Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Umukama yavuze ati:
«Nimwamize yompi ibicumuro vyanyu;
maze mwigirire umushaha n’umutima mushasha.»
Â
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 14-23)
Â
Muri irya misi,
Yezu yariko arirukana ishetani, nya shetani ikaba ikiragi. Isohotse, ca
kiragi gica kiravuga; ishengero na ryo rigwa mu gahundwe. Mugabo bamwe muri bo
bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.»
Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: « Twereke ikimenyetso
kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani ku bwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute? Ngasangwa
nanje nirukana amashetani ku bwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha iki? Ni
co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ugasangwa nirukana amashetani
ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
«lyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, araririye urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye akaja arabigaba.
«Uwo tudashize hamwe aranyanka, uwo twimburira kubiri arasesagura.»