Aleluya, aleluya. Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame, ndayarangure n’umutima wanje wose. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (12, 1-8)
Muri irya misi, Yezu aca mu mirima y’ingano ku musi w’isabato. Abigishwa biwe bashonje bamyoza uduhundo tw’ingano, bagirako baraturya. Abafarizayo ngo babibone, baramubwira bati: «Abigishwa bawe bagira ikizira ku musi w’isabato!» Na we arababwira ati: «Ntimwasomye ico Dawudi yagize aho yasonza be n’abo bari kumwe, ingene yinjiye mu ngoro y’Imana akarya imikate y’imperezwa carazira ko barya, nta we nta n’abo barikumwe kiretse abaherezankuka gusa? Canke ntimwasomye mu Gitabu c’Amategeko ko abasherezankuka bakora ikizira kw’isabato ariko ntibacumure? Nanje ndababwiye ko ngaha hari uwuruta Igisengero. Iyo muba mwategereye ico bivuga: Sinshaka inkuka mugabo imbabazi, ntimwociriye rubi izo ntungane. Na none, Umwana w’umuntu aragaba n’isabato.»