Ku musi w'Imana igenekerezo rya
14 Munyonyo 2021, muri Paruwase Ruziba,haravutse ku mugaragaro
umubano mushasha witiriwe «Bernadeta Mweranda», uwo musi ukaba wasozera imisi myinshi bari
bamaze bitegurira mu mihana iwabo.Inkuka ya misa ivyo birori vyabereyemwo ikaba yari irongowe na Pierre Claver GACUMU,Patiri mukuru w'iyo Paruwase
Abakristu bagize uwo mubano mushasha bakaba bashimye kuwitirira «Bernadeta Mweranda» ari nawe batoye ngo azobabere umuvunyi. Uwo mweranda nawe akaba yaranzwe no gufasha abagowe, kuraba abageze mu za bukuru
no kuraba impfuvyi akabafasha nk’uko twabiyagiwe na Médiatrice Kankindi umwe mu
bagize uwo mubano.
Mw’ijambo ryiwe, inyuma y’insiguro y’ijambo ry’Imana ry’uwo munsi yashikirije abakristu Pierre Claver Gacumu Patiri mukuru wa Paruwase Ruziba ari nawe yari arongoye inkuka ya misa uwo mubano wakiriwemwo, yarashimye ukuntu witunganije mu kwegeranya abakristu bavuye muma paruwase atandukanye baje kugerera muri Karitiye nshasha ya Nyabugete ya kane.
Uwo musaserdoti yabandanije abasaba kubandanya
bisunga ingendo y’uwo muvunyi wabo agira ati «Ndizeye ko muzobishobora kuko ubuja
gusha buratagata kandi uwuja gutamba neza umubona agikenyera ». Aca arereka
abari mu ngoro y’Imana abawurongoye n’abagize uwo mubano bari aho bose, agirako
abasabira imihezagiro.
Twobamenyesha ko kwemererwa ku mugaragaro ari uburyo
bwo gushigikira Ekleziya ihera mu miryango iwabo.
Emmanuel
Harimeshi, Paruwase Ruziba
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»