Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (11, 29-32 ;
12,19 )
Umusi uri izina, Yerobowamu avuye i Yeruzalemu, umuhanuzi Ahiya w’i Silo
aramuhamvya mu nzira; Ahiya yari yambaye umutamana mushasha kandi nta n’umwe
yari kumwe na bo bompi. Araheza Ahiya afata nya mutamana mushasha yari yambaye,
awutaburamwo ibitabu cumi na bibiri. Araheza abarira Yerobowamu ati: «Twara
ibitabu cumi, kuko Umukama Imana y’Israyeli yavuze ati: “Ngiye gutabura ubwami
mbukure mu minwe ya Salomo, nguhemwo imiryango cumi. Ariko, kubera umusavyi
wanje Dawudi no kubera igisagara canje ca Yeruzalemu nitoreye mu miryango yose
y’Israyeli, nzomusigarana umuryango umwe”.»
Uko ni ko Israyeli yatandukanye n’umuryango wa Yuda gushika n’ubu.
Icit.: Ng’iri ijwi ry’Umukama Imana yacu. (IZABURI 80 (81) 10-11ab, 12-13, 14-15)
«Iwawe ntihabe hakigera ikimana c’igitirano,
ntusenge imana y’akavantara;
ni Jewe Umukama Imana yawe,
nagukuye mu ntara ya Misiri.
«Intara yanje ntiyanyumvirije,
Israyeli ntiyansubijeko umutima;
nabarekeranye agatimatare kabo,
na bo bakwirikira iryabo risa.
«Ese bane, iyi ntara yanje, iyo inyumvira,
iyo Israyeli inyirukira,
abansi babo nobarigise nk’uyu mwanya,
kandi nohundagaje abayidurumbanya!»
Aleluya, Aleluya. Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu
Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (7, 31-37)
Yezu yavuye i Tiri aca i Sidoni
amasubiza ku kiyaga c’Ubugalile, aza mu ntara ya Dekapoli. Baraheza bamuzanira
umuntu atumva kandi w’ikiragi, bamusaba ngo amwubikeko ibiganza. Yezu rero
amukura mw’ishengero aramwihereranya, amushira intoke mu matwi, araheza acira
amate ayamukoza ku rurimi, hanyuma arangamira hejuru ariruhutsa, amubwira ati: «Efata»,
ni ukuvuga ngo: «Zibuka.» Nya matwi
arazibuka, buno nyene rwa rurimi ruragoboroka, wa muntu akavuga atobora. Yezu
rero arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babibwira, ariko uko yabibabuza, ni ko
barushirizaho kubikwiza hose. Bari batamariwe bidasanzwe, bavuga bati: «Agira
neza vyose, abatumva arabakiza bakumva, ibiragi na vyo bikavuga.»