Ku musi w'Imana igenekerezo rya
14 Munyonyo 2021, muri Paruwase Ruziba,haravutse ku mugaragaro
umubano mushasha witiriwe «Bernadeta Mweranda», uwo musi ukaba wasozera imisi myinshi bari
bamaze bitegurira mu mihana iwabo.Inkuka ya misa ivyo birori vyabereyemwo ikaba yari irongowe na Pierre Claver GACUMU,Patiri mukuru w'iyo Paruwase
Abakristu bagize uwo mubano mushasha bakaba bashimye kuwitirira «Bernadeta Mweranda» ari nawe batoye ngo azobabere umuvunyi. Uwo mweranda nawe akaba yaranzwe no gufasha abagowe, kuraba abageze mu za bukuru
no kuraba impfuvyi akabafasha nk’uko twabiyagiwe na Médiatrice Kankindi umwe mu
bagize uwo mubano.
Mw’ijambo ryiwe, inyuma y’insiguro y’ijambo ry’Imana ry’uwo munsi yashikirije abakristu Pierre Claver Gacumu Patiri mukuru wa Paruwase Ruziba ari nawe yari arongoye inkuka ya misa uwo mubano wakiriwemwo, yarashimye ukuntu witunganije mu kwegeranya abakristu bavuye muma paruwase atandukanye baje kugerera muri Karitiye nshasha ya Nyabugete ya kane.
Uwo musaserdoti yabandanije abasaba kubandanya
bisunga ingendo y’uwo muvunyi wabo agira ati «Ndizeye ko muzobishobora kuko ubuja
gusha buratagata kandi uwuja gutamba neza umubona agikenyera ». Aca arereka
abari mu ngoro y’Imana abawurongoye n’abagize uwo mubano bari aho bose, agirako
abasabira imihezagiro.
Twobamenyesha ko kwemererwa ku mugaragaro ari uburyo
bwo gushigikira Ekleziya ihera mu miryango iwabo.
Emmanuel
Harimeshi, Paruwase Ruziba
Aleluya, aleluya.
Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 6-13)
Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ni nde muri mwebwe afise umugenzi, agiye iwe mw’ijoro, akamubwira ati: Mugenzi, ngurana imikate itatu, kuko iwanje ndariwe n’umugenzi avuye ku nzira, ntagira ico ndamuzimana. Na we uwo ari mu nzu akamwishura ati: Nta co unyigorera, namaze kwugarira kandi twe n’abana turi mu buriri, sinshoboye kuvyuka ngo ndaguhe . Nyene kurarirwa yoshishikara gukomanga; ndababwiye: n’aho atovyuka ngo amuhe kuko ari umukunzi, yovyuka akamuha ivyo akeneye vyose, kuko ariko aramugora.
Nanje ndababariye: Nimusabe, muzoronka; nimurondere muzohambwa; nimwuguruze, muzokwugururirwa. Kuko uwusaba aronka, uwurondeye araronka, na we uwuguruje arugurunrwa. Muri mwebwe, hari umuvyeyi umwana yosaba umukate akamuha ibuye? Yamusaba ifi akamuha inzoka? Yamusaba irigi akamuha akamina? None, ko mwebwe, n’aho muri babi, muzi guha abana banyu ivyiza, So wanyu wo mw’ijuru we yonganya na nde mu guha Mutima Mweranda abamumusaba?»