Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikive Abanyakorenti (9, 16-19.
22b-27)
Ncuti zanje,
Ukumenyesha Inkuru nziza si co kininahaza; ni igikorwa ngombwa kimfatira
hose. Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru nziza! Iyo mba arije ubwanje nihaye
ico gikorwa nokuyemwo impembo; noneho ko ngikora ku bw’uwundi, ni ibanga
nashinzwe. None rero, impembo yanje ni iyihe? Ni uko mu kwigisha mpeza nkigisha
Inkuru nziza ata co naka, kugira ngo ndeke gukoresha ivyo noshobora gukura ku
Nkuru nziza nyene.
Egome, n’aho ata n’umwe angaba, narigize umushumba wa bose, kugira ngo
ndushirizeho kuronka benshi. Kuri bose nigize vyose, kugira ngo mbashe gukiza
bamwebamwe uko nshobora kwose. Ivyo vyose ndabikora ku bw’Inkuru nziza, kugira
ngo ntorane mu vyiza vyayo.
Ntimuzi yuko ku kibuga c’abasiganwa bose biruka, ariko uwutwara ishimwe
akaba umwe? Namwe n’abe ari ko mwiruka ngo muritware. Uwuza kurwana wese yiyima
vyose; abo bo babigira ngo batware urugori ruhera, natwe ngo dutware urugori
rudahera. Uko ni ko niruka, ariko si nk’uwutazi iyo aja; uko ni ko nkubitana
ibipfunsi, ariko si nk’uwuhusha. Yamara mbabaza umubiri wanje ndawugira umuja,
kugira ngo, n’aho mbaye umwigisha w’abandi, jewe simbe igicibwa.
Icit.: Ese ingene ingoro zawe zihimbaye,
Mukama, Nyeningabo! (IZABURI 83 (84) 3,4, 5-6.12)
Umushaha wanje warashashaye,
ushaka gucikira inyubakwa z’Umukama;
umushaha n’umubiri wanje birigina
vyerekeye Imana nzima!
N’akanuma ari akanuma
karironkeye aho kaba;
intamba yo ironka icari
itahirizamwo uduswi twayo:
ni impimbi zawe, Mukama Nyeningabo,
Mwami wanje, Mana mfise.
Eka bane abibera mu ngoro yawe barahiriwe,
bo bagushimagiza urudahengeshanya;
hahiriwe abantu bakuzeyeko amagara,
bahoza ku mutima kuza iwawe.
Umukama Imana ni we zuba, ni we nkinzo:
Umukama ni we atanga inema n’ubuninahazwa;
ntagira iciza na kimwe yima
abagendera mu bweranda.
Aleluya, aleluya.
Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose;
ni ryo jambo ry’Inkuru nziza twabwiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 39-42)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe abagereraniriza ati: «Mbega,
impumyi yoshobora kwereka iyindi inzira? Ntizogwa zompi mu manga? Nta mwigishwa
aruta umwigisha; ariko umwigishwa nyawe wese, azomera nk’umwigisha wiwe.
Ni kuki ubona akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu, ntubone urugiga ruri mu
ryawe? Kibure, bishoboka bite ko ubwira mwenewanyu uti: Mugenzi, hinge
ndagutosore akatsi kari mu jisho ryawe, wewe utabona urugiga ruri mu jisho
ryawe? Wa mwangushi we, banza ukure urugiga ruri mu ryawe, hanyuma ubone gukura
akatsi kari mu jisho rya mwenewanyu.»