Ijambo ry'Imana
- IDOMINIKA YA 18 YO MU MWAKA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
KU WA GATANDATU
KU WA MBERE
- IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
KU WA GATANDATU:IYURIZWA MW’IJURU RYA BIKIRA MARIYA
- IDOMINIKA YA 20 YO MU MWAKA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
KU WA GATANDATU
- IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA GATATU
KU WA MBERE: BARUTOLOMEYO MWERANDA
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
UGUPFIRA IMANA KWA YOHANI BATISTA
- IDOMINIKA YA 22 YO MU MWAKA
Ijambo ry'Imana
Insiguro
Hagati mu ndwi
KU WA MBERE
KU WA KABIRI
KU WA GATATU
KU WA KANE
KU WA GATANU
KU WA GATANDATU
Umwaka A IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA 12/8/2026
KU WA GATATU
IGISOMWA CA MBEREIZABURIINKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Ezekiyeli (9, 1-7 ; 10, 18-20)

Umukama Imana ansemerera mu gutwi ati: «Mwebwe mushinzwe guhana iki gisagara, nimucegere, umwe wese atware mu minwe yiwe ico yokoresha mu gutikiza.» Abantu batandatu rero baregera, baciye ku kirimba co haruguru y'Isengero carabana n'uburaruko; umwe umwe yatwara mu minwe ico yokoresha mu gutikiza igisagara. Hagati muri bo, hari umuntu yambaye impuzu zera, afise ku mukanda ibikoresho vy’umwanditsi. Barinjira, barahagarara imbere y’uruhimbi rw’umuringa. Bwa buninahazwa bw’Imana y’Israyeli bwabora ku mukerubini buraduga ngo buje guhagarara ku kirimba c’Isengero. Umukama araheza ahamagara wa muntu yari yambaye impuzu zera kandi yari afise ku mukanda agasaho karimwo ibikoresho yy’umwanditsi, amubwira ati: «Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yeruzalemu, ugeme ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu bose baboroga bakarira kubera aya mashano yose akorerwa muri ico gisagara.»  

Ba bandi ababarira numva, ati: «Nimumukurikire munyuragire hagati mu gisagara namwe nyene, mugitere. Ntihagire uwo ijisho ryanyu riziguriza, ntihagire uwo mugirira ikigongwe: abatama n’abasore, abigeme, abana n’abagore, mubice kandi mubamare bose. Ariko, uwo wese afise ikimenyetso ku ruhanga rwiwe, ntihagire ico mumugira. Mbere, mutangurire mu ngoro yanje Batangurira rero ku batama bari imbere ylsengero. Kandi Umukama ababwira ati: «Nimuhumanye iyi Sengero, ibibuga vyayo muvyuzuze imivyimba; muheze musohoke!» Barasohoka rero, baratemagura abantu mu isagara.

Ivyo biheze, ubuninahazwa bw’Umukama buragenda buva mu kirimba clsengero ngo buhagarare hejuru y’Abakerubini. Abakerubini baragaranzura amababa yabo, baraduga bava hasi mu maso yanje; mu gihe bagenda, imipira y’urureruzo rw’Umukama vyari kumwe. Barahagarara kw’irembo ry’ikirimba c’Isengero, ryarabana n’ubuseruko, kandi ubuninahazwa bw’Imana y’Israyeli bwari hejuru yabo. Abo ni bo vya bizima nari nabonye munsi ylmana y’Israyeli, ku nkombe y’uruzi Kebari, ndaheza ndamenya yuko ari bo Bakerubini. Umwe umwe yari afise mu maso hane, umwe umwe yari afise amababa ane n’ibisa n’amaboko y’umuntu munsi y’ayo mababa. Mu maso, basa n’ivyo nari nabonye ku nkombe y’uruzi Kebari. Kandi bose bagenda babanze.