Aleluya.
Umukama yavuze ati: «Sinzobasiga muri impfuvyi,
ndagiye kandi nzogaruka,
maze umutima wanyu wuzure akanyamuneza.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 20-23a)
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Ni ukuri ndababwiye ivy’ukuri: muzorira
mwongere mwiganyire, isi na yo yibereye mu kanyamuneza; muzoba mu maganya,
ariko aya maganya azohinduka agahimbare. Umugore iyo ari ku nda, ariganyira
kuko ubutigu bwashitse; ariko amaze kwibaruka aca yibagira amakuba yarimwo,
akanezerwa n’uko umuntu avutse mu bandi. Na mwebwe ubu murijiriwe, ariko
tuzosubira kubonana, umutima wanyu wuzure akanyamuneza, bisubiye ako
kanyamuneza ntawuzokabakurako. Kuri uyo musi, nta co muzoba mukinsiguza.»
Â