Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (4, 23-31)
Petero na Yohani bamaze kurekurwa, barashika iwabo biganira ab’iwabo
ivyo abakuru b’abaherezankuka n’abatware bari bababwiye. Ngo bavyumve, baca bashirira
rimwe ijwi hejuru babwira Imana bati: «Mukama, ni Wewe waremye ijuru n’isi,
ibiyaga n’ibirimwo vyose. Ni Wewe wakoresheje Mutima Mweranda n’ururimi rwa
data wacu Dawudi umusavyi wawe, uraheza uvuga uti: Ni kuki ibihugu vyihaye
akamo, abantu na bo bakanama ibitaja ntibize. Abami b’isi baragararije,
benintara barakoranye ngo barwanye Umukama n’uwo yimitse. Ni ukuri, muri iki
gisagara, Herodi na Ponsiyo Pilato hamwe n’intara z’abanyamahanga n’imiryango
y’Israyeli bakoraniye kurwanya umusavyi umwe mweranda Yezu wari wimitse; kugira
ngo barangure ivyo wari washatse ku bubasha no ku bumenyi bwawe. None rero
Mukama, itegereze ingene baduhigira, maze abawe bashobore kuvuga ijambo ryawe,
batagira amakenga n’intete. Kuko nyene wama ugaranzura ukuboko, ukaba uhanuye,
kandi izina rya Yezu rikaboneraho gukora ibitangaro.»
Bugingo, bariko barasaba, bumva aho bari bakoraniye hariko haragigimba,
maze bose buzura Mutima Mweranda, bakaza baravugira hose Imana ata makenga.
Icit.: Hahiriwe uwegukiye Imana.
Canke : Aleluya. (IZABURI 2, 1-2-3, 4-5-6, 7-8-9)
Igituma ibihugu biri mu mudugararo,
iyo nduru itagira mvura ni iy’iki?
Abami b’isi baragararije,
benintara bariko barahigira Umukama n’uwo yimitse,
bati: «Ingo ducagagure imigozi batubohesheje,
dushiburire kure umuzigo baturemetse.»
Umwe avyagiye mw’ijuru biramutwenza,
Umukama abatwengera mw’ijigo;
hanyuma n’ishavu n’akantu,
ababwira ijambo ribahundagaza
ati: «Ni Jewe niyimikiye umwami wanje,
kuri Siyoni umurwa wanje mweranda.»
Nzoyaga ingingo yashinzwe n’Umukama:
yambwiye ati: «Uri umwana wanje;
ni jewe nakwivyariye uyu musi.
Nsaba, nzoca nguha ibihugu vyose bikubere iragi,
isi yose iyo iva ikagera izoca icika rwawe.
Uzobimenaguza intahe y’icuma,
maze ubijanjagure nk’uwujanjagura imibehe y’umubumvyi.»
Aleluya.
Kristu yarazutse,
umuco wiwe waratuboneshereje,
twebwe yacunguje amaraso yiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu
nk’uko yashikirijwe na Yohani (3, 1-8)
Mu Bafarizayo hari umuntu yitwa Nikodemu, umushingantahe mukuru mu Bayuda.
Agendera Yezu mw’ijoro, araheza amubwira ati: «Rabbi, turazi yuko wewe uri
Umwigisha yatumwe n’Imana, kuko na none atawushobora kugira ibimenyetso ukora
atari kumwe n’Imana.»
Yezu amwishura ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabikubwiye: uwudasubiriye kuvuka
ntiyoshobora kubona Ubwami bw’lmana.» Nikodemu aramusubiza ati: «Umuntu yoshobora
ate kuvuka kandi asbaje? None arasubira mu nda ya nyina ngo yongere kuvuka?»
Yezu aramwishura ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabikubwiye uwudasubiye kuvuka ku
bw’amazi na Mutima ntashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana. Ikivyawe n’umubiri ni
umubiri; na co ikivyawe na Mutima ni umutima. Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti:
mubwirizwa gusubira kuvuka. Umuyaga uhuhuta aho ushaka kandi wumva ijwi ryawo,
ariko ntumenya iyo uturutse n’iyo urora; n’uwuvyawe wese na Mutima n’uko ameze.»