Ku musi wa gatatu ,igenekerezo rya 29 Ruheshi 2022, abakristu ba katolika bazohimbaza
umusi mukuru wahariwe abatumwa Petero na Paulo Beranda bo ari inkingi za Ekleziya.
Â
Aho Yezu-Kristu aziye hano kw’isi, isinzi ry’abantu ryaciye rimukurikira
ngo rimwumvirize. Abanyuzwe n’inyigisho yiwe, baguma bongerekana ku musi ku
musi, kuko yagira neza aho aciye hose kandi nta n’umwe yavuga neza nka we,
arico catuma abantu isinzi bamugendanira. Mur’abo bagendanyi ba Yezu,yaratoyemwo
 icumi na babiri ngo bamane na we,  yaciye abita abatumwa. Muri bo, harimwo uwitwa
Simoni, ariwe Yezu yahavuye yita Petero, akamugira n’umukuru w’abatumwa. Yezu
yamubwiye ati: “Uri Petero no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje, n’ingabo za
Shetani ntizizoyisenyura”(Mt.16,18).
Â
Imbere yo kuzuka mu bapfuye agomba gusubira mw’Ijuru, Yezu yarabonekeye abatumwa
cumi n’umwe kuko Yuda umwe yagurisha Yezu batari bwamusubirize,Yezu yababwiye
ati: “Kwire
isi yose mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose.”Gutyo rero yari
ahejeje gushikiriza abatumwa biwe igikorwa co kubandanya gukomeza Ekleziya.
Igihe naho abajije Petero gatatu kose ko amukunda, yaciye amuha ubutumwa bwo
kuragira intama ziwe, amugira  umukuru
n’umuyobozi w’Ekleziya, aba kandi icariho ciwe kw’isi. Petero kandi yarakoze
birashimwa,arashingira intahe Yezu gushika n’aho abizira. Mu mwaka wa 64, kw’itegeko
ry’umwami w’abami Neron niho Petero yatabwa mw’ibohero i Roma,ari naho yiciwe ,
amanitswe ku musalaba nka Yezu-Kristu.
Â
Petero kuko yubaha cane Yezu, yaciye yisabira ko bo mubamba bomucuritse,
umutwe ukaraba hasi, amaguru nayo araba hejuru.Igihe Petero na Yohani bafatwa bari
i Yeruzalemu bakajanwa imbere ya sentare bahorwa kwigisha Yezu-Kristu, Petero
yavuze ko bategerezwa kugamburukira Imana kuruta abantu. Hasigaye amezi make ngo
Petero agandagurwe, yararemesheje abakristu b’i Roma ati: “Ni babagirira nabi muhorwa ko
muri abigishwa ba Yezu-Kristu, murashimira Imana ko muri abakristu”.
Yezu-Kristu yaje kw’isi asanga abayahudi bafise ukwemera kwabo gushimikiye ku
mateka ya Musa be no mu nyandiko nyeranda.
Â
 Mu bayahudi, harimwo uwitwa Sauli
yamuka i Tarisi, umwe ivyabona vyashinga impuzu mu gihe Stefano mweranda
yaterwa amabuye n’abayahudi ahorwa ko yemera Yezu. Ataramenya Yezu, Sauli
yarahama abakristu, akabata mw’ibohero. Sauli agiye i Damas gufata abayoboka
Yezu-Kristu ngo ababohe, niho umuco uvuye mw’ijuru wamuhwikira, ijwi rivuye
mw’ijuru rimubwira riti: Sauli, Sauli umpamira iki? Na we
yishura ati: Uri nde ga Mukama? Rya jwi riti: Ndi Yezu uriko urahama.
Sauli amaze kumenya Yezu, yaciye ahindurirwa izina, yitwa Paulo,akurikira Yezu
n’umutima wiwe wose n’ubwira bwinshi.
