Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (26, 7-9.12. 16-19)
Inzira y’intungane iragororotse;
ni Wewe uringaniza inzira y’intungane.
Mu nzira y’ingingo zawe, ni Wewe twama
twizigira, Mukama.
Izina ryawe n’icibukirizo cawe
ni vyo imitima yacu ihahamiye.
Umutima wanje uraguhurumbira ijoro ryose,
ubwenge bwanje burakurondera kuva mu gitondo
kare.
Iyo ingingo zawe ziserutse kw’isi,
abari kw’isi baca bamenya ubutungane.
Mukama, n’utugabire amahoro,
kuko uhora utugirira ibikwiranye n’ibikorwa vyacu.
Mukama, mu magorwa ni ho tukurondera,
amahano uduha ni yo adutera amaganya.
Umugore akuriwe, igihe c’ukuvyara gishitse,
araribwa agatakishwa n’ibise vyiwe;
uko ni ko tumeze natwe
imbere yawe, Mukama:
Twari dukuriwe, turaribwa,
ariko twabaye nk’abavyaye umuyaga gusa;
nta rukiza twazaniye isi,
nta muntu yavutse kw’isi.
Abari bapfuye bazosubira kuba bazima,
imivyimba y’abantu izozuka.
Nimwikangure, nimuvyine,
mwebwe mwari mwaryamye mu mukungugu;
kuko ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi,
no mu gihugu c’urupfu ubuzima buzosubira kuboneka.
Icit.: Umukama ari mw’ijuru
yarakebutse
arunama araba isi. (IZABURI 101 (102) 13-14b.15, 16-18, 19-21)
Ariko, Wewe Mukama, uzohangama imyaka yose,
bazokwama bakwibuka imyaka n’imyaka.
Haguruka, girira imbabazi Siyoni,
kuko igihe co kuyigirira ikigongwe gishitse.
Abasavyi bawe barahurumbira amabuye yayubatse,
maze ngo babone ingene yasenyutse baravyura
ikigongwe.
Ibihugu vyose bizotiya izina ry’Umukama,
abami bo kw’isi bubahe inganji yiwe,
igihe Umukama azosubira kwubaka Siyoni,
igihe bazomubona mu nganji yiwe,
igihe azokwumwiriza igisabisho c’abarushwa,
ntanegure ico bamusavye.
Bazohava bavyandikire urwaruka rw’imyaka izoza,
kandi igihugu gishasha kininahaze Imana, giti:
«Umukama yarakebutse, arunama araraba isi,
ari mw’ijuru no mu gisagara ciwe;
ngo abashe gutega amatwi amaganya y’imbohe,
kandi arokore abagana urupfu.»
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri
irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi
muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko
ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko
k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo
nzobashinga ntibizobavuna.»