Aleluya, aleluya.
Jewe ndi Inzira, Ukuri n’Ubuzima.
Nta wuja kwa Data, atanciyeko.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 20-25)
Muri irya misi, Abafarizayo bari babajije Yezu igihe Ubwami bw’Imana buzozira, Yezu arabishura ati: «Ubwami bw’Imana ntibuzanana imenyetso ziboneka, ngo bavure ngo: Buri aha, canke ngo: Buri hariya; kuko Ubwami bw Imana buri muri mwebwe.»
Abwira rero abigishwa biwe ati: «Hazoza igihe muzokwipfuza ubona umusi
n’iyo woba n’umwe w’Umwana w’umuntu ntimuwubone. Bazobabwira bati: Ehe
ng’uriya! canke bati: Ehe ng’uyu! Ntimujeho, ntimubakurikire! Nk’uko umuravyo
urabiriza mu ruhande rumwe rw’ijuru ukaboneka ku rundi ruhande, uko ni ko
Umwana w’umuntu azoba ku musi wiwe. Yamara abwirizwa kubanza kubabara menshi n’uguhebwa
n’abantu b’iyi myaka.»Â