Â
Umutumwa Paulo mweranda yaragize ingendo nyinshi aja kumenyesha  inkuru nziza ya Yezu-Kristu mu makungu iyo
bataramumenya, mu bihugu vy’abapagani. Muri ubwo butumwa, Paulo yarahaboneye
amagorwa menshi cane: yarakubiswe inkoni, kenshi yaragarukiye ku cobo, baramukubita
ibitsibo, baramuteye amabuye, gatatu ubwato bwaramumenekanye amara ijoro
n’umutaga mu nyenga. Mu ngendo yagize yama ageramiwe n’inzuzi, n’abanyamahanga,
n’ibisagara hamwe n’ubugararwa,n’ibiyaga. Hari n’aho yageramirwa n’abiyita
benewabo atari bo.
Â
Akenshi yicwa n’uburuhe kubera ibikorwa vyinshi, inzara n’inyota, ukurara maso,imbeho
n’ibindi, ariko icamuhagarika umutima wari umwitwarariko w’ama Ekleziya yose (2Kor.11,23
-28). Mu
mwaka wa 67, niho yafatwa agatabwa mw’ibohero i Roma, niho yagandaguriwe aciwe
umutwe. Mw’ibohero, yavuze ati: “Mboshwe nk’inkozi y’ikibi mporwa kumenyesha
Inkuru nziza y’urukiza, ariko Ijambo ry’Imana ryo ntiriboshwe,nico
gituma vyose ndiko ndabirinda ku bw’abatowe, kugira ngo nabo bashikire
ubukiriro buri muri Kristu-Yezu hamwe n’ubuninahazwa bwamaho” (2Timote2,9-10).
Â
Uko niko abo batumwa bakuru Petero na Paulo, ari bo twita inkingi za
Ekleziya, babaye intwari mu kwanka
guhemuka kw’ibanga ryabo no mu kwemera Yezu-Kristu gushika gupfa kwabo,Petero
na Paulo beranda, mudusabire inema y’ukugira ubutwari mu buzima bwacu.
Â
Michel
Nibitanga,CEDICOM
Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Mana yanje, n’umpe umutima mweranda,
unsubize akanyamuneza k’urukiza rwawe.
Â
Urakaninahazwa, Kristu,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza
ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (5, 1-3a. 5-16)
Â
Ku musi mukuru w’Abayuda,
Yezu aduga i Yeruzalemu. Hagasangwa rero i Yeruzalemu, iruhande y’Irembo
ry’Intama, hari iriba ryitwa mu gihebreyi Betsata, rikagira ubwugamo butanu.
Muri bwo, hama haryamye isinzi ry’abarwaye, impumyi, abacumbagira n’abamugaye.
Hagasangwa aho hari umuntu yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani ari
ikimuga. Yezu amubonye aho arambaraye, amenye kandi ko yari ameze atyo kuva
kera, amubwira ati: «Ushaka gukira?» Nya kimuga kimwishura kiti: «Mbe Mukama,
ko ntafise uwunterera mw’iriba ikivi amazi asebuye; ndamuka ngiye, ngasanga
uwundi yahantanze!» Yezu amubwira ati: «Haguruka, tora uburiri bwawe, utambuke.»
Maze ubwo nyene, nya muntu arakira, atwara uburiri bwiwe kandi agendagenda.
Hagasangwa uwo musi wari isabato.
Abayuda niko kubwira uwari yakize bati: «Ni isabato, ntushobora gutwara uburiri bwawe.» Arabishura ati: «Uwankijije ni we yambwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende.» Baramubaza bati: «Ni nde uyo muntu yakubwiye ngo: Tora uburiri bwawe ugende?» Uwari yakize ntiyari azi uwo ari we kuko Yezu yari yizimanganije kubera ishengero ryariho. Hanyuma Yezu amusanga mu gisengero amubwira ati: «Ntubona ko wakize, genda ntube ugicumura, woye gushikirwa n’akabi karuta.» Nya muntu aja kubwira Abayuda ko Yezu ari we yamukijije. Ni co catumye Abayuda bahama Yezu kuko yakoze atyo kw’isabato. Â