Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (47, 1-9. 12)
Muri irya misi, Umumarayika yangarukanye ku muryango w’ingoro y’Umukama,
nca mbona amazi ariko ariburuka ava musi y’urwinjiriro rw’ingoro mu buseruko,
kuko ingoro yari yerekeye mu buseruko nyene. Ni uko rero, ayo mazi yatemba ava
iburyo bw’ingoro kandi yaca mu bumanuko bw’uruhimbi. Araheza aranjana,
turarengana ikirimba cerekeye mu buraruko dukikuza urugo gushika ku kirimba
cerekeye mu buseruko; na ho nyene, amazi yariko arasokoroka ava ku ruhande rw’i
buryo. Uwo Mumarayika araheza yigira mu buseruko afise umugozi mu minwe,
arawugeresha intâmbwé igihumbi; araheza anjabutsa ayo mazi; ayo mazi na yo
akandenga ibirenge. Arongera agera intâmbwé igihumbi, araheza anjabutsa ayo
mazi; ayo mazi na yo angera ku mavi. Arongera agera intâmbwé igihumbi, araheza
anjabutsa ayo mazi; ayo mazi na yo angera mu rukenyerero. Hanyuma aragera
ikindi gihumbi, biba uruzi ntashobora kujabuka, kuko amazi yari yuzuye
ntihagire n’umwe ashobora kujabuka. Araheza ambwira ati: «Mbe, wa mwana
w’umuntu we, wabibonye?» Hanyuma naho, turagenda, turahava tugaruka ku nkombe
y’uruzi. Ngarutseyo, mbona yuko hari ibiti vyinshi cane ku nkombe y’uruzi,
hakuno no hakurya.
Araheza ambwira ati: «Ayo mazi ariko aratemba mu buseruko, ngo amanuke mu
kiyaya ca Araba, abone gushika mu kiyaga c’amazi y’icunyunyu, kugira ngo akize
ayo mazi abe meza. Aho urwo ruzi ruzotembera hose, ibiri mu mazi vyose bizobona
kuramba n’ukugwira. Ifi nyinshi zizosagarara kuko ayo mazi akiza ivyo vyose
yinjiyemwo, ubuzima bugaseruka aho ayo mazi ashitse hose. Ku nkombe zompi
z’urwo ruzi, hazomera igiti cose cama ibiribwa. Bizokwama bitotahaye kandi
ntaho bizobura ivyamwa. Bizotanga ivyamwa bishasha rimwe mu kwezi, kuko
bitungwa n’amazi avuye mu ngoro nyene. Ivyo vyamwa bizoba ivyokurya, ibibabi
vyavyo bibe umuti wo kuvura.»
Icit.: Imana y’ijuru n’isi,
turi kumwe. (IZABURI 45 (46), 2-3, 5-6, 9.11)
Imana ni yo mahungiro yacu, ni yo magara yacu,
ni yo mirukiro ya misi yose mu magorwa;
n’aho isi yohinduka,
n’aho imisozi yosenyukira mu biyaga,
nta codutera ubwoba.
Hari uruzi: imigende yarwo irahimbaye umurwa w’Imana,
ari wo ngoro nyeranda rwose ya Rudasumbwa;
Imana iri hagati muri wo, ikawuhagarikira,
Imana irawurarira bugaca.
Gende, mwitegereze ibitangaza Umukama yagize,
ingene yateye akoba isi.
«Humure, menya ko ari Jewe Mana,
ni Jewe ngaba nkaganza vyose.»
Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Mana yanje, n’umpe umutima mweranda,
unsubize akanyamuneza k’urukiza rwawe.
Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza
ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (5, 1-3a. 5-16)
Ku musi mukuru w’Abayuda,
Yezu aduga i Yeruzalemu. Hagasangwa rero i Yeruzalemu, iruhande y’Irembo
ry’Intama, hari iriba ryitwa mu gihebreyi Betsata, rikagira ubwugamo butanu.
Muri bwo, hama haryamye isinzi ry’abarwaye, impumyi, abacumbagira n’abamugaye.
Hagasangwa aho hari umuntu yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani ari
ikimuga. Yezu amubonye aho arambaraye, amenye kandi ko yari ameze atyo kuva
kera, amubwira ati: «Ushaka gukira?» Nya kimuga kimwishura kiti: «Mbe Mukama,
ko ntafise uwunterera mw’iriba ikivi amazi asebuye; ndamuka ngiye, ngasanga
uwundi yahantanze!» Yezu amubwira ati: «Haguruka, tora uburiri bwawe, utambuke.»
Maze ubwo nyene, nya muntu arakira, atwara uburiri bwiwe kandi agendagenda.
Hagasangwa uwo musi wari isabato.
Abayuda niko kubwira uwari
yakize bati: «Ni isabato, ntushobora gutwara uburiri bwawe.» Arabishura ati: «Uwankijije
ni we yambwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende.» Baramubaza bati: «Ni nde uyo
muntu yakubwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende?» Uwari yakize ntiyari azi uwo
ari we kuko Yezu yari yizimanganije kubera ishengero ryariho. Hanyuma Yezu
amusanga mu gisengero amubwira ati: «Ntubona ko wakize, genda ntube ugicumura, woye
gushikirwa n’akabi karuta.» Nya muntu aja kubwira Abayuda ko Yezu ari we
yamukijije. Ni co catumye Abayuda bahama Yezu kuko yakoze atyo kw’isabato.