Aleluya, aleluya. Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota Ku bwa Kristu, nimukengurukire Imana Umuvyeyi wacu. Aleluya.
Ivyo du soma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk'uko yashikirijwe na Matayo (18, 1-5.10.12-14)
Muri irya misi, abigishwa begereye Yezu bamubarira bati: «Umukuru mu Bwami bw'ijuru ni nde?» Yezu yakuye akana agashira hagati yabo ati: «Ndababwiye, ni ivy'ukuri: mudahindutse ngo mube nk'abana batoyi, ntimuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Uwuzokwicisha bugufi akamera nk'aka kana, ni we asumba abandi mu Bwami bw'ijuru. Uwufata neza ku bwanje akana nk'aka, ni jewe aba afashe neza. Murazi umuziro, ntihagire na kamwe mukengera muri utu twana, kuko, ndabibabariye, abamarayika babo bama imbere ya Data wo mw'ijuru bamwihweza.
Mbwire namwe: nk'umuntu afise intama ijana, imwe muri zo igatakara, ntaca arekera ku musozi zimwe mirongo icenda n'icenda akaja kurondera iyatakaye? Agize imana akayitora, ni ivy'ukuri ndababariye, izomutera akanyamuneza karuta zimwe mirongo icenda n'icenda zitari zatakaye. Uko ni ko bidakundwa na So wanyu wo mw'ijuru, ko kamwe muri utwo twana gatakara.»