Aleluya, aleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato
ibitangaza
vy’Ubwami bwawe!
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu
Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (12, 38-44)
Yezu yongera kubwira abigishwa biwe mu nyigisho ati: «Muririnda abigisha bakunda kwambara imitamana iremvye, kugirwako bwakeye ku mbuga ahabona, kwicara ku ntebe z’imbere mu masinagoga, kwitanganiza imbere mu batumire, bakongera bakarya utuntu tw’abapfakazi, bakivugisha ibisabisho birebire ; urubanza bazocirwa ni agahambaye.»
Hanyuma, Yezu yicara imbere
y’ishinguriro ry’amaturo y’igisengero, araba aho ishengero ritereramwo ibiceri,
abakungu benshi batereramwo menshi. Haza umupfakazi w’umurushwa atereramwo
udusenge tubiri. Buno nyene, Yezu akebura abigishwa biwe, arababwira ati: «Ni
ukuri ndababwiye: urya mupfakazi yabarushije bose. Abandi bose bashizemwo
umusesekara, ariko we yakoze mu bworo bwiwe, yatanze itunga ryiwe ryose,
ivyomutunze vyose.»
Â