibiganza?
Umwansi abarobesha igera bose,
akabakwega mu rusenga rwiwe,
bigatuma anezerwa agahimbarwa!
Ni co gituma urusenga rwiwe aruhereza inkuka,
umugono wiwe na wo akawosereza imibavu,
ngo ni vyo bimuzanira amafi menshi
bikamugwiriza ivyokurya.
None se, azoguma acuranura urusenga rwiwe
mu kwama atemagura ibihugu ata kigongwe?
Nzoguma mu kibanza canje c’ubureretsi,
ngume mpagaze ku munara,
nitegereze kugira ngo menye ico yombarira,
ico yokwishura ku maganya yanje.
Umukama ahava anyishura ati:
«Andika ivyo ubona,
ubishire ku dupapuro,
babashe kubisoma neza.
Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze ,
ntakabuza bizoteba biranguke.
Nivyateba, urabirorera:
bitebe bitebuke, bizoza nta gisivya.
Uwufise umutima wagoramye azohagwa,
nayo intungane izotungwa n’ukugumya ibanga.»
Icit.: Ntuheba abakurondera. (IZABURI 10, 8-9, 10-11 , 12-13)
Umukama aravyagiye imyaka n’imyaka,
ku ntebe yo gucirako urubanza;
ni we acira isi urutunganye,
agashikiriza ibihugu urugororotse.
Umukama arakabera amahungiro impahazwa,
aho ihungira mu makuba yayo
niho rero abazi izina ryawe bazokwizigira,
ntiwigera uheba, Mukama, abakurondera.
Curarangire Umukama aba kuri Siyoni,
mukwize mu mahanga ivyiza yagize;
ntatangwa guhōra amaraso asesetse,
ntiyirengagiza abarushwa bamutakambira.
Aleluya, aleluya. Mpumura, Mukama, niho nzokwihweza ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 14-20)
Muri irya misi, Yezu n’abigishwa biwe bari bashikiriye ishengero ry’abantu,
haza umwe apfukama imbere yiwe asaba ati: «MuKama, girira imbabazi umwananje,
yafashwe n’amashetani kandi arasinzikaye, uri aho yisutse mu ziko, uri aho
yitaye mu mazi. Namushiriye abigishwa bawe, ntibashoboyekumukiza.» Yezu yishura
ati: «Ewe bwoko bw’intemera, nzogumana namwe gushika ryari? Nzobarinda gushika
ryari? Munzanire hano.» Yezu arayibwiriza, iraheza shetani iva muri nya mwana,
ubwo nyene aca arakira.
Hanyuma rero, abigishwa bihereranya Yezu, bamubwira bati: «Igituma tutashoboye
kuyirukana ni iki?» Yezu arabishura ati: «Ni uko mwemera buhoro. Ndababwiye
ivy’ukuri, iyo muba mufise ukwemera kungana agatete ka sinapi, mwobariye uwo
musozi muti: Va aha, genda hariya, wogiyeyo. Nta na kimwe cobananiye.»